Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 9 Myandagaro
Ururirimbo rwa 18 (162)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nimba inama ziri ku rupapuro rwa 8 zibereye ku cibare c’ishengero ryanyu, nimuzikoreshe mu kwerekana ingene mwoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro na Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Mukakaro. Ubundi buryo bwoshobora gukoreshwa. Nimucishemwo ibijanye na ya ntunganyo yo gutanga intererano. Niwibutse abumviriza kuza bazanye agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu ndwi iza.
Imin. 15: “Ukwihangana kuravamwo impera”.a Nushiremwo ivyiyumviro bikeyi ukuye mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Nzero 2001, urupapuro rwa 15-17, ingingo ya 15-18.
Imin. 20: Gukoresha udupapuro tw’inkuru nziza kugira dutanguze inyigisho za Bibiliya. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2002, urupapuro rwa 3-4. Nushimike ku vy’uko twiteguriye guhuza n’ukuntu ivy’umutohoji wese vyifashe, nk’uko biri mu ngingo ya 5. Nimushiremwo umwerekano umwe canke ibiri migufi, mufatiye ku biri mu ngingo ya 8-10. Nimba hari ubundi buryo bw’ingirakamaro aho iwanyu, nimubusigure hanyuma bube ari bwo mukoresha mu mwerekano. Nusabe abumviriza bigane ivyo biboneye igihe bariko bakoresha ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo: Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya?.
Ururirimbo rwa 22 (130) be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 16 Myandagaro
Ururirimbo rwa 4 (43)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Nimwinjize ukuri mu bana banyu. Insiguro ishingiye ku gitabu Agahimbare mu Rugo, urupapuro rwa 55-59. Nimuganire kuri burya buryo bune abavyeyi bokoresha mu gufasha abana babo kugiranira na Yehova ubucuti bwa hafi, mwerekane ingene ayo mayagwa yoshirwa mu ngiro mu buryo ngirakamaro.
Imin. 20: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere—Igice ca 2”.b Nimushiremwo umwerekano w’iminuta itanu. Umwamamaji abaze umukurambere ingene umuntu yofasha umutohoji wa Bibiliya gutera imbere. Uwo mukurambere avuge yuko umutego benshi bakunda kugwamwo ari uwo kumara umwanya muremure cane ku bintu bidahambaye no ku vyiyumviro vy’iruhande. Akoresheje icigwa ca 9 co mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, arereka uwo mwamamaji ingene umuntu (1) yokwibanda ku vyiyumviro bikurubikuru vyo mu mayagwa, (2) ingene yokoresha mu buryo ngirakamaro ivyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo mu majambo, be n’ingene (3) yohuza ico cigwa n’ivyo umutohoji akeneye. Arashimika mu kuvuga ko bikenewe kwitegura neza igihe cose umuntu agiye kurongora inyigisho.
Ururirimbo rwa 3 (32) be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 23 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Nimwerekane ingene mwoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro na Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Mukakaro. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe ingene umuntu yoshinga intahe ku mwigisha.
Imin. 15: “Indinganizo nshasha yo gusubiramwo ivyo twigiye ku materaniro”. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku kiganiro kiri ku rupapuro rwa 2. Nuvuge amagenekerezo azoberako iteraniro ry’umuzunguruko be n’umusi w’iteraniro ridasanzwe, nimba amaze kumenyekana. Abipfuza kubatizwa bakwiye kubimenyesha umucungezi muhagarikizi hakiri kare bihagije.
Imin. 20: “Ikete rivuye ku Nama Nyobozi”. Umukurambere aganire n’abumviriza. Ivyanditswe birashobora gusomwa nimba habonetse akanya.
Ururirimbo rwa 220 be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 30 Myandagaro
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Myandagaro.
Imin. 15: “Ishure rimenyereza abasuku ni urugi runini ruja mu bikorwa”. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nushiremwo insasanuro ukuye mu gitabu Annuaire 2004, urupapuro rwa 239-240. Nucishemwo yuko kw’iteraniro ry’umuzunguruko hahora haba inama y’abipfuza kwitaba Ishure rimenyereza abasuku. Nuremeshe abakwije ibisabwa kwitaba iyo nama.
Imin. 20: Woba waravyungukiyeko? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nimusubiremwo inama zikurikira zatanzwe mu Gikorwa dukorera Ubwami mu mwaka w’umurimo uheze: Niwandike amajambo makeyi ukoresha mu gutanguza ikiyago ku gapapuro witwaza mu ndimiro (km-RU 10/03 rup. 8). Nukeze umuntu ku giti ciwe ku kintu gitomoye kandi bivuye ku mutima (km-RU 11/03 rup. 1). Nushinge intahe igihe abantu bakunda kuba bari i muhira (km-RU 12/03 rup. 1). Nushinge umwanya ntabanduka wo gusoma Bibiliya, uwo gutegura amakoraniro n’uwo kuja mu busuku bwo mu ndimiro (km-RU 1/04 rup. 4). Koresha agatabu ‘Raba ca gihugu ciza’ mu kwiyigisha no mu gusoma Bibiliya (km-RU 3/04 rup. 2). Niwishingire umugambi wo gusoma Bibiliya yose (km-RU 4/04 rup. 1). Niwamamaze mu kibanza kigirirwamwo ubudandaji (km-RU 7/04 rup. 4). Nukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza kugira utanguze inyigisho za Bibiliya (km-RU 8/04 rup. 2). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu bungukiye ku gushira mu ngiro izo nama.
Ururirimbo rwa 145 be n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 6 Nyakanga
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 25: “Niwerekane agatima k’ubutsimvyi”.c Nubaze ibibazo muri make umutsimvyi umwe canke babiri. Nubasabe bigane ukuntu akarorero k’abavyeyi babo, ak’abakurambere canke ak’abandi kabaremesheje gukurikirana ubusuku bw’igihe cose.
Ururirimbo rwa 142 be n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.