Bika neza iyi nyongera
Ingene twotera iteka Yehova mu buzima bwacu
Igice ca 1—Mu muryango
1, 2. Ivyibutswa bifise akamaro akahe mu buzima bwacu?
1 “Nk’ukw Iyabahamagaye ar’iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose. Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera”.—1 Pet. 1:15, 16.
2 Uko imyaka yagiye irarengana, Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe yaradufashije mu buryo bwinshi kugira ngo duhindure imizirikanyi yacu. Muri iki gihe, benshi muri twebwe barazi neza uburyo bwo gushira mu ngiro mu buzima bwabo ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Ariko rero, ingingo ngenderwako zimwezimwe birabereye ko tuguma tuzibutswa ku bw’ineza yacu twese, na canecane ku bw’ineza y’abashasha benshi baheruka kumenya Yehova.—Rom. 12:2; 2 Pet. 1:12; 3:1.
Umubano w’abubatse tuwubona gute?
3. Nuvuge abasavyi ba Yehova bazwi cane, bagumye ari abirebange.
3 Umubano w’abubatse ukomoka ku Mana. Mugabo none, uwo mubano woba ari wo wonyene utuma umuntu ahimbarwa (Umus. 12:13; Mrk. 12:30)? Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abasukuriye Yehova banezerewe ari abirebange. Umwigeme wa Yefuta yarashikije indagano ya se mu kuguma ari umwirebange mu kibano cashira imbere ivyo kwubaka urugo no kuvyara (Abac. 11:34-40). Ba bakobwa bane ba Filipo b’abirebange ‘baravugishwa n’Imana’, kandi nta gukeka ko umurimo barangurana umwete kugira ngo Yehova ashemezwe, watumye bashira akanyota. Yezu, uwari ameze nka ya “Mana ihimbawe”, ntiyigeze yubaka urwiwe (Ivyak. 21:8, 9; 1 Tim. 1:11, UB). Ku bw’ivyo rero, vyoba bitabereye gusuzugura abakirisu basukurira Yehova ari abirebange.
4. Ni ikibi ikihe kiri mu kuntu abakera babona ibijanye no gushinga urugo?
4 Gusenga abakera biratuma abantu babona ukutari kwo umubano w’abubatse. Iciyumviro c’uko ngo umuntu atavyaye aba ahoneje umuryango gikomoka ku bakera, cotuma bamwebamwe bumva ko uko bigenda kwose, bategerezwa kwubaka izabo maze bakibaruka ibibondo. Hari abiyumvira yuko mu gihe umuntu atubatse urwiwe hanyuma ngo avyare, bishavuza abakera. Yamara, twebwe abakirisu turazi ko abapfuye ata co ‘baba bakizi’. Barasinziriye, kandi hari icizigiro c’uko bazozuka (Umus. 9:5; Ivyak. 24:15). Abakirisu bose barakwiye kwirinda kwoshwa n’inyigisho z’ikinyoma, kandi nta n’umwe akwiye gutyekeza abirebange ngo ni uko batubatse izabo.
5. (a) Ivyanditswe bivuga iki ku vyerekeye ugushinga urugo? (b) Abirebange bamwebamwe bateje imbere gute ivy’Ubwami?
5 Mu 1 Ab’i Korinto 7:8, 9, 28, 32-34, na 38 turahasanga iciyumviro kiri ku burimbane ku vyerekeye ugushinga urugo. Gushinga urugo ntibibujijwe ku bakirisu. Mu bisanzwe, abatohimbarwa no kuguma ari abirebange canke bakaba bohava bagwa mu bushegabo, vyoba vyiza bashinze izabo. Kwubaka izabo bizotorera umuti ingorane zimwezimwe, yamara bitume havyuka izindi. Nk’uko intumwa Paulo yahanuye, abirebange baba ‘barushirije kugira neza’ mu buryo bw’impwemu mu gihe bagumye ari abirebange. Hariho abavukanyi be n’abavukanyikazi benshi bahisemwo kuguma ari abirebange. Bamwe bahisemwo kuguma ari abirebange mu kiringo kinaka, abandi bahitamwo kubigira ubuzima bwabo bwose. Abavukanyi be n’abavukanyikazi batari bake b’abirebange usanga ari abatsimvyi basanzwe canke badasanzwe. Abandi na bo usanga baritanze gukorera mu mabeteli. Yehova ntiyibagira ukudahemuka kwabo (Heb. 6:10). Bavyeyi, ntimwokwumva none muhimbawe mu gihe abana banyu bomara igihe bakora ubusuku bw’igihe cose imbere y’uko bubaka izabo?
