Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Icanditswe c’umusi
1 Abavyeyi banyarukundo, ku musi ku musi baragira akigoro gakomeye ko kuronsa abana babo imfungurwa nziza. Kubaronsa imfungurwa z’ivy’impwemu ziva mw’Ijambo ry’Imana, vyovyo birahambaye kuruta (Mat. 4:4). Uburyo bumwe ushobora gukoresha mu gufasha abana bawe kugira akayabagu kenshi k’ivy’impwemu maze ‘bagakura gushika ku gakiza’, ni mu gufata akanya ku musi ku musi ko kurimbura icanditswe c’umusi be n’insasanuro yaco, muri hamwe mu muryango (1 Pet. 2:2). Ivyo mushobora kubishira mu wuhe mwanya wo mu rutonde mufise mu muryango?
2 Mu bihe vyo gufungura: Gutangura umusi mu kurimbura icanditswe birashobora gufasha umuryango wanyu kuguma ushize Yehova ku mutima kuri uwo musi wose (Zab. 16:8). Inabibondo umwe yarafashe ingingo yo kuza arasomera hamwe n’umuhungu wiwe icanditswe c’umusi be n’insasanuro yaco bongera bagica irya n’ino, maze agaca atura isengesho, ivyo bikagirwa mu gihe muhungu yaba ariko aritanga umusase imbere yo kuja kw’ishure. Ivyo vyarakomeje nya muhungu bituma atadohoka imbere y’ibigeragezo bijanye n’ivyo kwiratira igihugu, arananira inyosha zo kuja mu buhumbu yongera arashinga intahe n’umutima rugabo ku bo bigana be no ku bigisha. Naho kuri iryo shure ari we wenyene yari Icabona, ntiyigeze yumva ari wenyene.
3 Nimba mwebwe bidashoboka ko muyaga ku canditswe c’umusi mu gitondo, murashobora kukirimburira hamwe mu muryango ikindi gihe kuri uyo musi, kumbure mu gihe co gufungura ivyo ku mugoroba. Kuri uwo mwanya hari abaganira no ku vyabonywe mu murimo wo mu ndimiro be no ku vyiyumviro vyabahimbaye igihe bariko barisomera Bibiliya. Benshi, baribukana umunezero yuko ibihe nk’ivyo vyo gufungura, ari vyo bihe vyababihimbara kuruta ibindi vyose igihe baba bari kumwe mu muryango.
4 Mw’ijoro: Ku miryango imwimwe, igihe kibereye kuruta co kurimburirako icanditswe c’umusi ni neza na neza imbere yo kuja kuryama mw’ijoro. Ako karashobora kandi kuba akaryo keza ko gusengera hamwe. Uko abana bawe bazoguma bumva ku musi ku musi uvuga ivyerekeye Yehova wongera umutura isengesho, bazobona ko ari Imana ibaho koko.
5 Turabipfurije ko Yehova abahezagira mu twigoro twanyu two kwinjiza mu bana banyu ukuri mu gukoresha neza agatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi.