ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/06 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 13 Ruhuhuma
  • Indwi itangura ku wa 20 Ruhuhuma
  • Indwi itangura ku wa 27 Ruhuhuma
  • Indwi itangura ku wa 6 Ntwarante
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 2/06 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Indwi itangura ku wa 13 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 121

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bubereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero na Réveillez-vous! yo muri Nzero. Muri umwe muri iyo myerekano, umwamamaji abe ariko aramamaza ahantu hahurira abantu benshi.

Imin. 10: Woba uguma ujana n’ishirahamwe rya Yehova? Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, ku rupapuro rwa 7-10.

Imin. 25: “Tubwire abandi ivyerekeye ‘umuco w’isi’”.a Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Nutangaze amazina y’abasavye gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Nuvuge amakoraniro yo gusohoka mu murimo wo mu ndimiro yatunganijwe yiyongereye ku yahasanzwe. Nugire ico uvuze ku ntonde umuntu ashobora kurabirako kugira akore ubutsimvyi bwo gufasha ziri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma 2005, ku rupapuro rwa 5.

Ururirimbo rwa 224 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 20 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 89

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Udukuru twa gitewokarasi.

Imin. 15: “Turondere uturyo two kwamamaza”.b Nusabe umwamamaji yaciye mu bihe bitoroshe avuge ukuntu yashoboye kurondera uturyo two kwamamaza.

Imin. 20: “Imfashanyo itabura guseruka”.c Gishikirizwe n’umukurambere. Nushiremwo ivyiyumviro bikeyi ukuye mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1998 ahavuga ngo “Inyishu ku Bibazo Vyanyu” be no mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2000 ahavuga ngo “Akumba k’Ibibazo”.

Ururirimbo rwa 1 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 27 Ruhuhuma

Ururirimbo rwa 20

Imin. 7: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo muri Ruhuhuma. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 canke izindi zibereye mu cibare canyu, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero canke Réveillez-vous! yo muri Nzero.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Nimusubiremwo ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu kiganiro kigira giti: “Ingene twotera iteka Yehova mu buzima bwacu–Igice ca 1—Mu muryango”. Raba inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2005.

Imin. 23: Ingene twoshikiriza ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Muri Ntwarante tuzoshikiriza ca gitabu gishasha. Mukoresheje inama zatanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, ku rupapuro rwa 3-6, nimusubire kwihweza uburyo butari buke bwatanzwe bwo gushikiriza ico gitabu mwongere mugire imyerekano itari mike ihuye neza n’ukuntu ibintu bimeze mu cibare iwanyu. Nusabe abumviriza bigane ibintu bidasanzwe babonye igihe bariko barakoresha ico gitabu gishasha, canecane ibijanye n’inyigisho za Bibiliya batanguje.

Ururirimbo rwa 148 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 6 Ntwarante

Ururirimbo rwa 51

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Kubera ko udupapuro tw’inkuru nziza tworoshe gutwara kandi tukaba turyoheye ijisho, usanga dufasha cane mu gutanguza ibiyago igihe tuba turi mu gikorwa c’inzu ku nzu, igihe tuba turiko turamamaza mu bibanza bikunda guhuriramwo abantu benshi canke igihe twamamaza akaryo kizanye. Nimugire umwerekano w’ingene twotanguza ibiyago mukoresheje ka gapapuro k’inkuru nziza gashasha kavuga ngo Ugucumukura kwose kugiye kurangira. Nimuvuge icanditswe kimwe casubiwemwo mu majambo mu biri ku rupapuro rwa 2 rw’ako gapapuro k’inkuru nziza.

Imin. 15: “Twitwararike abandi mu kuba twiteguye”.d Nimushiremwo umwerekano mugufi werekana abamamaji babiri bariko baritegurira gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Abo bamamaji baracagura uburyo bumwe bwerekana ingene umuntu yoshikiriza ico gitabu mu buri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2006, hanyuma bakaganira ku kuntu bobukoresha mu majambo yabo bwite kandi babuhuje n’ukuntu ivyo mu cibare cabo bimeze. Uwo mwerekano urangire abo bamamaji basa n’abagira basubiremwo n’ijwi ryumvikana ubwo buryo bwo gushikiriza ico gitabu.

Imin. 20: “Nukoreshe ibintu umuntu ashobora kubona vyigisha”.e Uko muganira ku bijanye n’ividewo iyo ari yo yose yavuzwe muri iki kiganiro, niwerekane igipfukisho cayo wongere usome arya majambo avuga muri make ibiri muri iyo videwo. Nusabe abumviriza bigane ivyo babonye igihe bariko barayakoresha mu busuku.—Raba igitabu Annuaire 1997, rup. 54 be na Annuaire 1995, rup. 50-51.

Ururirimbo rwa 68 n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika