Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 8 Kigarama
Ururirimbo rwa 27 (221)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo be n’uw’ukuntu umuntu yoshikiriza Réveillez-vous! yo ku wa 22 Munyonyo. Muri umwumwe wose muri iyo myerekano, ivyo binyamakuru vyose bikwiye gutangirwa icarimwe, naho nyene kimwe gusa ari co cerekanwa.
Imin. 20: “Ubumwe nyakuri bw’abakirisu bushoboka gute?”a Igihe muzoba muriko muraganira ku ngingo ya 5, nusabe abumviriza bigane ivyo biboneye mu bijanye n’amahwaniro, amaporoje yo kwubaka inyubakwa zikorerwamwo ivya gitewokarasi, canke mu bijanye n’igikorwa co gutabara abahuye n’ivyago, ivyo vyabonywe bikaba bigaragaza ubumwe bwacu bwa gikirisu.
Imin. 15: “Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2004”. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Nushiremwo insasanuro zishingiye ku nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 2003.
Ururirimbo rwa 15 (127) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 15 Kigarama
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nuremeshe bose kwihweza Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1999, ku kibazo kibaza ngo: “Woba witeguriye ibintu vyihutirwa?”. Abafise ya videwo ivuga ivy’ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa (Transfusion-Alternative Health Care—Meeting Patient Needs and Rights) ubaremeshe kuyiraba, ivyo vyose babigire mu kwitegurira ikiganiro kizoshikirizwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo ku ndwi itangura ku wa 29 Kigarama. Nimuganire ku biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Turakwinginze ubagendere udatebaganye”. Niwerekane ukuntu ifomu S-70 imeze nimba muyifise. Nuvuge ibintu bidasanzwe vyerekeye umurimo wo mu ndimiro mwaringanije kuzokora ku wa 25 Kigarama no ku wa 1 Nzero.
Imin. 15: Ukwiga—Birahesha Impera Kandi Biraryoshe. Insiguro ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2000, ku rupapuro rwa 23-24, ingingo ya 6-10.
Imin. 20: “Nufashe abari ‘mu mero nziza y’umutima’ ”.b Nukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nimwihweze inama tugirwa z’ukuntu twosubira kugendera abantu zitondetse mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 3 rw’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 1997.
Ururirimbo rwa 7 (51) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 22 Kigarama
Ururirimbo rwa 10 (82)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire umwerekano w’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama be n’uw’ukuntu umuntu yoshikiriza Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama. Niwibutse bose ibijanye n’Ikoraniro ry’umurimo ridasanzwe ryo mu ndwi iza, aho tuzokwihweza ya videwo ivuga ivy’ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa (Transfusion-Alternative Health Care—Meeting Patient Needs and Rights) aho iboneka, tukongera tukaganira ku bijanye na ka gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi (Instructions médicales/Pas de Sang) kandi tukakagabanganya.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 18: “Nurondere ababereye”.c Niwerekane ukuntu ayo mayagwa yoshirwa mu ngiro aho iwanyu. Ni ryari abantu bakunda kuba bari i muhira? Gukora ku mugoroba canke buhwibiriye vyavuyemwo iki? Ni uburyo ubuhe umuntu ashobora gukoresha kugira ngo abonane n’abadakunda kuba bari i muhira?
Ururirimbo rwa 4 (43) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 29 Kigarama
Ururirimbo rwa 23 (200)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Nuremeshe abamamaji bose gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Kigarama. Nuvuge ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Nzero.
Imin. 17: Nimuganire Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1999, ku kibazo kibaza ngo “Woba witeguriye ibintu vyihutirwa?” canke aho ya videwo iboneka, muganire ku kiganiro kivuga ngo “Ividewo ishira ahabona uburyo bwo kuvura buhambaye”. Gishikirizwe n’umukurambere abishoboye. Nusome Ivyakozwe 15:28, 29 wongere ushimike muri make yuko imvo nyamukuru ituma abakirisu banka guterwa amaraso ari iyo kwubaha itegeko ry’Imana ryerekeye ubweranda bw’amaraso. Nuce winjira mu kiganiro gishingiye kuri ya videwo ivuga ivy’ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa (Transfusion-Alternative Health Care—Meeting Patient Needs and Rights), ukoreshe ibibazo vyatanzwe muri ico kiganiro. Nusozere mu gusoma ingingo ya nyuma.
Imin. 23: Nuhangane n’ingorane z’ivy’ubuvuzi udatinya. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere abishoboye akoresheje urucacagu rutangwa n’ibiro vy’ishami. Nimwihweze ivyiyumviro nyamukuru biri mu ruzitiro ruvuga ngo “Intunganyo zidufasha kwirinda amaraso”.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 5 Nzero
Ururirimbo rwa 12 (113)
Ibimenyeshejwe: Amashengero ntakwiye gufata Ikoraniro ry’umurimo ryategekanijwe kuzogirwa ku wa 5 Nzero ngo aryimurire imbere y’iryo genekerezo, kiretse igihe bagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko. Mu mashengero yose, kw’Ikoraniro ry’umurimo bakwiye kwihweza inyongera yerekeye ihwaniro nk’uko biri ku rutonde, kiretse igihe hari iteraniro ry’umuzunguruko kuri iyo ndwi.
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 15: Ubutame bwawe si ubw’ubusa (1 Kor. 15:58). Guhana ijambo n’abumviriza. Nutegekanye imbere y’igihe ivy’uko abamamaji bamaze imyaka myinshi ari abanyamwete bigana ido n’ido ry’igikorwa caranguwe mu myaka ya kera. Ni bangahe bari bifatanije n’ishengero muri ico gihe? Icibare cari carakebewe iryo shengero cagarukira hehe? Abantu bakira gute ubutumwa bw’Ubwami? Ni uruhamo bwoko ki rwagushikiye? Igikorwa c’Ubwami cateye imbere gute muri ako karere uko imyaka yagiye irarengana?
Imin. 25: “Ihwaniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2004 ryataziriwe ngo ‘Gendana n’Imana’ ”. Gishikirizwe n’umunyamabanga w’ishengero. Umaze kurimbura ingingo ya 1, nusome ikete ryo ku wa 15 Kigarama 2003 ryerekana ihwaniro ishengero ryanyu rizokwitaba. Igihe uzoba uriko uraca irya n’ino ingingo ya 3, nusabe abumviriza bavyishakiye basome ivyiyumviro vyose dusanga mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 4. Nuremeshe bose kugira ivyo baringanije bijanye n’ihwaniro hakiri kare bishoboka.
Ururirimbo rwa 2 (15) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.