ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/05 rup. 7
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Igikorwa dukorera Ubwami—2005
km 2/05 rup. 7

Amatangazo

◼ Ruhuhuma: Igitabu Niwiyegereze Yehova ni co kizoshikirizwa. Ntwarante: Nimushikirize agatabu Mwame mugavye!. Niba abantu berekanye ko bashimishwa koko, nimubereke igitabu Ubumenyi, hagirwe akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Ndamukiza na Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe, harimwo n’abitavye Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero babigiranye umwete, nimwitwararike canecane kubashikiriza igitabu Senga Imana. Intumbero ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, canecane ku bantu bamaze kwiga igitabu Ubumenyi n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi wese yagenywe na we akwiye kugenzura amakonte y’ishengero ku wa 1 Ntwarante canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Niba hari ikonte yo muri banke mufise igenewe ibindi bintu, nk’ibijanye n’ibungabunga ry’ibintu canke ubwubatsi, hakwiye no kugirwa intunganyo zo kuyigenzura. Iryo genzura rimaze kurangira, bikwiye gutangarizwa ishengero muri raporo y’ivy’amakonte izoshikirizwa ubutaha.

◼ Umunyamabanga be n’umucungezi w’umurimo bakwiye kwihweza igikorwa c’abatsimvyi basanzwe bose. Nimba harimwo abafise ingorane yo gushitsa amasaha asabwa, abakurambere bakwiye kuringaniza ivy’uko bosahirizwa. Nimba mwipfuza amagirenama, nimwihweze ya makete S-201 arungikwa ku mwaka ku mwaka.

◼ Insiguro y’icese idasanzwe izoshikirizwa mu kiringo c’Icibutso co mu 2005 izoba ifise umutwe uvuga ngo: “Ni kubera iki Yezu yababajwe kandi agapfa?”. Raba itangazo bijanye riri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2004.

◼ Twese dukwiye kuzoba twitavye Ikoraniro ridasanzwe rizoba ku w’iyinga igenekerezo rya 20 Ntwarante kubera ko hazoshikirizwa itangazo ridasanzwe rijanye n’intunganyo izogirirwa abamamaji.

◼ Ibiro vy’ishami ntibitanga ibisohokayandikiro bisabwa n’umwamamaji umwumwe ukwiwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko itangazo rishikirizwa ku kwezi ku kwezi imbere y’uko urukaratasi rwo gusabirako ibisohokayandikiro vy’ishengero ku kwezi ku kwezi rurungikwa ku biro vy’ishami, kugira ngo abipfuza kuronka ibisohokayandikiro vyabo bwite bose bashobore kwegera umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye mugume mwibuka ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika