Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
Indwi itangura ku wa 13 Gitugutu
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Nuremeshe bose gukoresha ibibazo biri ku rupapuro rwa 1 kugira ngo basubiremwo utwo banditse mu kwitegurira ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza ca porogarama ya rya hwaniro ryataziriwe ngo “Ninahaza Imana” kizoshikirizwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano ibiri y’ibintu bibaho koko y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nyakanga na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nyakanga. Muri umwumwe wose ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano, herekanwe uburyo bwo gusubira kugendera umuntu asanzwe ari mu nzira y’ibinyamakuru. Nushireho umushinge wo gusubira kugendera uwo muntu mu kwerekana ibiri mu ruzitiro ruvuga ngo “Mu nomero yacu iza”.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Gitugutu 1998, rup. 4 ing. 7-8.
Imin. 20: “Nusukurire Yehova unezerewe”.a (Bose bakwiye kuba bibangikanije inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002 ku bw’ico kiganiro.) Mumaze kuganira ku ngingo ya 4, nucishemwo yuko muri Munyonyo tuzoshikiriza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? n’igitabu Ubumenyi. Nimwihweze mu ncamake bumwe mu buryo bwo gutanguza ikiyago twagiriwe inama buri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Nzero 2002. Nuheze werekane umwimenyerezo werekanwamwo ubwo buryo bwo gutanguza ikiyago. Nuremeshe bose kwitegurira neza ubusuku.
Imin. 15: Kurongora inyigisho za Bibiliya birazana imihezagiro. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Niwigane ivyabonywe bikeyi ukuye mu bisohokayandikiro vyacu, bivuga ivyerekeye inyigisho za Bibiliya zitera imbere (w00-F 1/3 rup. 6; yb98-F rup. 55-60). Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku co ivyo vyabonywe bitwigisha be n’ukuntu twungukira ku kurongora inyigisho za Bibiliya.
Ururirimbo rwa 16 (143) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 20 Gitugutu
Ururirimbo rwa 15 (127)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 40: “Amahwaniro y’Intara be na Mpuzamakungu aratuvyurira umutima wo kuninahaza Imana!”. Gishikirizwe n’umukurambere. Umaze gushikiriza intangamarara y’umunuta umwe canke udashika, nurongore ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza ca porogarama y’ihwaniro ukoresheje ibibazo biri muri ico kiganiro nyene. Nugere umwanya ku buryo bw’uko urimbura ibibazo vyose, kumbure hatangwe inyishu imwe gusa ku bibazo bimwebimwe. Ivyanditswe vyatanzwe ntivyoshobora gusomwa vyose mu gihe catanzwe; vyashizwemwo kugira ngo umuntu bimworohere kumenya aho inyishu ziri. Insasanuro zitangwa zikwiye kwibanda ku vyiza biva ku gushira mu ngiro ibintu twize.
Ururirimbo rwa 18 (162) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 27 Gitugutu
Ururirimbo rwa 11 (85)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Gitugutu. Nuremeshe bose kwihweza utwo banditse kuri porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe ryabaye mu mwaka w’umurimo waraye urangiye mu kwitegurira Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi iza. Mukoresheje inama zatanzwe ku rupapuro rwa 8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu na Réveillez-vous ! yo ku wa 8 Gitugutu. Muri umwumwe wose ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho kimwe gusa ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano, herekanwe ukuntu umuntu yovyifatamwo ku majambo ahagarika ikiyago avuga ngo: ‘Nta vyo nshaka’.—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago, rup. 8.
Imin. 20: Koresha inkota y’impwemu (Ef. 6:17). Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 143-144. Nubasabe gutanga insasanuro kuri ibi vyiyumviro: (1) Ni kubera iki dukoresha Bibiliya igihe twishura ibibazo? (2) Izina Ivyabona vya Yehova ryerekana iki ku bitwerekeye? (3) Ni akarorero akahe Yezu yatanze, kandi twomwigana gute? (4) Mu cibare canyu, ni uburyo butandukanye ubuhe bugira ico buvamwo mwokoresha mu kwinjiza mu biyago ivyiyumviro vyo muri Bibiliya? (5) Ni kubera iki ari vyiza gusoma ubwo nyene muri Bibiliya igihe cose bishoboka? (6) Abakurambere bashobora gute kuremesha abandi gukoresha neza Bibiliya? Nimugire umwerekano wateguwe neza ushingiye ku mwimenyerezo uri ku rupapuro rwa 144 aho umwamamaji abishoboye akoresha n’imiburiburi icanditswe kimwe mu kwishura ikibazo. Nuremeshe bose kwishingira umugambi wo gukoresha Bibiliya igihe cose bariko bashinga intahe.
Imin. 13: Ivyabonywe aho iwanyu. Nusabe abumviriza bigane ivyo babonye ku bijanye n’igihe bitaba ihwaniro ry’intara canke igihe bariko bashinga intahe akaryo kizanye ku kazi, kw’ishure canke ahandi.
Ururirimbo rwa 12 (113) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 3 Munyonyo
Ururirimbo rwa 10 (82)
Imin. 7: Amatangazo y’iwanyu. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 13: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 25: “Tube Abatunzi mu Bikorwa Vyiza” (1 Tim. 6:18). Umukurambere akoresheje ibibazo vyatanzwe ngaha, arongore ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza ca porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe ryagizwe mu mwaka w’umurimo waraye urangiye. Nusabe abamamaji bigane ingene bashoboye gushira mu ngiro ivyo bize (Ibihimba vyo gushikiriza birashobora gutangwa imbere y’igihe.). Nuserure ibice bikurikira vy’iyo porogarama: (1) “Ibikorwa Vyiza Birazana Inyungu Nyinshi” (Umus. 2:11). Ni kubera iki abasavyi b’Imana bakurikirana ibikorwa vyiza bidondorwa mw’Ijambo ry’Imana aho gukurikirana ibikorwa ata co bivuze vyo muri iyi si? (2) “Nube Umutunzi Ufatiye ku Kuntu Imana Ibona Ibintu” (Mat. 6:20). Ni gute bamwebamwe ‘birundanirije ubutunzi mw’ijuru’, kandi ni ivyiza ibihe vyavuyemwo? (3) “Nuryohore Ubusuku Bwawe mu Kurongora Inyigisho ya Bibiliya” (om-RU rup. 91). Ni igiki codufasha gutanguza no kurongora inyigisho ya Bibiliya? (4) “Ibikorwa Vyiza Muri Iki Gihe c’Iyimbura” (Mat. 13:37-39). Ni akarorero akahe k’ibikorwa vyiza katanzwe n’abakirisu bo mu ntango, kandi igikorwa c’Ubwami cagutse gute muri iki gihe cacu? (5) “Nureke Ibikorwa Vyawe Vyiza Bininahaze Yehova” (Mat. 5:14-16). Ni gute bamwebamwe baretse ‘umuco wabo ukabonesha’? (6) “Gukeza Abakiri Bato ku bw’Ibikorwa Vyiza Barangura mu Gushemeza Yehova” (Zab. 148:12, 13). Urwaruka rukirisu rwo mu muzunguruko wacu ruriko rurashemeza Yehova gute? (7) “Tubandanye Gukora Ibikorwa Vyiza Maze Twimbure Imihezagiro ya Yehova” (Imig. 10:22). Uko tuguma dukora ibikorwa vyiza vyinshi, ni imihezagiro iyihe dushobora kwimbura umwe wese ukwiye, uko tugize umuryango, uko tugize ishengero be n’uko tugize ishirahamwe riri kw’isi yose?
Ururirimbo rwa 5 (46) n’isengesho ryo gusozera.
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.