ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/03 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 10/03 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 15 Nyak.

“Mw’isi ya kino gihe bamwebamwe biyumvamwo yuko bari mu mubano w’abubatse utarimwo urukundo. None abantu nk’abo bokura hehe imfashanyo? [Rindira yishure.] Bibiliya iradukura amazinda yuko ingingo ngenderwako z’Imana zishobora kudufasha. [Soma Yesaya 48:17, 18.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi irihweza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gukomeza umubano w’abubatse”.

Réveillez-vous! 22 Nyak.

“Turatangazwa n’ubushobozi ibikoko bifise bwo kuganira. Mugabo none wari uzi yuko mu mice imwimwe abantu batandukanye cane n’ibikoko? [Rindira yishure. Maze usome Zaburi 65:2.] Twebwe turipfuza kuganira n’Imana, ariko ibikoko vyovyo ntivyipfuza kuganira n’Imana. Iki kinyamakuru kirerekana ukuntu dushobora kuganira mu buryo bwiza n’abantu be n’Imana”.

Umunara w’Inderetsi 1 Git.

“Woba umaze kwibaza uti: ‘Nimba Imana ari inyarukundo ikongera ikaba Mushoboravyose, ni kubera iki idatabara abariko baracumukura?’. [Rindira yishure.] Ubu bwa vuba igiye gukuraho ingorane zose. [Soma Yesaya 65:17.] Iki kinyamakuru cerekana yuko, mu kurindira ico gihe, Imana itaguma gusa iraba uko ducumukura itabinezwe”.

Réveillez-vous! 8 Git.

“Woba umaze kwumva ko abarimyi benshi bariko barabona yuko bigoye kubandanya kurima ngo baronke ibibatunga? [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! iraca irya n’ino ivy’ico kibazo, ikongera ikerekana umuhango Bibiliya itanga w’igihe ciza cane kiri imbere. [Soma Zaburi 72:16.] Ninagaruka, nipfuza kuzogusigurira ingene Imana izoshitsa ibi bintu”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika