Intunganyo idufasha kwirinda amaraso
Inama Nyobozi yaremeye ko hokoreshwa ka gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi (Instructions médicales/Pas de sang). Abamamaji bose babatijwe bakwiye kwama bitwaje ako gakarata.
Urakeneye kuraba neza yuko agakarata kawe kujujwe neza kandi ko ata na kimwe cibagiwe. Ako gakarata ntikigera gata igihe mu mihingo yose y’igihugu, kandi ni ko kazokwerekana ivyipfuzo vyawe igihe ugira ingendo aho uja hose. Ukwiye kwuzuza akandi gakarata niba (1) ukeneye kugira ikintu uhinduye ku gakarata kawe, nk’uguhindura aderese be n’inomero za telefone, canke (2) niba agakarata wahorana katakaye kibure kakononekara.
Umuntu akwiye kurimbura ajanisha n’isengesho ibiri kuri ako gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi kandi akakuzuriza i muhira yitonze. Ariko rero, imbere yo kugaterako umukono, birahambaye yuko uburyo bwashinzwe bw’ukuntu bisanzwe bigenda mu kukuzuza bukurikizwa ata guca ku ruhande. Nk’akarorero, niba agakarata kawe kavuga ko ivyabona bibiri basabwa kwibonera ingene ugaterako umukono, bakwiye kuba ari ho bari igihe ugaterako umukono. Uko haca igihe, abacungezi b’inyigisho z’igitabu boshobora kuza barabaza abataruzuza agakarata gashasha kugira barabe niba hari ico bakeneye gufashwamwo. Ako gakarata ubwako ni ko ukwiye kuguma witwaza, ntiwitwaze fotokopi yako.
Agakarata karanzi kacapuwe muri 3/99 kagenewe abana batarabatizwa bafise abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova, ni ko gakwiye gukoreshwa. Abavyeyi bakwiye kuraba neza yuko agakarata k’umwana wese akiri mutoyi kujujwe neza kandi gateweko umukono, be n’uko nya mwana akitwaza mu bihe bibereye.
Abamamaji batarabatizwa boshobora kwiyandikira amabwirizwa yabo bwite be n’ay’abana babo bakoresheje amajambo ari ku gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi (Instructions médicales/Pas de sang) be n’ayari kuri ka Gakarata karanzi. Umunyamabanga akwiye kuronsa agakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi (Instructions médicales/Pas de sang) abamamaji bose bazoba baherutse kubatizwa muri uwo mwaka.