Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 12 Kigarama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimukoreshe inama ziri ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Munyonyo. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Muri umwumwe muri iyo myerekano, nugire ico uvuze ku kuntu icanditswe gishobora gushirwamwo bitagoranye mu gushikiriza ivyo binyamakuru.
Imin. 15: “Ishure ridufasha gushira mu ngiro mu buryo ngirakamaro ivyo twiga”. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Nushiremwo insasanuro zo mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2005.
Imin. 20: “Inyigisho ijana mu buzima”.a Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko hagira umuntu umwe canke babiri bavuga ingene bungukiye ku nyigisho iva ku Mana.
Ururirimbo rwa 101 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 19 Kigarama
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Nuvuge ibintu bidasanzwe vyerekeye umurimo wo mu ndimiro mwaringanije kuzokora ku wa 25 Kigarama be no ku wa 1 Nzero. Niwibutse bose kuzoza bazanye Réveillez-vous! yo muri Nzero 2006 kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza.
Imin. 15: “Twitwararike abandi mu kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe”.b Nimushiremwo umwerekano mugufi werekana ingene umwamamaji yohindura uburyo akoresha yisunze amajambo uwo asanze ku muhana avuga.
Imin. 25: “Umwana wawe yoba ashoboye gufata mu buryo bubereye ingingo ihambaye?”c Gishikirizwe n’umukurambere. Nusabe ko ingingo yose isomwa n’umuvukanyi azi gusoma neza. Nimuganire ku vyanditswe vyose vyatanzwe. Muhejeje kwihweza ingingo ya 2, nimwerekane itandukaniro riri hagati y’ivyashikiye abakiri bato babiri bivugwa mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruheshi 1991, ingingo ya 16-17 be no mu ruzitiro, ivyo vyompi bikaba biri ku rupapuro rwa 25-26 (canke w91-F 15/6, rup. 16-17). Mu gusozera, nuremeshe abavyeyi gusubira kwihweza ico kiganiro co muri uwo Munara w’Inderetsi cose be no guca ubwo nyene bagirira hamwe n’abana babo imyimenyerezo ku vyerekeye itegeko rishingiye kuri Bibiliya rijanye n’amaraso, gutyo babe babaronkeje ivyo bakeneye kugira ngo bashobore gusigura ivyo bemera mu buryo bujijura. Ba serugo b’imiryango bakwiye kuraba neza ko umwana wese yabatijwe yama agendana ka gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi Instructions médicales/Attestation prévisionnelle (carte Pas de sang) be n’uko umwana wese atarabatizwa yama agendana ka gakarata karanzi. Igihe hagize uwushirwa mu bitaro maze hakavyuka ikibazo co guterwa amaraso, abakurambere bakwiye guca bavugana na Komite ija inama n’ibitaro kugira ifashe.
Ururirimbo rwa 56 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 26 Kigarama
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’ivyete vyemeza ko intererano mwatanze zashitse. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo ndimiro wo muri Kigarama. Nimba ishengero ryanyu rizohindura ibihe vy’amakoraniro umwaka utanguye, numenyeshe amasaha mashasha. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Nzero, wongere werekane aho uburyo bwo kubishikiriza tubusanga.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: Ibintu bishasha vyerekeye ikinyamakuru Réveillez-vous! Insiguro be n’ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nuvuge ibintu vyahinduwe ku bijanye na Réveillez-vous! vyatangajwe mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2005, ku rupapuro rwa 1, ingingo ya 5-6. Nushiremwo insasanuro zishingiye ku kiganiro kivuga ngo “À nos lecteurs” co muri Réveillez-vous! yo muri Nzero 2006, ku rupapuro rwa 3-4. Nuvuge uburorero bwerekana ukuntu ico kinyamakuru kiyobora mu buryo burashe abasomyi kuri Bibiliya. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kintu gishasha casohowe muri ico kinyamakuru ku rupapuro rwa 31. Tuzobandanya gutangira rimwe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Ariko ntiwumve, abo dusanzwe dushira ibinyamakuru be n’abandi bakira ivyo ibinyamakuru badahorereza, tuzobaha ikopi imwimwe gusa y’inomero yose isohotse ya Réveillez-vous!. Nimugire imyerekano y’ukuntu hoshikirizwa Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero be na Réveillez-vous! yo muri Nzero nimba ivyo binyamakuru bimaze kuboneka. Ubundi buryo bwo gutanguza ibiyago bushingiye ku bintu bibaho koko bwoshobora gukoreshwa. Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero kizoba kirimwo ubundi buryo bwo gutanguza ikiyago bwerekana ingene umuntu yoshikiriza Réveillez-vous! yo muri Nzero akoresheje kimwe mu biganiro bitajanye n’umutwe-shimikiro wo ku gipfukisho. Ubwo buryo bwo gutanguza ibiyago uko ari bubiri bwoshobora gukoreshwa muri ukwo kwezi.
Ururirimbo rwa 222 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 2 Nzero
Imin. 7: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 18: “Dukoreshanye ubukerebutsi ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya”.d Nushiremwo insasanuro zishingiye ku Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2002, ku rupapuro rwa 1.
Imin. 20: “Ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2006 ryataziriwe ngo ‘Igihe co kurokorwa kiregereje’”.e Gishikirizwe n’umunyabanga w’ishengero. Nuremeshe bose kugira ivyo batunganije bijanye n’ihwaniro hakiri kare bishoboka.
Ururirimbo rwa 48 n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.