Bika neza iyi nyongera
Ingene twotera iteka Yehova mu buzima bwacu
Igice ca 2—Mu kuba maso ku migenzo itari iya gikirisu
1, 2. Imigenzo yose yoba ari mibi? Sigura.
1 Intumwa Petero yanditse ati: “Abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’umugayo imbere yiwe” (2 Pet. 3:14). Mu gukurikiza iyo mpanuro, Ivyabona vya Yehova barahevye imigenzo itari iya gikirisu. Abariko barigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova barashobora kuzirikana ku migenzo imwimwe idahimbara Imana ivugwa mu cigwa ca 11 c’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.
2 Ikizwi coco, ni uko hariho imigenzo ibereye ihuza n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Ubwakiranyi, kwubaha abakuze, hamwe no gufasha abakene biri muri iyo. Kenshi na kenshi, usanga hariho iyindi migenzo nk’iyijanye n’inyambaro canke iyijanye n’uburyo bwo kuramukanya idatuma umuntu arenga ku ngingo ngenderwako za Bibiliya. Yamara rero, hariho imigenzo myinshi ibabaza ya Mana y’ukuri. Imigenzo nk’iyo ishobora gushirwa “mu migenzo y’imburakimazi [t]warazwe na ba sokuru”, iyo Petero yabwiye abakirisu bo mu ntango ngo birinde (1 Pet. 1:18, UB). Vyoba vyiza twumviye imburi ya Paulo igira iti: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije . . . ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, . . . bidakurikira Kristo” (Kol. 2:8). Nimuze dusuzume ahanini imigenzo mikeyi ikunda kugirwa mu karere turimwo.
Ugukebwa
3, 4. (a) Ugukebwa kw’abahungu kwari gufise uruhara uruhe muri Isirayeli ya kera? (b) Nuvuge ubwoko bumwebumwe bw’ugukebwa budahimbara Yehova.
3 Bibiliya ntibuza ko abahungu bakebwa. Kanatsinda, ugukebwa kwari umuce w’Ivyagezwe Yehova yahaye Abisirayeli, kandi gushika ku rupfu rwa Yezu, umuhungu yaba atakebwe yafatwa ko ahumanye. Yamara rero, Ivyagezwe vyari “umurezi aturera akadushikiriza Kristo”, nta kindi vyari bimaze. Ugukebwa kw’abahungu muri iki gihe nta kamaro kadasanzwe bifise mu nyonga z’Imana kandi ntibisabwa ku mukirisu.—Gal. 3:24; 5:6.
4 Rero, iyo abavyeyi bahisemwo ko abahungu babo bakebwa, kumbure bitumwe n’imvo z’amagara, ico ni ikibazo kibega ubwabo. Ariko rero, ahantu hamwehamwe usanga harashinzwe imisi idasanzwe igenewe ugukebwa ikivunga kw’abahungu bafise imyaka kanaka. Imisi mikuru irimwo indirimbo be n’intambo irategurwa kugira batere iteka abo bahungu bakebwe bongere babatire ngo baje mu mugwi w’abakuze. Ivyo birori birajanye n’ivy’idini, kandi umukirisu ntakwiye kwigera agira uruhara mu migenzo nk’iyo idatera iteka Imana.
5. Ni ingorane izihe zifitaniye isano n’ugukebwa kw’abakobwa zishobora gushika?
5 Bite hoho ku vyerekeye ugukebwa kw’abakobwa? Uwo mugenzo uracariho mu bihugu bitari bike vyo muri Afirika. Hari uburyo bwinshi bwo kubigira, ariko uko biri kwose biratuma abo bakobwa bagira ububabare bukomeye kandi bakababarira ubusa. Hari ikinyamakuru kimwe kivuga giti: “Ingorane zikunze guca zishikira umukobwa akimara gukebwa ni ukugira ububabare bukomeye, ukuvirirana, ukwononekara kw’ibihimba bihegereye, ukwandura indwara ziterwa n’imikorobe, canke ugupfa”. Nta gukeka, abavyeyi bakirisu ntibakwiye kureka ngo abakobwa babo bamererwe gutyo! N’igihambaye cane ni uko bifitaniye isano n’ugusenga kwa gipagani.
6. Ni ingingo ngenderwako izihe zishingiye ku Vyanditswe zigira ico zivuze ku bijanye n’ugukebwa kw’abakobwa?
6 Ugukebwa kw’abakobwa kuramerera nabi umugore mu bijanye no guhuza ibitsina, kandi Yehova yatunganije ko umugore ahimbarwa igihe arangurana amabanga y’abubatse ari kumwe n’umugabo wiwe. Bivugwa ko iyo umukobwa akebwe bimukingira akaguma ari isugi mu gihe aba akiri umwirebange. Yamara, ugutsimbataza ingingo ngenderwako za gikirisu ni kwo gukingira umwigeme akaguma ari isugi, si ugukebwa. Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ndamukiza 1993, yavuze iti: “Inyigisho ni yo ishobora kubuza umuntu gukora ibibi, si ukwo gukebwa kw’abakobwa. Tubitangire akarorero: Ubwo twoba dukwiye guca amaboko y’inzoya kugira ntizizobe ibisuma zimaze gukura? Canke twoba dukwiye guca indimi zazo kugira ntizizokwigere zivuga nabi zimaze gukura?”. Gukeba umukobwa kurimwo akaga kandi gushobora gutuma umuntu yagirwa n’amaraso (1 Ngo. 11:17-19; Zab. 51:14). Umuntu wese yemera uwo mugenzo w’ubugizi bwa nabi aba akengera Yehova, we ‘soko ry’ubuzima’ akaba n’Umutanzi w’ “ingabirano nziza yose”. Ikindi kandi, aho ubutegetsi bwabujije uwo mugenzo, abavyeyi bakirisu bategerezwa gukurikiza iryo tegeko (Zab. 36:9; Yak. 1:17, UB; Rom. 13:1). Abavyeyi bakirisu bemera ko abakobwa babo bakebwa, kumbure boba badakwije ibisabwa vyotuma baterwa uduteka tudasanzwe two gusukura mw’ishengero. Ni ko vyogenda no ku muvukanyikazi w’umwirebange yemera ko bamugirako uwo mugenzo n’ibigirankana.
Ibiheko
7. Kwambara ibiheko bifitaniye isano n’iki?
7 Kuva kera na rindi, abantu barambara ibiheko kugira bikingire. Ibiheko bimwe bikozwe mu bwoya bw’ibikoko, mu magufa yavyo, mu menyo yavyo canke mu nzara zavyo. Ibindi bikozwe mu vyuma, mu mpuzu, mu buyeye canke mu bintu bituruka ku biterwa. Mu Misiri ya kera, ibiheko wasanga bigizwe n’ubuyeye be n’ibindi vy’ubundi bwoko bakunda kuvyambara ku bw’imvo zijanye n’amareba.
8. Ni ibibazo ibihe bidufasha kubona ingeramizi zijanye n’ukwambara ibiheko?
8 Hamwe umukirisu yoba afise ibintu nk’ivyo, vyoba vyiza yibajije ati: ‘Ni kubera iki mfise ibiheko? Noba nemera ko binkingira indwara, amasanganya, kubonwa nabi, canke impwemu mbi? Kuba ndavyambaye hari ico bigira ku bandi? Incuti nizabona abana banje bavyambaye, ubwo ntizohava ziza ziransaba ngo ngire uruhara mu yindi migenzo ya gipagani?’. Ivyo biheko ntibikingira umuntu. Ahubwo, vyotuma umuntu yikwegera ibitero vy’amadayimoni canke bigatuma yisuka cane mu vy’amareba. Ibiheko si ibisharizo vyibereye aho gusa. Birafitaniye isano n’ugusenga abadayimoni, uwo na wo ukaba ari umugenzo wonona ubucuti dufitaniye na Yehova.—Gus. 18:10-12; Gal. 5:19-21; Ivyah. 21:8.
Inkwano be n’ubugeni
9. (a) Ni ingingo ngenderwako izihe zo mu Vyanditswe zikwiye kuyobora abavyeyi bakirisu mu bijanye no kwaka inkwano? (b) Ni kubera iki umuvukanyi afise umwigeme yimirije kwubaka urwiwe adakwiye kwemerera incuti zitizera ngo zitunganye ibijanye n’inkwano be n’ubugeni?
9 Ingabirano abavyeyi baronka bwa nkwano ziravugwa muri Bibiliya. Igihe bariko baraganira ku bijanye n’ukuntu Rebeka yokwabirwa na Isaka, umusuku wa Aburahamu “[yarasokoroye] utugenegene tw’ifeza n’utw’izahabu, n’impuzu” (Ita. 24:53). Ivyo bintu yabihaye Rebeka, nyina wiwe be na musazawe, abo mu muryango ushika. Mu Vyanditswe ntahavuga ko hari izindi ncuti zahawe inkwano. None abavyeyi bakirisu boba bakwiye kwemera abo mu muryango batizera akaba ari bo baka inkwano? Rimwe na rimwe, abo bantu barasavye inkwano y’umurengera canke basa n’abadandaza umukobwa ku muntu atanga vyinshi kurusha abandi. Abavyeyi b’inkerebutsi baririnda agatima k’amaronko maze bakarindira uwobabera umukwe akunda Yehova kandi afise umwete mu bikorwa vya gikirisu, ni ukuvuga umuntu yisunga ukuri mu buzima bwiwe.
10. Nuvuge imigenzo imwimwe yohumanya ubugeni bw’umukirisu.
10 Ubugeni bw’abakirisu bukwiye gushemeza no gutera iteka Nyene gutanguza umubano w’abubatse, ari we Yehova Imana. Paulo yahanuye abizera ati: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana” (1 Kor. 10:31). Abakirisu ntibokwipfuza ko ubugeni bwo mu muryango wabo busiga iceyi Yehova be n’ishengero ryiwe. Mu gihe umukirisu agize ubugeni, ntibikwiye kuba icitwazo c’uko abantu badandahirwa bakongera bakaborerwa. Ahantu hamwehamwe muri Afirika, mu rubanza rw’ubugeni, abantu barakunda kuvyina canke gutamba imvyino zishemagiza imigenzo ijanye n’ivy’irondoka mu kumija umuceri canke mu kugira iyindi migenzo ya gipagani. Imigenzo nk’iyo ntikwiye kugirwa mu bugeni bw’abakirisu.
11. Ni ibintu ibihe bikwiye kwitwararikwa mu gihe Ingoro y’Ubwami itegerezwa gukoreshwa ku bw’ibirori vy’ubugeni?
11 Nimba Ingoro y’Ubwami ikoreshwa ku bw’ibirori vy’ubugeni, ivyo bikwiye kwitwararikwa mu buryo budasanzwe. Abakurambere bakwiye kuraba ko ukuntu ubugeni butunganijwe kutoba guteye kubiri n’ingingo ngenderwako za gikirisu. Ku bijanye n’ivyo, Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1984 watanze iyi mpanuro: “Ku Ngoro [y’Ubwami], hakwiye kuvugirizwa gusa imiziki ibereye, nk’irya dusanga mu gitabu c’indirimbo c’Ivyabona vya Yehova. Amashurwe ayo ari yo yose canke ivyo gushariza bisa n’ivyo, bikwiye kugirwa ku rugero. Ukwo nyene ni ko bikwiye kumera ku bijanye n’ukuntu amafoto afatwa be n’ukuntu abageni binjira mu Ngoro [y’Ubwami].—Ab’i Filipi 4:5”. Twovuga iki ku bantu batorwa ngo baze muri urwo rubanza rw’ubugeni? Ico kinyamakuru nyene congeyeko giti: “Ariko rero gukora ibitegereka birakenewe ku bijanye n’ukuntu abantu baja muri urwo rubanza bakwiye kungana be n’ingene bakwiye kuba bambaye be n’ivyo bokora. Ntivyoba bibereye ko abaciwe canke abantu babayeho mu buryo buteye isoni buhushanye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya baba bari mu rubanza rw’ubugeni (2 Ab’i Korinto 6:14-16). Aho gucagura abantu bazwi cane canke aboterera ibintu vy’igiciro kinini, mwene abo bagiye kwubakana batari bake (be n’ababavugira ijambo) bashima gutumira ku musi mukuru w’ubugeni abantu bafatanije na bo mu gusukurira Yehova”.
12. Ni mu yindi mice iyihe bikwiye ko umuntu agira ibitegereka kandi akagira uburimbane bubereye umukirisu, igihe aba ariko araringaniza ivy’ubugeni?
12 Mu gutegekanya ivy’ubugeni, abo bagiye kwubakana bazotegerezwa gufata ingingo nyinshi. Ivyo birimwo guhitamwo ubwoko be n’ibara ry’impuzu bazokwambara, gukoresha impeta, canke gushinga igitigiri c’abatumire. Nta gukeka, abo bagiye kwubakana bazokora ibitegereka kandi bagire uburimbane bubereye umukirisu mu gufata izo ngingo. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe mw’isi barakunda kugira umurongo w’imiduga zisharije zigenda ziravuza urwamo rwinshi. None umukirisu akwiye kubona gute ivyo bintu? Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1997 wavuze ibi bikurikira: “Naho Yezu yitavye ubugeni, ntidukwiye kwiyumvira ko yoshima imigenzo ikundwa cane yo gutondesha imiduga igenda irazunguruka mu gisagara ivuza urwamo rwinshi. Igipolisi caratangishije mbere ihadabu abashoferi bitumwe n’uko bagiye baravuza urwamo n’imiduga bariko barazungurukana abatashe ubukwe (Raba Matayo 22:21.). Muri ivyo vyose, aho gupfa kwigana ivyo kwiyerekana abantu bo muri iyi si bagira, abakirisu baragira ubukerebutsi, ubwo na bwo bukaba buri kumwe n’uwifata ruto”.
Uguteramira ikiziga be n’amaziko
13. (a) Vyoba ari bibi kubabara canke mbere kurira igihe wabuze uwawe? (b) Ni imigenzo iyihe ijanye n’ukwerekana umubabaro yoba itabereye ku muntu yemera ko hazoba izuka?
13 Twese turagira intimba igihe tubuze uwacu. Intuntu irashobora gutuma umukirisu arira, nka kurya nyene wa muntu atagira agasembwa Yezu ‘yarize’ igihe yari kumwe n’abantu bari bababajwe n’urupfu rwa Lazaro (Yoh. 11:35). Ariko rero, naho abakirisu baba bari mu mubabaro, baririnda ibirori bigirwa bijanye n’ukwerekana umubabaro vyiraye mu mihingo mwinshi yo muri Afirika. Usanga mu migenzo imwimwe abantu basambagura imishatsi yabo, abandi bakiharanguza, bakambara ibihuzu vyanduye, bakidudagura hasi, bakaguma baya amaboko bakongera bakaza barahererekanya mu kuboroga. Kubera ko turi abakirisu b’ukuri, kwirinda mwene ivyo bintu birenze urugero kandi bikomeye bigirwa mu kwerekana umubabaro, vyerekana ko dufise ukwizera gukomeye ko umusi uri izina abacu bazozurwa.—Yobu 14:14, 15; Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15.
14. Ibiteramo bigirwa mu muryango wabuze bishobora gutera ingorane iyihe?
14 Ahantu henshi usanga abantu bakunda guteramira ikiziga imbere y’amaziko. Imigwi y’abantu batari bake iraterama ijoro ryose, kumbure baririmba, barira canke banywa inzoga. Imigenzo nk’iyo ituma umuntu asohora ibintu vyinshi. Haragurwa ibifungurwa canke ibitungwa bikabagwa, harakotwa amahema be n’uburyo bwo kwunguruza abantu n’ibintu. Ibintu nk’ivyo birashobora gusiga umuryango usanzwe wishwe n’intuntu uri mu mwenda utagira uko ungana, bikongera bigatuma uwo muryango ugira inyifato itabereye abakirisu. Emwe, uguterama nk’ukwo ntigukenewe! Umuntu yirinze yivuye inyuma imigenzo usanga imaze gushinga imizi cane birashobora gutuma abandi bamuhama, yamara ayirinze biratuma aronka impera iva ku Mana.— 2 Tim. 1:7.
15, 16. Ni ibintu ibihe bishobora gufasha umuntu gushinga aho ikiziga kizohambwa?
15 Twovuga iki ku bijanye n’aho guhamba uwapfuye? Reka turimbure uturorero tumwe two muri Bibiliya. Aburahamu yarikoze ku butunzi bwiwe aragura itongo ryo guhambamwo abo mu muryango wiwe (Ita. 23:3-20; 25:9; 49:29-32). Yozefu yarateye iteka se wiwe mu gutwara ikiziga ciwe i Kanani ngo abe ari ho amuhamba. Bisa n’uko Farawo yemereye Yozefu gukoresha ubutunzi bwa Leta mu gushitsa icipfuzo ca se.— Ita. 47:29, 30; 50:6-13.
16 Muri iki gihe tugezemwo, abo mu muryango ushika ni bo bajejwe ibanga ryo gutunganya amaziko, ikibanza yoberamwo gishobora kuba cashinzwe n’amategeko y’igihugu. Bamwebamwe bakunze gutwara ikiziga mu gihugu ca basokuru kugira amaziko abe ari ho abera. Umuryango ni wo ufata ingingo muri ivyo, umaze kurimbura ico vyosaba (Luka 14:28). Abantu bamwebamwe barata umutwe bitewe n’uko batakoresheje ubukerebutsi bakongera bagatanga ibitagenda kugira bajane ikiziga mu kibanza kanaka, kenshi na kenshi hakaba ari aho bahamvye basekuru, kandi barenganye ikibanza cemewe n’amategeko kiri aho basanzwe baba. Kubera iki ivyo babigira? Usanzwe uzi ko abantu benshi cane bemera ko kuganira n’imizimu y’abakera bibandanya biciye ku butaka bwahambwemwo abakera. Kubera ko turi abakirisu, ntidufata ingingo zishingiye ku kwemera bene ukwo.—Umus. 9:5, 10.
17. Ni imigenzo iyihe iteye kubiri n’Ivyanditswe iba mu gihe c’ikigandaro abakirisu bakwiye kwirinda?
17 Ikibazo gisaba ko umugore mukirisu aguma ashikamye ni ikijanye n’umugenzo wo mu mico kama imwimwe ivuga y’uko umugore apfakaye ngo ategerezwa kuryamana n’umugabo wo mu ncuti y’uwo yapfuye mu kiringo c’ikigandaro. Ukwo ni ukurenga bimwe vy’akamaramaza ku ngingo mfatirwako za Yehova z’ivy’ukwigenza runtu ziri hejuru, bikaba kandi bibangamira amagara y’umugore. Umugore mukirisu ntakwiye kwigera yemera iciyumviro nk’ico.
18. (a) Mu gihe bibaye ngombwa ko insiguro y’amaziko ishikirizwa, umushikirizansiguro mukirisu akwiye kurimbura iki? (b) Abandi bakirisu bakwiye kwerekana gute ko bubaha umuryango wabuze?
18 Ivyabona vya Yehova muri rusangi bararinganiza insiguro y’amaziko ishingiye kuri Bibiliya. Igihe umukirisu asabwe gushikiriza bene iyo nsiguro, azokurikiza urucacagu rusanzwe ruhari ku bw’iyo nsiguro kandi azokwirinda kugira uruhara muri porogarama aho usanga abandi bashikiriza amajambo bashobora gukurikiza imigenzo itari iya gikirisu canke bakavuga ibintu biteye kubiri n’inyigisho zo mu Vyanditswe. Amaziko akwiye kuba mu buryo busanzwe, buremesha kandi buranga urupfasoni. Insiguro y’amaziko ikunda gushikirizwa mu gihe c’amaziko yonyene irahagije kugira iremeshe uwabuze be n’abagenzi biwe baba bari aho hantu. Naho biranga urukundo ko umuntu aza aragendera rimwe na rimwe uwabuze, ntibikenewe ko agenderwa n’abantu benshi aho wosanga imigwi minini y’abavukanyi n’abavukanyikazi itunganya kuririmba indirimbo z’Ubwami. Mu gihe ivy’amaziko bigumye bitunganywa mu buryo busanzwe, biratuma umuntu yirinda gusesagura bidakenewe kandi akenshi imfashanyo iva ku bavukanyi bakirisu, muri ico gihe izogira ico imufashije mu kuriha ibintu bikeya mu vyo yakoresheje. Ntibikenewe ko mu mashengero hashingwa icokwitwa ikigega kigenewe amaziko canke ikigega kigenewe gutabara mu buryo bwihuta abashikiwe n’ingorane kanaka.
Nitugume mu rukundo rw’Imana
19. (a) Ni igiki kizodufasha kugira impagararo ibereye ku bijanye n’imigenzo ikundwa n’abantu benshi? (b) Ni kubera iki wiyemeje kuguma witandukanije n’iyi si itubaha Imana?
19 Kubera ko dusukurira Yehova turi muri iyi si itamuzi, ingorane ntizizobura kuvyuka. Ariko rero, ntibishoboka ko haba amategeko ajanye n’ukuntu ibintu vyoba bimeze kwose. Birahambaye rero ko twiyegereza Yehova mw’isengesho tukamusaba ubukerebutsi n’ugutahura mu gihe dufata ingingo be no mu gihe tuba turiko turatunganya ibintu kanaka (Yak. 1:5). Abakurambere b’ishengero bazohimbarwa no kuganira natwe ku bijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zibereye zidukomeza kugira ngo dufate ingingo nziza. Turetse ubuzima bwacu bugatera iteka Yehova, tuzoguma turi ‘mu rukundo rw’Imana, twiteze ubuzima budahera’.—Yuda 21; 2 Pet. 3:13.