ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/03 rup. 7
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 10/03 rup. 7

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizokwishurwa ku munwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ku ndwi itangura ku wa 27 Gitugutu 2003. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 30, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu bigabu vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 1 Nyakanga gushika ku ndwi itangura ku wa 27 Gitugutu 2003. [Ibimenyeshejwe: Aho ata marabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo, muzokenera kwigirira ubushakashatsi bwanyu kugira ngo mutore inyishu.—Raba igitabu Ishure ry’Ubusuku, rup. 36-37].

Amayagwa akurwa mu gitabu “Kila Andiko” yaratanzwe mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 2003.

KAMERE Y’IVY’UKUVUGA

1. Impanuro iri muri 1 Timoteyo 2:9 yo kwambara ‘inyambaro ibereye’ isobanura iki, kandi ivyo bishobora kugira ico bikoze gute ku vyo dushikiriza ku mukiruruko canke mu busuku bwo mu ndimiro? [be-RU rup. 132 ing. 4-5]

2. Ingingo ngenderwako ziri muri 1 Yohana 2:15-17; mu Banyefeso 2:2 no mu Baroma 15:3 zikwiye kwosha gute ukuntu tuboneka? [be-RU rup. 133 ing. 2-4]

3. Ni kubera iki guturura bihambaye, kandi twokora iki kugira ngo turonke uguturura igihe dushikiriza ikiganiro ku mukiruruko canke igihe tugira uruhara mu busuku? [be-RU rup. 135 agasandugu; rup. 136 ing. 5, agasandugu]

4. Bwa “cabona co kwizigirwa kandi c’ukuri”, ni gute Yezu yadushiriyeho akarorero mu vyo gukoresha Bibiliya mu busuku (Ivyah. 3:14)? [be-RU rup. 143 ing. 2-3]

5. Dushobora gute kurushiriza gucika abahinga mu vyo gukoresha Bibiliya (Tito 1:9)? [be-RU rup. 144 ing. 1, agasandugu]

IKIGABU NO. 1

6. Kwiga bisaba iki, kandi ni ivyiza ibihe biva ku kwiga Ijambo ry’Imana ubudahorereza? [be-RU rup. 27 ing. 3; rup. 32 ing. 3]

7. Nimba dushaka guhimbara Imana igihe duhitamwo umuziki, ni ubwoko bw’umuziki ubuhe tuzokwirinda? [w00-RU 1/6 rup. 19 ing. 6]

8. Amagenekerezo ngenderwako ni iki, kandi ni kubera iki afise agaciro kanini? [si-SW rup. 282 ing. 27]

9. Inyigisho y’Ubutatu yinjiye gute mu biyita abakirisu? [w00-RU 1/6 rup. 5 ing. 2]

10. Mw’isi nshasha, abantu bazoshika gute ku gutahura bimwe bishitse ukuntu Yehova abona igihe? [si-SW rup. 283 ing. 32]

11. Daniyeli 5:30. Twisunze ubwo buhanuzi, itemba rya Babiloni ryashitse ryari nk’uko abahinga mu vy’urukurikirane rw’ibihe ibintu vyagiye biraberako bo mw’isi bavyerekana? [si-SW rup. 282 ing. 28]

UGUSOMA BIBILIYA KW’UMUSHAMVU

12. Nk’uko Paulo yavyerekanye mu 1 Ab’i Korinto 3:10-12, ibikoresho vyiza kuruta vyo kwubaka kamere za gikirisu ari vyo ‘izahabu, ifeza, amabuye y’igiciro kinini’ bigereranya iki? [fy-RU rup. 55]

13. Akarorero ka Yezu ko gutanga kagira ico gakoze gute ku bakirisu (2 Kor. 8:9)? [w-RU 1/92 rup. 24 ing. 10]

14. Ni gute Ivyagezwe vyari “umurezi aturera akadushikiriza Kristo” (Gal. 3:24)? [w02-RU 1/6 rup. 23 ing. 11]

15. “Ivya mbere vyo mw isi” dutegerezwa kwirinda kugira ngo ntibituyovye ni ibiki (Kol. 2:8)?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika