Isekeza ryo kw’isi yose ryo gutangaza rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”
Abamamaji bo mw’ishengero rimwerimwe ryose bazotanga udupapuro tw’ubutumire tudasanzwe
1 Guhera muri Rusama 2006 (mu bihugu bimwebimwe), kubandanya gushika urukurikirane rw’amahwaniro azogirwa mw’isi yose rurangire, hazogirwa isekeza kw’isi yose ryo gutangaza ya mahwaniro y’intara azobera mu bihugu nka 155. Muri iryo sekeza hazotangazwa n’amahwaniro adasanzwe yategekanijwe kuzobera mu Budagi, muri Repubulika y’Abaceke no muri Polonye, muri Mukakaro no mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa Myandagaro 2006.
2 Uravye ukuntu tugeze mu gice ca nyuma c’iki gihe c’iherezo, ayo mahwaniro, ayazoba ashimika ku muhango Imana yatanze wo kuturokora ikadukura muri iyi si mbi, ntazobura gukwegera rwose abantu bari mu mero nziza y’umutima. Ubutumwa buzoshikirizwa burakwiye kuzotuma barimbura ibiraririye gushika. Kugira ngo abantu amamiliyoni bahabwe akaryo ko kwumva ubutumwa buhumuriza kandi butanga icizigiro, amashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 98.000 ahimirizwa kugira uruhara yivuye inyuma mu gutangaza ihwaniro ry’intara azokwitaba.
3 Amashengero azohabwa udukaratasi tw’ubutumire duhagije ku buryo umwamamaji umwumwe wese azoronka udushika kuri 50. Utuzosaguka twose turashobora gukoreshwa n’abatsimvyi bo mw’ishengero. Mw’ishengero rimwerimwe ryose, iryo sekeza rizotangura hasigaye indwi zitatu ngo ihwaniro ryabo ribe. Ivyo bikwiye gutuma haboneka umwanya uhagije wo guhetura igice kinini c’icibare c’ishengero, canke nya cibare cose.
4 Vyoba vyiza aho bishoboka hose umwamamaji yihereye agapapuro k’ubutumire uwo basanzwe baganira wese. Ariko rero, niba hari abatari i muhira, agakaratasi k’ubutumire karashobora gusigwa munsi y’umuryango bigiranywe ukwiyubara. Harakwiye kugirwa akigoro gakomeye ko gutanga udukaratasi tw’ubutumire twose muri izo ndwi zitatu.
5 Turizigiye yuko intahe ikomeye izoshingwa bivuye kuri ako kigoro kazogirwa kw’isi yose ko gutangaza rya Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”, nk’uko vyerekanywe muri iki kiganiro. Dusenga dusaba ko Yehova yohezagira cane utwigoro wewe ubwawe uzogira mu kugira uruhara muri iryo sekeza ryo kw’isi yose.