ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/06 rup. 1
  • ‘Nimunkurikire ubudahengeshanya’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nimunkurikire ubudahengeshanya’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Tubeho tutacinezereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Niwigane Yezu mu gukorera abandi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Wotanga iki ngo ubandanye kubaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • ‘Banza Witwararike Ubwami’
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 5/06 rup. 1

‘Nimunkurikire ubudahengeshanya’

1 Abantu benshi bashingira ubuzima bwabo ku gukora ibibahimbara gusa, ariko rero akenshi usanga ata gahimbare bafise. Igihushanye n’ivyo, Yezu yahimirije ubuzima buranga ugutanga kutarimwo ubwikunzi kubera butuma umuntu agira agahimbare nyakuri (Ivyak. 20:35). Yavuze ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke . . . , [“ankurikire ubudahengeshanya”, NW]” (Mrk. 8:34). Ivyo ntibigarukira gusa ku kuza umuntu ariyima ibintu bimwebimwe binezereza. Bisobanura ko ku musi ku musi tubaho tutinezereza, ahubwo tunezereza Yehova.—Rom. 14:8; 15:3.

2 Rimbura akarorero k’intumwa Paulo. Kubera “ubumenyi bw’agahebuza [bwerekeye] Kristu Yezu”, Paulo yarahevye kwiruka inyuma y’ivyo yipfuza, maze yihebera uguteza imbere ivyungura Ubwami (Flp. 3:7, 8, UB). Yavuze ati: “Kubganje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose” mu gukorera abandi (2 Kor. 12:15). Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Ndiko nkoresha gute umwanya wanje, inguvu zanje, ubushobozi bwanje hamwe n’ivyo ntunze? Noba nishinga guteza imbere inyungu zanje, canke ndondera kunezereza Yehova?’.

3 Uturyo two gutanga: Uko umwaka utashe, abasavyi b’Imana barahebera umwanya urenga amasaha umuliyaridi ca gikorwa kirokora ubuzima co kwamamaza Ubwami. Mw’ishengero, abato cokimwe n’abakuze, bararangura ibikorwa bitandukanye bashinzwe vyungura abandi. Hari n’ibindi bikorwa vyinshi bikorwa ku bijanye n’amateraniro be n’amahwaniro, tudasize inyuma ivyo kwubaka no kubungabunga inyubakwa zikoreshwa ku bwo guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Niwiyumvire kandi imfashanyo iranga urukundo itangwa n’abavukanyi bari muri ya Makomite aja inama n’ibitaro, no muri ya Migwi igendera Ivyabona barwaye. Bene utwo twigoro twose turanga ukwitanga, turafitiye akamaro abavukanyi bacu bakirisu.—Zab. 110:3.

4 Turaronka uturyo two kwitanga mu buryo bwinshi igihe hadutse icago canke haje ikindi kintu cihutirwa. Ariko rero, kenshi na kenshi, twoshobora kubona ko umukirisu mugenzi wacu akeneye imfashanyo canke indemesho (Imig. 17:17). Iyo twitanze tubikunze ngo dukorere abandi kandi duteze imbere ivyungura Ubwami, tuba turiko turakurikiza akarorero ka Yezu (Flp. 2:5-8). Ese twokwihata uko dushoboye kwose kugira ngo tubandanye dukora gutyo!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika