Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 8 Ntwarante
Ururirimbo rwa 9 (37)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Niwibutse bose kuzana ka gatabu gashasha ‘Raba ca gihugu ciza’ kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi ikurikira. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruhuhuma.
Imin. 15: Dukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza kugira dutanguze ibiyago. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Umuce wo gushinga intahe ukunda gusanga ugoye cane, ni ugutanguza ikiyago. Udupapuro tw’inkuru nziza turashobora gukoreshwa mu gutanguza ikiyago mu gihe co gushinga intahe inzu ku nzu, mu cibare kigirirwamwo ubucuruzi no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi. Nimwihweze muri make udupapuro tw’inkuru nziza tubiri canke dutatu twoshobora gukwegera abantu bo mu cibare canyu. Ni amajambo yo gutanguza ikiyago ayahe yokoreshwa mu gihe co gushikiriza utwo dupapuro? Ibigereranirizo vyoshobora gukoreshwa gute? Ni ibibazo ibihe umuntu yoshobora kuvyura akoresheje ubugenge? Nushire ahabona ingingo yo mu gapapuro kamwekamwe kose yorimburwa mu gihe uwo umuntu asanze ku muhana yerekanye ugushimishwa. Nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yotanguza ikiyago akoresheje agapapuro k’inkuru nziza. Nusabe uwo mwamamaji yihweze muri make ingingo imwe ivuye muri ako gapapuro, hanyuma ace asozera mu gushikiriza igitabu Ubumenyi.
Imin. 20: “Mukunde Uhoraho, yemwe bakunzi biwe mwese”.a Igihe muganira ku ngingo ya 3, nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu batumiye abantu ku Cibutso.
Ururirimbo rwa 10 (82) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 15 Ntwarante
Ururirimbo rwa 6 (45)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu kiganiro kivuga ngo “Ivyibukijwe ku kuvyerekeye Icibutso”. Nutangaze igihe Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi izoberako mu ndwi y’Icibutso.
Imin. 15: Ivyaringanijwe mu bijanye n’igikorwa kidasanzwe co mu kiringo c’Icibutso. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nuvuge ibintu bidasanzwe vyatunganijwe. Niwigane ivyabonywe bikeyi biremesha. Abo bishobokera nubaremeshe gusaba kuba abatsimvyi bafasha muri Ndamukiza no muri Rusama. Nimwihweze muri make ivyiyumviro bikeyi bivuye mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma.
Imin. 20: Niwungukire ku gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’. Ako gatabu gashasha karashobora gutuma ugusoma kwacu n’ukwiga Ijambo ry’Imana kwacu birushiriza kugira ico bivuze. Uburyo bwo kubishikako, ni ugukoresha ironderero ry’ako gatabu. Soma muri Yesaya 63:1, ahadondora Yehova nk’aho ariko araza ava i Bosira. Nusabe bose gutora ahari Bosira mw’ironderero ry’agatabu ‘Igihugu ciza’. Nusigure ico inyandiko “Bosira 11 G11” isobanura ukoresheje uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 34, maze uce utora aho Bosira na Edomu biri kw’ikarata yerekanywe. Ukoresheje ironderero, nutore inzira Yezu yaciyemwo avuye i Yeruzalemu aja i Sukara (Yoh. 4:3-5). Nubigenze gutyo nyene mu kugenekereza aho ikidengeri c’i Betesida kiri (Yoh. 5:1-3). Nucagure akandi karorero kamwe canke tubiri ukuye mu gusoma Bibiliya kw’umushamvu kwo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kungene umuntu yotora aho ivyo bibanza biri muri ako gatabu, be n’ukuntu dushobora kwungukira ku gukoresha ayo makarata. Muri make, nushire ahabona amwamwe mu makarata ari muri ako gatabu wongera uvuga ibiringo yerekezako. Ikarata iri ku rupapuro rwa 18-19 ni yo iriko ibibanza vyinshi bivugwa muri Bibiliya. Nuhimirize bose gukoresha neza agatabu ‘Raba ca gihugu ciza’.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 22 Ntwarante
Ururirimbo rwa 21 (191)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Niwibutse bose gukurikiza urutonde rw’ugusoma Bibiliya mu kiringo c’Icibutso rwo ku wa 30 Ntwarante gushika ku wa 4 Ndamukiza, nk’uko vyerekanwa mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2004 no kuri Calendrier 2004.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu be n’Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 20: “Igitero c’abarwanira ku mafarasi ugiramwo uruhara”.b Umwanya ubibakundiye, nimusome mwongere muganire ku vyanditswe vyatanzwe.
Ururirimbo rwa 12 (113) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 29 Ntwarante
Ururirimbo rwa 4 (43)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ntwarante. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Ndamukiza. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 4, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante be na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ntwarante.
Imin. 15: Turakwije ibisabwa kugira ngo twigishe abandi. Nimwihweze amayagwa ari mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2003, ku ndwi itangura ku wa 1 Kigarama. Nuremeshe bose gutanguza no kurongora inyigisho za Bibiliya zigira ico zivamwo kandi zitera imbere.
Imin. 20: Ukuri kuratuma imiryango yunga ubumwe. Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Abantu bashimishijwe rimwe na rimwe baragonanwa gusukurira Yehova kubera ukurwanywa n’abo mu bagize umuryango. Nimwigane bimwebimwe mu vyabonywe bikurikira bivugwa mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2002, urupapuro rwa 24-25; mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Kigarama 2000, urupapuro rwa 8; mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1999, urupapuro rwa 32; mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 1999, urupapuro rwa 4; no muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruhuhuma 1998, urupapuro rwa 31. Nushimike ku vy’uko ubuzima bwo mu rugo kenshi bumera neza n’igihe yoba ari umwe mu bagize urugo ashize mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya.
Ururirimbo rwa 22 (130) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 5 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimuyage muri make ku kiganiro kivuga ngo “Uburyo bwo kubafasha”. Nuserure yuko iyo ntunganyo igenewe canecane abantu bavuga urundi rurimi.
Imin. 20: Isuku ry’umubiri riradushimagiza. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2002, urupapuro rwa 27-29. Nushiremwo umwerekano aho umukurambere yereka umutsimvyi ingene yofasha umutohoji wa Bibiliya abigiranye ubugenge kubona akamaro ko kuguma asukuye inzu yiwe n’imbuga, akoresheje icigwa ca 9, ingingo ya 5 mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.
Imin. 15: Niwigane ivyabonywe bijanye n’ihimbazwa ry’Icibutso be n’umurimo wiyongereye waranguwe muri Ntwarante.
Ururirimbo rwa 17 (187) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.