None wokwubakana na nde?
6, 7. (a) Ni kubera iki kwubaka “mu mwami” bihambaye? (b) Ni kamere izihe uwo ugomba ko muzokwubakana yoba afise?
6 Ivyanditswe bivuga yuko tudakwiye kwifatanya n’abatizera (2 Kor. 6:14, 15). Umukirisu yirengagiza iyo mpanuro nta bukerebutsi na bukeyi aba afise. Uwutizera yubakanye n’umukirisu yoshobora kuboneka ko ari umugwaneza vyongeye akaba atarwanya ukuri. Hari n’aho yoba yitaba amakoraniro. Ariko rero, arashobora guhindura inyifato yiwe mumaze kwubakana. Ikigeretseko, ntidukwiye kwigera twibaza ko Yehova azohezagira uwo umubano wavuye mu kurenga ku mategeko yiwe n’ibigirankana.—Yobu 9:4b.
7 Naho woba ugira wubake “mu mwami”, urakeneye gutegera ibintu (1 Kor. 7:39). Nubanze kwihweza uwo ugomba ko muzokwubakana imbere y’uko ufata ingingo yo kwubaka urwawe. Nurabe utarengeje urugero umuntu agamburukira Yehova, akunda ivy’impwemu, afise utumenyero twiza two kwiyigisha, afise kamere y’ukwicisha bugufi be n’ubuntu. Nuyage n’abakirisu bahumuye bazi neza uwo muntu ugomba ko muzokwubakana. Mu gihe ugize amakenga umaze gutera izo ntambwe zose, none woca ukora iki? Ca gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo kigira giti: “Mwene izo nkeka ukwiye kuzirimbura uzitondeye. Naho woba wumva waramugomwe gute, canke ukaba wumva ushashaye cane kwubaka, nturenze uruho rw’amazi ku makosa akomakomeye (Imigani 22:3; Umusiguzi 2:14). Nimba ufitaniye ubucuti n’umuntu, ukaba wumva umufiseko amakenga akomeye, inzira y’ubukerebutsi ni uko mwohagarika iyo migenderanire maze ukareka kugiranira na we indagano ziramba”. Kubera yuko umubano w’abubatse ari intunganyo yamaho, birahambaye ko tubanza kubizirikanako ata kwihenda imbere y’uko tubishira mu ngiro.—Mat. 19:5, 6.
Uruhara rw’umugabo
8. Sigura ukuntu ubukuru bw’umunega bugira ico bukoze ku bijanye n’ugusenga kwiwe.
8 Igihe umusore yubatse urwiwe, ntaba agifise wa mwidegemvyo na kwa kwigenga yahorana atarubaka. Bamwebamwe bashobora gusanga ivyo bigoye. Umunega mukirisu aremera icese ko umubano w’abubatse ari ikintu ceranda. Hamwe atokwitwararika umukenyezi wiwe, ubucuti afitaniye na Yehova bwotituka (1 Tim. 5:8). Aho kuganza umukenyezi wiwe, aramuyobora abigiranye ubugwaneza. Ivyo abigira yisunze uko umukenyezi wiwe asanzwe ameze ku mubiri no mu vy’akanyengetera (1 Pet. 3:7). Umunega akwiye kwama afise umutima ukunze wo gufasha mu bikorwa vyo mu rugo igihe bikenewe. Haraciye imyaka nk’ingahe ikinyamakuru Réveillez-vous! kivuze giti: “Naho kumbure abanega benshi b’imico kama imwimwe babona ko ico ciyumviro kidashoboka, ugufashanya ibikorwa vyo mu rugo ni ikintu gisanzwe, na canecane igihe umukenyezi aba ategerezwa kuja ku kazi”. Umunega akwiye kwitwararika canecane kamere ya gikirisu y’umukenyezi wiwe, akaba imboneza mu nyigisho y’umuryango, mu busuku bwo mu ndimiro be no mu bindi bikorwa vya gikirisu.
9. Umunega ashobora gute kwitwararika ivyo umukenyezi wiwe akeneye mu vy’umubiri be no mu vy’akanyengetera?
9 Umunega mukirisu arigana akarorero ka Yezu akongera agakurikiza inyigisho za Yezu, mu gukunda umukenyezi wiwe nk’uko yikunda (Mat. 19:19; Ef. 5:28). Ivyo bikwiye kwigaragariza mu kuntu amufata. Nk’akarorero, ntiyoshobora gufungura ibifungurwa biryoshe maze ngo umukenyezi wiwe amuhe imisigazwa. Ntiyofata umushahara wiwe ngo awucemwo kubiri, maze ngo areke umugore wiwe asigare arajwe ishinga n’ukuntu agaburira umuryango wose akoresheje ico gice yamuhaye. Umunega arakwiye kugira ivyo akorana n’umukenyezi wiwe: arakwiye gutemberana na we, kwicarana na we, kumutega amatwi no gutegekaniriza hamwe ivyokorwa.
10. Ni iciyumviro ikihe kijanye n’ubukuru umunega mukirisu mu mubano w’abubatse akwiye gutomorera incuti ziwe?
10 Mu mihingo imwimwe, umugore yubatse urwiwe abonwa ko ari itunga ry’umuryango aho kubonwa ko ari umufasha w’umugabo wiwe n’uwumwunganira. Incuti z’umugabo zirashobora kugerageza kuganza muri vyose uwo mukenyezi mukirisu. Mugabo, Bibiliya ivuga ko abagore bategerezwa kugamburukira “abagabo babo” (Ef. 5:24, ni twe dushimitse.). Umukenyezi arakwiye kwubaha incuti z’umunega wiwe, ariko umunega wiwe akaba ari we agamburukira. Vyoba vyiza umunega mukirisu akingiye umukenyezi wiwe imikazo mu gusigurira neza incuti ziwe (z’umugabo) ivyerekeye ubukuru mu mubano w’abubatse.
Uruhara rw’umukenyezi
11. Umukenyezi akwiye kubona gute umunega wiwe, kandi Yehova abibona gute?
11 Nka kurya kw’umugabo, umukenyezi mukirisu nta mwidegemvyo nk’uwo yahorana asubira kugira amaze kwubaka urwiwe. Ico gihe baba bagize umubiri umwe n’umunega wiwe kandi ni “umwunganizi” wiwe (Ita. 2:18, NW). Izindi kamere umukenyezi azotsimbataza harimwo n’ “umutima w’ubugwaneza utekereje, [uwo na wo akaba ari uw’]igiciro kinini imbere y’Imana” (1 Pet. 3:1-6). Igihe umukenyezi abonye ko umunega amufatana ubugwaneza, ntakwiye kubona ko ari ubugoyagoye ngo ace agerageza kuganza urugo. Ahubwo, azokora uko ashoboye kwose kugira ngo akurikize ubuyobozi bwo mu vy’impwemu umunega ashiriraho umuryango. Yehova azohimbarwa n’uko uwo mukenyezi agamburuka.
12. Wodondora gute umukenyezi yubaha Imana avugwa mu Migani 31:10-31?
12 Abakenyezi bubaha Imana barakwiye gukezwa kubera kamere nyinshi zabo nziza. Birabereye ko turimbura ibivugwa mu Migani 31:10-31 vyerekeye umukenyezi abishoboye. Umukenyezi avugwa muri ico canditswe ntiyatunganya gusa urugo, ariko kandi yaritaho ivy’ukurondera ibindi bintu vy’urugo uretse birya vyo mu nzu, akitaho imirima, akongera akagira urudandaza rutoyi. Muri ibi “bihe bigoye”, vyarabaye ngombwa ko abakenyezi benshi cane bakora akazi (2 Tim. 3:1). Ariko rero, umukenyezi w’umunyabikorwa aguma acungera “ibikorwa vyo mu rugo rwiwe” (Imig. 31:27, NW). Iryo ni ibanga ryiwe. Si umukozi wo muri iyo nzu canke w’incuti zimwezimwe z’umugabo. Umuryango ugizwe n’abakirisu uzohungukira niba inarugo ashoboye kugira uburimbane mu bijanye n’akazi, hisunzwe uko ivyabo vyifashe.
Kurangura amabanga y’abubatse
13. Ni kubera iki bikwiye ko umunega yubahiriza umugore wiwe mu vyo kurangura amabanga y’abubatse?
13 Uburyo isi ibona ivy’ukurangura amabanga y’abubatse buratandukanye n’uko Yehova abibona. Yamara rero, umunega mukirisu arakurikiza impanuro Yehova atanga akongera akagaragariza urukundo nyakuri umukenyezi wiwe mu vy’ukurangura amabanga y’abubatse. Aritwararika cane ivyo umukenyezi wiwe akeneye mu vy’umubiri no mu vy’akanyengetera. Vyongeye, ntakwiye guhatira umukenyezi wiwe gukora ikintu na kimwe kimusesema. Raba ico Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruheshi 1989 wabivuzeko, ugira uti: “Muri Isirayeli, hariho amategeko yashingira akarimbi ivyo guhuza ibitsina mbere no hagati y’abubatse. Umugabo yategerezwa kwirinda kurangura amabanga y’abubatse n’umukenyezi wiwe mu gihe ari mu butinyanka (Lew. 15:24; 18:19; 20:18). Ivyo vyasaba ko abagabo b’Abisirayeli berekana ko bitwararikana urukundo abakenyezi babo, bikabasaba no kwigumya. None wumva abakirisu ari bo badakwiye kwitwararika abakenyezi babo? Intumwa Petero abwira abanega bakirisu ko bakwiye kubana n’abakenyezi babo ‘bisunze ubumenyi,’ ni ukuvuga bakamenya ko umukenyezi ari ‘urwavya rurushirije kworoha, urwavya rugore’.—1 Petero 3:7”.
14. Umugabo n’umugore boshobora gute umwumwe wese ‘kutankira uwundi’ mu vyo kurangura amabanga y’abubatse?
14 Ku rundi ruhande, Bibiliya ihanura kandi abubatse iti: “Ntihagire uwankira uwundi [ivyo akwiye mu vyo kurangura amabanga y’abubatse]” (1 Kor. 7:3, 5, UB). Mu bubatse, nta n’umwe akwiye kurondera kwironkera ibintu kanaka abicishije ku vyo kurangura amabanga y’abubatse. Vyongeye, nta bukerebutsi na bukeyi vyoba bigiranywe mu gihe abubatse batunganije ivyo kumara igihe kirekire batari kumwe kubera ugukora akazi. Ni ibisanzwe muri iyi si ko umugabo aja gukorera mu gisagara agasiga umuryango wiwe ruguru. Iyo ngendo itaranga ubukerebutsi iraha Shetani akaryo ko kugerageza abanega be n’abakenyezi ngo bagwe mu vy’ubushegabo.
Ukuvyara be n’ukurera abana
15. Ni imihezagiro iyihe abahitamwo kumara igihe kinaka batavyara ku bw’Ubwami, baronka?
15 Abana ni impera Yehova atanga, mbere baratuma abavyeyi babo bahimbarwa (Zab. 36:9; 127:3). Mu gihe abubatse basuzumye bitonze uko ivyabo vyifashe, barashobora guhitamwo kuvyara canke kutavyara. Yehova yarahunze imihezagiro myinshi bamwebamwe bahisemwo kumara igihe kinaka batavyara kugira ngo bateze imbere ivy’Ubwami. Benshi muri abo ubu bakora ari abatsimvyi basanzwe canke badasanzwe, ari abacungezi b’ingenzi canke ari abitanze gukorera mu mabeteli.a Ariko rero, ni ibintu bisanzwe cane ko abubatse benshi bafata ingingo yo kuvyara. Nimba ari ukwo, none bokora iki?
