Amatangazo
◼ Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu duce tumwetumwe tw’icibare, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes—qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? be na Un livre pour tous. Igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera kirashobora gushikirizwa canecane mu vyibare biri ukwa vyonyene. Nyakanga: Ibitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?, Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, ka gatabu k’impapuro 32 kavuga ngo Mwame mugavye! canke ikindi gitabu ca kera cose ishengero rifise mu bubiko, birashobora gushikirizwa. Gitugutu: Muri ukwo kwezi kwose hazoshikirizwa Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe hari abashimishijwe, turabasavye mubashikirize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, maze musubire kubagendera mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya. Munyonyo: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Nimba abantu bavuze ko badafise abana, nimubashikirize igitabu Ubumenyi canke ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?.
◼ Kubera yuko ukwezi kwa Gitugutu gufise amayinga atanu yuzuye, kuzoba ari ukwezi kwiza kwo gukoramwo ubutsimvyi bwo gufasha.
◼ Urupapuro rwa 5 n’urwa 6 z’iyi nomero y’Igikorwa dukorera Ubwami, zikwiye kubikwa kugira ngo zizokoreshwe ku bijanye na porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko n’iy’umusi w’iteraniro ridasanzwe mu mwaka w’umurimo wa 2006.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Nyakanga canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Niba hari ikonte yo muri banke mufise igenewe ibindi bintu, nk’ibijanye n’ibungabunga ry’ibintu canke ubwubatsi, hakwiye no kugirwa intunganyo zo kuyigenzura. Iryo genzura rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.
◼ Amashengero akwiye gutangura gusaba kuri komande azogira ubutaha ibisohokayandikiro bikurikira: Calendrier des Témoins de Jéhovah 2006, Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2006 na Annuaire des Témoins de Jéhovah 2006. Urutonde rw’indimi ivyo bisohokayandikiro bibonekamwo ruzotangwa.