Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 28 Ruhuhuma 2005. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 3 Nzero gushika ku ndwi itangura ku wa 28 Ruhuhuma 2005.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA
1. Dushobora gute gutuma imvugo yacu irushiriza kuba iyitahurika? [be rup. 226 ing. 1–rup. 227 ing. 1]
2. Ni amajambo ayahe vyosabwa ko asigurwa kuruta? [be rup. 227 ing. 2–rup. 228 ing. 1]
3. Ni ubuhe buryo buzodufasha gushikiriza amayagwa mu buryo koko bwigisha abatwumviriza? [be rup. 231 ing. 1-3]
4. Dushobora gute gutuma ugusoma icanditswe abatwumviriza bamenyereye kuba ukwigisha? [be rup. 231 ing. 4-5]
5. Kuremesha abatwumviriza kwibanda ku bintu vy’ido n’ido bivugwa mu nkuru yo muri Bibiliya bamenyereye bishobora kubafasha iki? [be rup. 232 ing. 2-4]
IKIGABU NO. 1
6. Kwigisha abantu ‘kwubaha Imana no kwitondera ivyagezwe vyayo’ bisigura iki? (Umus. 12:13) [be rup. 272 ing. 3-4]
7. Dushobora gute kwerekeza ivyiyumviro vy’abantu kw’izina Yehova no kuri nyene iryo zina? (Yow. 2:32) [be rup. 274 ing. 3-5]
8. Kwiga ivyerekeye Yezu no kumushingira intahe bihambaye ukungana iki? (Yoh. 17:3) [be rup. 275 ing. 7]
9. Kugiranira n’Imana ubucuti bwemewe be no gutahura Bibiliya bifitaniye isano rishika gute n’ukwemera icese uruhara rwa Yezu? [be rup. 276 ing. 1]
10. Twokwerekana gute ko twemera vy’ukuri yuko Yezu Kirisitu ari Umwami? [be rup. 277 ing. 4]
UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU
11. Se wa Aburahamu, ari we Tera, yoba yasenga ibigirwamana? (Yos. 24:2) [w04 1/12 “Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yosuwa”]
12. Ku bijanye n’ubusuku bwacu, ni igiki twigira ku kuba Gideyoni yarakoresheje ukwiyubara kugira ntaratse abamurwanya bidakenewe? (Abac. 6:25-27) [w05 15/1 rup. 26]
13. Ukuba Ehudi yarakoresheje intambi yiwe neza, akongera akayikoresha n’umutima rugabo bitwigisha iki muri iki gihe? (Abac. 3:21) [w05 15/1 rup. 26]
14. Kubona abantu b’i Gibeya baranse gutanga indaro vyerekanye iki? (Abac. 19:14, 15) [w05 15/1 “Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abacamanza”]
15. Niba “umuntu wese yakora ico yigombeye”, vyoba vyaratumye haba ubusimbirahamwe? (Abac. 21:25) [w05 15/1 “Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abacamanza”]