16. (a) Ni kubera iki biranga ubukerebutsi kutagira umuryango munini? (b) Ni igiki abubatse bakwiye kwitwararika igihe bahitamwo uburyo bubuza gusama bokoresha?
16 Yehova yajeje abakirisu ibanga ryo kurera neza abana babo. Ariko, vyaragaragaye ko ari urugamba kwitwararika mu buryo bubereye umuryango munini. Birahambaye rero ko abavyeyi bumvikana ku gitigiri c’abana bovyara. Abakirisu boba bakwiye gukoresha uburyo bubuza gusama kugira ngo ntibagire umuryango munini? Abubatse ubwabo ni bo bihitiramwo niba bobukoresha. Yamara rero, Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruhuhuma 1993 yavuze iti: “Uburyo bubuza gusama abakirisu bubatse bakwiye guhitamwo butegerezwa kuba buhuje n’ukwubahiriza ubweranda bw’ubuzima. Kubera yuko Bibiliya yerekana ko ubuzima butangura igihe habaye agasamo, abakirisu bakwiye kwirinda gukoresha uburyo bwotuma imbanyi ikoroka. . . . Abaganga hamwe n’ibigo vyigisha ivyo kuvyara ku rugero barashoboye guha impanuro no gufasha abubatse ku bijanye n’uburyo bubuza gusama bohitamwo gukoresha buborohereza gusumba”.
17, 18. (a) Inyigisho y’umuryango irangura uruhara uruhe mu vyo kubumbabumba abana? (b) Tanga akarorero k’ukuntu abavyeyi bokwigisha abana babo kuzirikana ku Vyanditswe.
17 Hariho ikintu gihambaye kuruta ukuronsa ivyo umuryango ukeneye mu vy’umubiri. Bibiliya itegeka abanega kurera abana babo ‘mu kubahana no mu kubahanura nk’uko Umwami wacu agomba’ (Ef. 6:4). None ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko bakwiye kubarera kugira ngo bazobe abasavyi ba Yehova b’intahemuka. Kugira ngo ivyo ubishikeko, nureke abana bawe bigire ku karorero keza utanga (Yoh. 5:19). Nugire ivyo uhinduye kugira ngo ugusenga Yehova kube ari kwo ushira imbere. Uribuka ko kurera umwana umwumwe wese bisaba igihe kitari gito, bisaba urukundo be n’ubwitwararitsi bwinshi. Nimba abavyeyi bakunda kuba batari i muhira, bakikundira kuja kuramutsa abagenzi aho kuba bari kumwe n’abana babo, abo bana bazohahombera.
18 Abana bakigera mu myaka yo kuzirikana, nubamenyereze kuzirikana. Aho gupfa kuvuga gusa ngo “iki ni kibi”, “ibintu nk’ivyo ntitubikora”, canke ngo “kirazira”, nubigishe ahubwo igituma Ivyanditswe bivuga ko ibintu kanaka ari bibi. Nk’akarorero, nk’igihe woba uriko arabasigurira ukuntu Yehova abona ubuzima bw’igikoko, woshobora gukoresha icanditswe co muri Yona 4:11. Ico canditswe cerekana ko Yehova atagiriye gusa ikigongwe abantu b’i Ninewe, ariko kandi ko yakigiriye n’ ‘ibitungwa vyinshi’ vyabo. Nubereke muri ubwo buryo nyene igituma ari vyiza kuba abantu bazi gukenguruka, abantu b’imvugakuri be n’abantu b’isuku. Ca gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye cagenewe kugufasha kwigisha abana bakiri bato mwene izo ngingo ngenderwako.
