ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/05 rup. 2
  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Udutwe
  • Indwi itangura ku wa 8 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 15 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 22 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 29 Myandagaro
  • Indwi itangura ku wa 5 Nyakanga
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 8/05 rup. 2

Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo

IBIMENYESHEJWE: Haciye ukwezi canke abiri Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” rirangiye, murategekanye iminuta iva kuri 15 gushika kuri 20 kw’Ikoraniro ry’umurimo (kumbure mukoreshe igice cagenewe ibikenewe iwanyu) kugira musubiremwo ivyiyumviro bikurubikuru vy’ihwaniro abamamaji babonye ko ari ngirakamaro mu busuku bwo mu ndimiro. Ico gice kidasanzwe c’Ikoraniro ry’umurimo kizoduha akaryo ko gusigura ukuntu turiko turakoresha ivyo twize kw’ihwaniro n’ako kuvuga ingene vyatumye ubusuku bwacu burushiriza kuba ngirakamaro.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2005, rup. 2.

Indwi itangura ku wa 8 Myandagaro

Ururirimbo rwa 125

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Niwibutse abamamaji amagenekerezo azoberako iteraniro ry’umuzunguruko be n’umusi w’iteraniro ridasanzwe mu mwaka w’umurimo wa 2006, nimba azwi.

Imin. 10: “Woba uriko urakoresha udupapuro tw’ubutumire?”. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku vyiza biva ku gukoresha udupapuro tw’ubutumire. Nimushiremwo umwerekano mugufi w’umwamamaji ariko atumira kw’ikoraniro umuntu yashimishijwe, akoresheje agapapuro k’ubutumire.

Imin. 25: “Iki ni co gihe co kwamamaza!”.a Nutegekanye ivy’uko hagira umutsimvyi asanzwe umwe canke babiri bavuga ivyo bahinduye kugira ngo bashobore gukora ubutsimvyi bongere bavuge imihezagiro baronse.

Ururirimbo rwa 197 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 15 Myandagaro

Ururirimbo rwa 11

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimukoreshe inama zatanzwe ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye mu cibare canyu) kugira mwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Mukakaro. Niherekanwe umukurambere hamwe n’umwamamaji afise amagara make bariko barashinga intahe bakoresheje telefone aho bisanzwe bigirwa. Aho ivyo gushinga intahe hakoreshejwe telefone bitagirwa, niherekanwe ubundi buryo bwo gushinga intahe bukoreshwa n’abafise amagara make, nko kurongorera inyigisho ya Bibiliya ku muhana w’umwamamaji afise amagara make, canke umwamamaji afise amagara make ariko arashikiriza ibinyamakuru yicaye ahantu hakunda guca abantu.

Imin. 15: Woba uvyibuka? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2005, ku rupapuro rwa 30. Nusabe abumviriza batange inyishu ku kibazo kimwekimwe cose. Nushire ahabona agaciro k’ayo mayagwa. Nuremeshe bose kwama basoma bitonze inomero imwimwe yose y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!

Imin. 20: “Gutanguza inyigisho za Bibiliya muhagaze imbere y’umuryango canke hakoreshejwe telefone aho bishoboka, cabure mu kwandika amakete”.b Nimushiremwo umwerekano mugufi w’ingene twotanguza inyigisho ya Bibiliya igihe tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, hakoreshejwe ingingo imwe gusa canke zibiri zo mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Nimwigane icabonywe kimwe canke bibiri biremesha bijanye no gutanguza inyigisho hakoreshejwe telefone.

Ururirimbo rwa 30 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 22 Myandagaro

Ururirimbo rwa 161

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nusome raporo y’ivy’amakonte be n’amakete yo gukenguruka intererano zatanzwe. Vuga ibijanye n’Udukuru twa gitewokarasi, wongere ucishemwo yuko igice kimwe c’intererano zitangwa n’abavyishakiye gikoreshwa mu kwubaka Ingoro z’Ubwami.

Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 20: “Ukwamamaza Ubwami ni agateka ntangere”.c Igihe muganira ku ngingo ya 4, nimwihweze ibijanye na ya ntunganyo idasanzwe ivuga yuko abantu bitereye cane mu myaka canke bafise ingorane z’amagara bashobora gutanga raporo yo mu ndimiro y’umwanya w’iminuta 15 canke igenda yiyongerako iminuta cumicumi n’itanu.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2002, rup. 8, ing. 6.

Ururirimbo rwa 204 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 29 Myandagaro

Ururirimbo rwa 45

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Myandagaro. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8 (nimba zibereye ku cibare canyu), nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Mukakaro. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe umwamamaji asubiye kugendera umuntu yama ashira ibinyamakuru.

Imin. 15: “Gushinga intahe ata jambo rivuzwe”.d Nusabe abamamaji bacaguwe bavuge ukuntu kwihweza ingene abasavyi b’Imana bigenza vyatumye bacika abasuku ba Yehova.

Imin. 20: Gukoresha Bibiliya igihe tugendeye abantu ari bwo bwa mbere. Insiguro be n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze inama zatanzwe mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2004, ku rupapuro rwa 6, ingingo ya 2, kugira ngo mukwegere ivyiyumviro kw’Ijambo ry’Imana igihe mugendeye abantu ari bwo bwa mbere. Nimwerekane ingene imwe canke zibiri mu nama zatanzwe zokoreshwa mu gushikiriza ibisohokayandikiro muri Nyakanga. Inama zatanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005 ku bijanye n’uburyo bwo gushikiriza ibisohokayandikiro na zo nyene zoganirwako kandi hakagirwa umwerekano, umwanya ubikunze.

Ururirimbo rwa 71 n’isengesho ryo gusozera.

Indwi itangura ku wa 5 Nyakanga

Ururirimbo rwa 98

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.

Imin. 15: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 12”.e Nutegekanye ivy’uko hagira umwamamaji umwe canke babiri bavuga ivyabafashije gutera imbere mu vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya no kuzirongora.

Imin. 20: Gutunganya ivyo gufasha abageze mu zabukuru. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 1993, ku rupapuro rwa 28-29, munsi y’agatwe kavuga ngo “L’organisation est très importante” (Gutunganya ibintu birahambaye). Nuvuge indinganizo zagizwe mw’ishengero kugira ngo abarwayi be n’abageze mu zabukuru bafashwe.

Ururirimbo rwa 164 n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika