Akigoro kazogirwa kw’isi yose ko gutangaza Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”
Abamamaji bazosubira gutanga udupapuro tw’ubutumire tudasanzwe
1 Mu mwaka uheze isekeza ryagizwe kw’isi yose ryo gutangaza Ihwaniro ry’intara ryari ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”, ryaragize ikintu kinini rikoze ku bantu bashimishijwe. Abemeye ubwo butumire budasanzwe bakaryitaba, barasangiye ari bwo bwa mbere n’Ivyabona vya Yehova amazimano menshi yo mu buryo bw’impwemu (Yes. 65:13). Barahimbawe no kuba bari kumwe n’abavukanyi n’abavukanyikazi b’igishika kandi bunze ubumwe (Zab. 133:1). Kugira ngo dushobore gufasha benshi bashoboka kwitaba Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”, tuzosubira gutanga kw’isi yose udupapuro tw’ubutumire tudasanzwe.
2 Ico vyavuyemwo mu mwaka uheze: Twisunze amaraporo yavuye mu bice vyose vyo kw’isi, gutangaza Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”, vyaravuyemwo ibintu vyiza utoraba. Twaravuzwe neza mu mihingo myishi. Nk’akarorero, mu gisagara kimwe, hari ikinyamakuru casohoye ikiganiro canditse mu nkingi zitandatu kivuga ibijanye n’iryo sekeza, cagira giti: “Kugira ngo Ivyabona bashikire abantu bose imbere y’uko iryo hwaniro riba, baragize akigoro kadasanzwe, bararushirije gukwiragira hirya no hino, barakora amasaha menshi kuruta, baragira ingendo ndende kuruta kandi bararushiriza kunyarutsa”. Ukuba utwo dupapuro tw’ubutumire twatanzwe mu buryo buri ku rutonde, vyatumye ikimenyeshamakuru co mu kindi gisagara gishimishwa n’ico kintu, maze kiragira ico kibivuzeko mu buryo bugera kure. N’imiburiburi ibinyamakuru bitatu vyaravuze mu buryo bwiza ibijanye n’igikorwa cacu imbere yuko iryo hwaniro riba. Umwanditsi umwe w’ikinyamakuru yaranditse ibiganiro nka bingahe bigera kure, ivyo bikaba vyari ku mpapuro zirenga zibiri zo mu kinyamakuru kimwe gisohoka ku w’iyinga. Ico kinyamakuru caraciye irya n’ino ibijanye n’ukwizera kwacu, ivyerekeye umuryango wacu w’abavukanyi, ibijanye n’ugutanga twa dupapuro tw’ubutumire be n’ibijanye n’iryo hwaniro. Igihe umwamamaji umwe yashikiriza ubwo butumire umuntu yari asanze ku muhana, uno yaciye amuciramwo ati: “Emwe, nariko ndasoma ibijanye n’ivyo mu kinyamakuru!”. Uwundi munyamuhana yavuze atangaye ati: “Nari mpejeje gusoma ibiberekeye, none ehe raba turareha! Ubwo ni ubutumire munzaniye?”. Yaciye yongerako ati: “Iki ni ikintu ciza cane Ivyabona vya Yehova bariko barakora”.
3 Abantu benshi bashimishijwe baraje ahabera iryo hwaniro bafise udupapuro twabo tw’ubutumire mu minwe. Hari abashimishijwe bagize ingendo n’imodoka bava mu bisagara vya kure kugira ngo bitabe iryo hwaniro. Utwigoro twagiranye umwete kugira dutumire abandi turi mu vyatumye igitigiri c’abitavye ihwaniro congerekana. Nk’akarorero, mu gihugu kimwe harabaye iyongerekana ry’ibice 27 kw’ijana vy’abantu bitavye iryo hwaniro ugereranije n’abaryitavye mu mwaka wahera.
4 Guhetura icibare: Mwoshobora gutangura gutanga utwo dupapuro tw’ubutumire hagisigaye indwi zitatu ngo mugire ihwaniro. Mukwiye kuzogira akigoro kadasanzwe kugira ngo muheture icibare ishengero ryanyu ryakebewe. Mu mashengero afise icibare kinini, mu ndwi ya nyuma imbere y’uko ihwaniro riba, abamamaji babigiranye ukwiyubara, boshobora gusiga ako gapapuro k’ubutumire aho batasanze abantu. Amashengero arakwiye gukora uko ashoboye kwose kugira ngo atange udupapuro twose tw’ubutumire yahawe yongere aheture igice kinini gishoboka c’icibare cayo. Udupapuro twose tuzosaguka, dukwiye gukoreshwa n’abatsimvyi bo mw’ishengero.
5 Ico wovuga: Woshobora kuvuga uti: “Turiko turashikiriza kw’isi yose ubu butumire bwerekeye ikintu gihambaye cimirije. Ubwawe ng’ubu. Ibindi uraza kubibonamwo”. Tuvuze make mu gushikiriza ubwo butumire bizotuma dutanga bwinshi. Ariko ntiwumve, niba uwo wasanze ku muhana afise ibibazo, nufate umwanya wo kuvyishura. Mu gihe hari uwushimishijwe, numwandike ahantu maze uzogaruke kumugendera vuba bishoboka.
6 Ese ukuntu bihambaye ko twihatira gukurikira Kristu (Yoh. 3:36)! Ihwaniro ry’intara twimirije rizofasha abazoryitaba bose gukurikira Kristu. Ata gukeka turizigiye yuko hazosubira gushingwa intahe ikomeye bivuye kuri ako kigoro kazogirwa ko gutangaza Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”. Ku bw’ivyo rero, nube umunyamwete mu gutumira abantu benshi bashoboka kugira baze baryitabe. Ese Yehova yohezagira cane akigoro uzogira muri iryo sekeza rizoba kw’isi yose!