19. Ni imigambi yo mu vy’impwemu iyihe abavyeyi bakwiye kuganirako n’abana babo?
19 Nushingire abana bawe imigambi yo mu vy’impwemu. Nuganire na bo ku vyiza abamamazanjili b’igihe cose baronka. Nutumire abatsimvyi i muhira iwanyu. Nujane abana bawe gutemberera kuri Beteli niba bishoboka. Mu gihe c’ikiruhuko, nuremeshe abana babatijwe gukora ubutsimvyi bwo gufasha. Mu vy’ukuri, ukwo kwigisha kwoshobora kuba guhushanye n’ico imico ivuga ku vyerekeye abana. Yamara rero, niwabigenza gutyo uzoba uriko urubaka umushinge w’umuryango ukomeye kandi uhimbawe.
20. Abavyeyi bokurikiza gute impanuro dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7?
20 Mu mihingo myinshi yo muri Afirika, abavyeyi babona ko abana babo ari bo bukiriro bwabo igihe abo bavyeyi bazoba bamaze kugera mu zabukuru. Abavyeyi babona ibintu muri ubwo buryo usanga bafise agatima ko gutegeka abana babo kuronka amanuta meza kw’ishure kurusha uko babigira ku bijanye n’utwigoro bogira mw’ishengero. Abandi na bo usanga bipfuza kurungika abana babo mu mashure y’indaro azwi ko yigisha neza, mugabo ugasanga kuri ayo mashure abo bana baronka akanya gato cane ko gusukurira Yehova canke ugasanga nta n’ako baronka. Abana bamwebamwe baragoyagoye mu vy’impwemu gushika n’aho kw’ishure bakurikiye imigenzo y’idini y’ikinyoma abarezi b’ayo mashure basavye gukurikiza. Ese ukuntu mwene abo bavyeyi batashikije ibanga bajejwe ryo kwitwararika ineza y’abana babo yo mu buryo bw’impwemu!—Gus. 6:6, 7.
21. Dukwiye kubona gute ivyo kwiga amashure?
21 Birakenewe ko umuntu agira uburimbane mu kuntu abona ivyo kwiga amashure. Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Myandagaro 1999 cavuze giti: “Kwiga amashure akwiye y’ishimikiro ukiri muto birashobora kukwigisha ubuhinga bukenewe kugira ngo ushobore gusoma no kwandika neza . . . . Muri ico gihe urashobora kwiga kwiyumvira mu buryo butomotse, kwihweza ibintu, gutorera umuti ingorane be no gushikiriza ivyiyumviro vy’ingirakamaro”. Emwe, amashure y’ishimikiro atunganirizwa abana bose usanga ari ngirakamaro cane mu gihe ayo mashure ashobora kuboneka. Ariko rero, abana benshi barungitswe kuja kwigira kure y’i muhira canke bakurikiranye amashure ya kaminuza, barahevye ukuri. Abandi na bo usanga bari barategekanije ivyo gukora ubutsimvyi, baciye baja mu vyo kwironderera ibintu vy’umubiri bamaze guheza za kaminuza. Urazi ukuntu ayo mashure yatumye bahomba ibintu vyinshi cane mu vy’impwemu! Mu vy’ukuri, kwiga ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya ni yo nyigisho nyamukuru umwana akeneye. Umwana ategerezwa kwiga gushemeza Yehova. Abavyeyi baha Yehova abana babo kugira bamusukurire mu gikorwa c’igihe cose, barashobora kwizigira badakeka ko atazobata bageze mu zabukuru.—Zab. 37:25.
22. Kurera abana bubaha Imana bivamwo ivyiza ibihe?
22 Kurera abana bubaha Imana bisaba umwanya n’utwigoro. Uzoronka imihezagiro myinshi niwafatana uburemere amabanga abavyeyi bajejwe. Abagize umuryango bose bazohimbarwa bongere ‘banezererwe ivyiza mu butame bwabo bwose’.—Umus. 2:24; 3:12, 13.
[Footnote]
a Raba nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Myandagaro 2000, ku rupapuro rwa 20-23.