Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre? Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Intwaro izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir? Nos problèmes—Qui nous aidera à les résoudre? Un livre pour tous, hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Nyakanga: Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? Nimba ico gitabu ata co mufise, mwoshobora gushikiriza igitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? (integuro ntoyi canke nini), canke La Révélation: le grand dénouement est proche! Gitugutu: Hazoba isekeza ridasanzwe ryo gutanga agatabu gashasha, ariko kandi hazoshikirizwa Umunara w’inderetsi na Be maso! muri uko kwezi kwose. Ayandi makuru azotangwa mu nyuma kugira ibinyamakuru muronka bikoreshwe vyose. Ahabonetse abashimishwa, turabasavye mushikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, kandi mukurikirane ukwo gushimishwa mufise intumbero yo gutanguza inyigisho za Bibiliya.
◼ Guhera muri Nyakanga, abacungezi b’imizunguruko bazoshikiriza insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Duhangane na kazoza dufise ukwizera n’umutima rugabo”.
◼ Igihe abamamaji bakorera mu cibare ata wuragikeberwa, barashobora gushikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi. Ikindi gisohokayandikiro ico ari co cose coshobora gutangwa nimba uwo basanze ku muhanga asanzwe afise ivyo bisohokayandikiro bibiri. Bose bakwiye gutwara udupapuro tw’inkuru nziza dutandukanye kugira badusigire abo badasanze ku muhana canke abatemeye kwakira ibitabu. Harakwiye kugirwa utwigoro kugira hakurikiranwe abashimishijwe, canecane aho amashengero yegereye ivyibare ata we vyakebewe ashobora kubashikira akabakurikirana.
◼ Abanyamabanga b’amashengero bakwiye kuguma bafise amafomu akwiye y’Ugusaba Umurimo w’Ubutsimvyi Busanzwe (S-205-RU) n’ay’Ugusaba Umurimo w’Ubutsimvyi bw’Ugufasha (S-205b-RU). Ashobora gusabirwa kuri ya Fomu y’Ugusaba Ibisohokayandikiro (S-14-RU). Nimugume mufise n’imiburiburi ayakwiranye n’umwaka.
◼ Imbere yo kurungika ku biro vy’ishami amafomu yo gusaba umurimo w’ubutsimvyi busanzwe, umunyamabanga w’ishengero akwiye gusuzuma nya mafomu kugira yiyemeze ko yujujwe neza. Nimba abasaba ubutsimvyi badashoboye kwibuka neza itariki babatirijweko, bakwiye kugereranya iyo tariki, ikaba ari yo babika ahadata. Umunyamabanga akwiye guca yandika iyo tariki kw’Ifishi y’Umwamamaji y’Ishengero.
◼ Igihe cose hari abategekanya gufata urugendo ku giti cabo bakaba bategekanya no kwitaba amakoraniro y’ishengero, iteraniro canke ihwaniro ry’intara ribera mu kindi gihugu, amakuru yerekeye amatariki, amasaha be n’aho bizobera bitegerezwa gusabwa ku biro vy’ishami bihagarikiye igikorwa muri ico gihugu. Aderese z’ibiro vy’amashami uzisanga ku rupapuro rwa nyuma rw’igitabu c’umwaka (Annuaire) kigezweko.
◼ Birakenewe ko ibiro vy’ishami biguma bifise aderese be n’inomero za telefone vya vuba vy’abacungezi bahagarikizi be n’abanyamabanga bose. Igihe cose hari igihindutse, Komite y’umurimo y’ishengero ikwiye kwuzuza ya fomu y’Ihinduka rya aderese y’umucungezi muhagarikizi canke y’umunyamabanga (S-29), ikayishirako umukono, maze ikayirungikira ibiro vy’ishami idatevye. Ivyo birerekeye kandi ivyo ari vyo vyose vyahindutse bijanye n’inomero za telefone z’aho aba.