Inyishu ku bibazo vyanyu
◼Umuntu akwiye kuronka gute amakopi yiwe bwite y’Umunara w’Inderetsi na Be maso!?
Kubera yuko ya ndinganizo ya abonema ku binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! be no ku makaseti yavyo yo kwumviriza imaze igihe ihagaritswe, abamamaji bose bakwiye kuronka ibinyamakuru vyabo be n’amakaseti yo kwumviriza biciye kw’ishengero bakukira. Bikwiye kugenda gutyo kiretse ku binyamakuru biri mu nyuguti z’impumyi be no ku makaseti yo kwumviriza birungikirwa impumyi, bikaba birungikirwa kuri gusa abakwije ibisabwa. Muramenya yuko amashengero ashobora gusaba ibinyamakuru biri ku makaseti yo kwumviriza. Ibiri mu ndimi zo mu mahanga hamwe n’integuro zo mu ndome nininini na vyo nyene bikwiye gusabwa muri ubwo buryo.
Nimba hagize umuntu wo mu cibare wakebewe asavye kwama aronswa ibinyamakuru, turagusavye witwararike ico kintu udatebaganye ku buryo ata nomero n’imwe imucika. Abaciwe boshobora kwironsa ibinyamakuru be n’ibindi bitabu ubwabo bakoresha, babiherewe kw’ikontwari itangirwako ibinyamakuru n’ibisohokayandikiro ku Ngoro y’Ubwami. Abaciwe ntibakwiye kuja mu bo umuntu yama ashira ibinyamakuru uko bibonetse.
Nimba Komite y’umurimo y’ishengero isavye ko hari umuntu agirirwa abonema kubera yuko adashobora kuronka ibinyamakuru biciye ku muntu aza arabimushira, umunyamabanga akwiye gushiramwo agakete kagufi kemeza yuko iyo abonema isabwe yihwejwe ikongera ikemezwa na Komite y’umurimo y’ishengero.
Ivyo bisigura yuko ata bamamaji bakwiye kwandikira ibiro vy’ishami bisabira abonema. Amakete nk’ayo yo gusaba abonema arungitswe n’abamamaji canke abantu bashimishijwe, azoca asubizwa mw’ishengero.
◼ Umuntu apfunzwe yoshobora gute kuronka amakopi yiwe bwite y’ibinyamakuru?
Nimba ishengero riraba ivy’ukwamamaza kw’ibohero rishobora kuronsa ibinyamakuru imbohe zihapfungiwe, ico gihe imbohe ikwiye kuronka ibinyamakuru vyayo vy’Umunara w’Inderetsi na Be maso! biciye ku bamamaji bahagendera. Igihe ivyo bidashoboka, iyo mbohe yoshobora kwisabira abonema mu kwandikira ibiro vy’ishami. Turabasavye mumenye yuko n’imbohe zaciwe na zo nyene zishobora kuronka ibinyamakuru vyazo nk’uko vyerekanywe muri iyi ngingo.