Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 26 Ruheshi 2006. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 1 Rusama gushika ku ndwi itangura ku wa 26 Ruheshi 2006. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37.]
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Guhindagura ijwi bisobanura iki, kandi ni kubera bihambaye? [be rup. 111, inzitiro]
2. Tworobeka gute ingendo yacu y’ukuvuga igihe dushikiriza insiguro? [be rup. 112 ing. 3–rup. 113 ing. 1, uruzitiro]
3. Dushobora gute kugira ubushwashwanutsi ku bijanye n’ivyo tuzoshikiriza mu nsiguro yacu, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye? [be rup. 115 ing. 1–rup. 116 ing. 2, inzitiro]
4. Igihe twigisha abandi, ni kubera bihambaye rwose ko tugira igishika, kandi ni igiki codufasha kugaragaza iyo kamere? [be rup. 118 ing. 2–rup. 119 ing. 5]
5. Sigura igituma ibimenyetso vy’umubiri no mu maso bihambaye igihe tuyaga n’abandi. (Mat. 12:48, 49) [be rup. 121, inzitiro]
IKIGANIRO NO. 1
6. Igitabu ca Yobu gihayagiza gute Yehova kikongera kigashimika gute ku ngingo mfatirwako ziwe zigororotse zigenga uburyo bwo kubaho? [bsi06 rup. 13 ing. 39, 41]
7. Ni ibiki vyemeza ko igitabu ca Zaburi ari ic’ukuri? [bsi06 rup. 16, 17 ing. 10-11]
8. Igihe mu Migani 13:16 havuga umuntu akorana ubwenge canke ubukerebutsi, hoba haba hariko havuga umuntu w’umunyamayeri? Sigura. [w04 15/7 rup. 28 ing. 3-4]
9. Impwemu yera itubera gute nk’umwitsa, kandi kumenya ivyo bikwiye kuturemesha gukora iki? (Yoh. 14:25, 26) [be rup. 19 ing. 2-3]
10. Muri rusangi bivugwa ko ari mu buryo ubuhe Yezu aza, kandi ni ‘ukuza’ nyabaki Yezu yariko avuga muri Matayo 16:28? [w04 1/3 rup. 16 uruzitiro]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Ni igiki dushobora kwigira ku nyishu Yobu yahaye Yehova iri muri Yobu 42:1-6?
12. “Ivy’ubusa” amahanga aguma agira ingingo ni ibiki? (Zab. 2:1, 2)
13. Ayo matanguriro asamburwa ni ayahe? (Zab. 11:3)
14. Ni mu buryo ki uwukora ivy’ubwibone ‘asubirizwa mu nkōko kenshi’? (Zab. 31:23)
15. Ni impumurizo iyihe dushobora gukura muri Zaburi ya 40 yodufasha kunyinyana n’agasembwa k’umubiri munyacaha no kwihanganira ivyago bitandukanye biterwa n’iyi si? (Zab. 40:1, 2, 5, 12)