Gushinga intahe ata jambo rivuzwe
1 Ivyo Yehova yaremye biboneka birahishura ata jambo bivuze ibintu vyinshi cane ku vyerekeye kamere ziwe zitaboneka (Zab. 19:1-3; Rom. 1:20). Muri ubwo buryo nyene, ukwigenza neza kwacu, kamere zacu za gikirisu, be n’uburyo twambara tukongera tukitunganya rupfasoni birashinga intahe ata jambo bivuze (1 Pet. 2:12; 3:1-4). Umwe wese muri twebwe akwiye kugira icipfuzo co ‘gushariza inyigisho z’Imana, Umukiza wacu muri vyose’ biciye ku kuntu yigenza.—Tito 2:10.
2 Bishoboka bite yuko abantu b’abanyagasembwa bongerereza ubwiza inyigisho zo muri Bibiliya? Ivyo bishoboka gusa biciye ku buyobozi bw’Ijambo ry’Imana no ku bubasha bw’impwemu yera (Zab. 119:105; 143:10). Ijambo ry’Imana “[ni] rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose” (Heb. 4:12). Riranyengetera rwose muri twebwe, rigatuma dushobora kwambara wa muntu musha (Kol. 3:9, 10). Impwemu yera irama muri twebwe kamere nziza, nk’ubuntu, ukumera neza, ubugwaneza, be n’ukwigumya (Gal. 5:22, 23). Twoba umwumwe ukwiwe turiko turareka ijambo ry’Imana be n’impwemu yayo bikagira ico bihinduye mu buzima bwacu?—Ef. 4:30; 1 Tes. 2:13.
3 Abandi barabibona: Igihe tubaho twisunga ingingo mfatirwako za Yehova tukongera tukihatira kugaragaza kamere ziwe, abandi barabibona. Rimbura nk’akarorero ivyerekeye umugabo umwe yatyekezwa n’abo bakorana ku kazi kubera yari mugufi. Umuvukanyikazi umwe bakorana mu biro yama nantaryo amusonera kandi akamwubaha. Ivyo vyatumye nya mugabo amubaza igituma atandukanye rwose n’abandi. Nya muvukanyikazi yamusiguriye yuko yigenza rupfasoni kubera ko ashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwiwe. Yaramubwiye kandi icizigiro c’Ubwami c’akaroruhore. Nya mugabo yaciye atangura kwiga Bibiliya, amaherezo aratera imbere gushika n’aho abatizwa. Atahutse mu gihugu ciwe c’amavukiro, incuti ziwe zaratangajwe n’ukuntu yigenza neza, bituma benshi muri bo na bo nyene bakira ukuri.
4 Haba ku kazi, kw’ishure, canke mu migenderanire tugiranira n’incuti be n’ababanyi, turashobora gutuma abandi baninahaza Imana biciye ku kwigenza neza kwacu no ku ntahe dushinga.—Mat. 5:16.