ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/05 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 5/05 rup. 7

Amatangazo

◼ Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwihatire kubashikiriza igitabu Senga Imana. Intumbero yanyu ikwiye kuba iyo gutangura inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, canecane niba ari abantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ruheshi: Nimushikirize igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye. Mu gihe abantu bavuze yuko ata bana bafise, nimubashikirize igitabu Ubumenyi. Nimugire akigoro ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu duce tumwetumwe tw’icibare, udutabu dukurikira twoshobora kuba tubereye: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes — qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? be na Un livre pour tous. Igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera kirashobora gushikiriza canecane mu turere twa kure.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Ruheshi canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Niba hari ikonte yo muri banki mufise igenewe ibindi bintu, nk’ibijanye n’ibungabungwa ry’ibintu canke ubwubatsi, hakwiye no kugirwa intunganyo zo kuyigenzura. Iryo genzura rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika