ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/05 rup. 4
  • Woba uriko urakoresha udupapuro tw’ubutumire?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uriko urakoresha udupapuro tw’ubutumire?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyo bijanye
  • Isekeza ryo kw’isi yose ryo gutangaza rya Hwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Akigoro kazogirwa kw’isi yose ko gutangaza Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Kurikira Kristu!”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 8/05 rup. 4

Woba uriko urakoresha udupapuro tw’ubutumire?

Umusi umwe, agahungu k’imyaka 11 karatoye agapapuro k’ubutumire bwo kuja kwumviriza insiguro y’icese ivuga ibijanye n’umuriro udahera. Mu nyuma yavuze ati: “Numvise nshatse rwose kumenya ivyo bintu, kubera yuko nama nkora amakosa, nkaba naratinya cane yuko nzohava nja mu muriro ninapfa”. Karagiye kwumviriza iyo nsiguro, maze haciye nk’umwaka umwe, kamaze kwiga Bibiliya incuro zitari nke, karabatizwa. Ukwo ni ko uwitwa Karl Klein yatanguye umurimo wa gikirisu, akaba yahavuye amara imyaka myinshi ari mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Vyose vyatanguriye ku gapapuro k’ubutumire.

N’ubu udupapuro tw’ubutumire turacari kirumara mu gushinga intahe. Abamamaji benshi basanga guhereza umuntu agapapuro k’ubutumire ari uburyo bwiza bwo kwidondora no guca batanguza ikiyago. Abavyeyi barashobora gufasha abana babo batoyi kugira uruhara mu busuku mu kubaha akaryo ko gushikiriza agapapuro k’ubutumire ku muhana. Abamamaji bashinga intahe biciye ku makete barashobora gutumira abantu ku makoraniro mu gusobekamwo agapapuro k’ubutumire. Kandi koko, udupapuro tw’ubutumire ni uburyo bwiza bwo gutumira ku makoraniro yacu abatohoji ba Bibiliya be n’abandi bantu bashimishijwe.

Woba uriko urakoresha neza udupapuro tw’ubutumire mu busuku bwawe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika