Bika neza iyi nyongera
Inama tugirwa z’ukuntu twoshikiriza udutabu
Muri iyi nyongera, haratanzwe uburyo butandukanye bwobafasha kwitegurira gushikiriza udutabu. Ubwo buryo murashobora kubuhuza n’uko ivy’aho iwanyu vyifashe. Ubundi buryo na bwo nyene, bwoshobora gukoreshwa. Uburyo bwo gushikiriza udutabu tutavuzwe muri iyi nyongera, burashobora gutegurwa mufatiye ku buryo bukurikira bwatanzwe bwa karorero.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2005, rup. 8.
Bumwe bwose mu buryo tugirwa inama gukoresha buri kuri uru rupapuro burimwo (1) ikibazo gituma umuntu azirikana co gutanguza ikiyago, (2) aho ivyiyumviro muriko murayagako umuntu ashobora kubisanga muri ako gatabu be na (3) icanditswe kibereye coshobora gusomwa mu gihe c’ico kiganiro. Ibindi wovuga muri ico kiyago, woshobora kubivuga mu majambo yawe bwite, ukurikije ukuntu uwo muntu yavyakiriye.
Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
“Igihe hari uwacu apfuye, birumvikana ko twokwibaza aho yagiye be n’uko tuzosubira kumubona. Woba umaze kwibaza ibibazo nk’ivyo”?—Ibibazo biri ku ruhande rw’inyuma rw’igipfukisho; Yobu 14:14, 15.
Doit-on croire à la Trinité?
“Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye uko Imana imeze koko. Woba wibaza ko ata ngorane dupfuye ico twemeye”?—rup. 3, ing. 3, 7-8; Yoh. 17:3.
Iyo Uwo Wakunda Apfuye
“Uyu musi turamutse dushikiriza aka gatabu kamaze kwirura abantu amamiliyoni babuze ababo kandi kagatuma bagira icizigiro. Woba umaze kwibaza icizigiro kihari ku bapfuye”?—rup. 26, ing. 3; Yoh. 5:28, 29.
“Woba umaze kwibaza ingene wokwirura umuntu yabuze uwiwe”?—rup. 20, ing. 1; Imig. 17:17.
Intwaro Izozana Iparadizo
“Abantu benshi baripfuza cane ko ingorane dufise muri iki gihe zotorerwa umuti. Woba wibaza ko hazoteba hakabaho intwaro ishobora gutorera umuti izo ngorane”?—rup. 3, ing. 1; Mat. 6:9, 10.
Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!
“Abantu benshi bibaza yuko, kugira ngo baronke ubuzima budahera, ari ngombwa ko bazorinda kuduga mw’ijuru. Mugabo, wibaza iki ku bijanye no kubaho kw’isi ibihe bidahera”?—Ishusho yo ku gipfukisho; Ivyah. 21:4.
Le nom divin qui demeure à jamais
“Benshi muri twebwe turazi ca gisabisho gitangura ngo ‘Dawe wa twese, uri mw’ijuru, izina ryawe rininahazwe’ (Mat. 6:9, Ubwuzure Bushasha). Ariko none, wari uzi yuko ubukiriro bwacu buhagaze ku kumenya iryo zina”?—rup. 28, ing. 1; Rom. 10:13.
Une vie pleinement satisfaisante: Comment?
“Hirya no hino kw’isi abantu bariko bararondera ubuzima bwiza kuruta. Woba wibaza ko bizoteba bigashika aho tugira ubuzima bumara akanyota koko”?—rup. 29, ing. 6; 2 Pet. 3:13.
Un livre pour tous
“Woba wibaza ko Bibiliya irimwo impanuro zifise akamaro muri iki gihe cacu”?—rup. 22, amajambo y’intangamarara; rup. 23, ing. 3 yo mu ruzitiro; Imig. 25:11.