Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Nyak.
“Abantu amamiliyoni bemera yuko ‘aberanda’ bafise ububasha budasanzwe kandi yuko ari vyiza kubacako mu gusenga. Wewe uvyibazako iki? [Nurindire inyishu.] Raba ivyo Yezu Kirisitu yavuze. [Soma Yohana 14:6.] Ivyo bituma bamwebamwe bashaka kumenya ivyerekeye ugusenga baciye ku ‘beranda.’ Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iraca irya n’ino ivy’ico kibazo gihambaye.”
Réveillez-vous! 22 Nyak.
“Abantu benshi muri iki gihe bararajwe ishinga n’ivyerekeye iterabwoba, ushizemwo n’ikoreshwa ry’ibirwanisho vyicisha imikorobo. Woba wiyumvira yuko intwaro z’abantu zishobora gukura kuri iyi si iterabwoba? [Nurindire inyishu.] Bibiliya irerekana ico Imana igabirije gukora. [Soma Ezekiyeli 34:28.] Iki kinyamakuru Réveillez-vous! kirarimbura bimwebimwe mu vyiyumviro bijanye n’ico kibazo.”
Umunara w’Inderetsi 1 Git.
“Abantu benshi baripfuza kumenya nimba ingorane zose tubona hirya no hino zizoteba zigahera, uri intambara, ubugizi bwa nabi be n’ibikorwa vy’iterabwoba. Wewe uvyibazako iki? [Nurindire inyishu.] Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda muri aya majambo ahumuriza. [Soma Zaburi 37:10, 11.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma Imana itarakuraho ikibi be n’ugucumukura guterwa na co.”
Réveillez-vous! 8 Git.
“Muri iki gihe bisa n’uko hariho iyongerekana ritangaje ry’igitigiri c’imiryango usangamwo umuvyeyi umwe yirerana abana. Bibiliya irerekana yuko Umuremyi wacu abumvira imbabazi. [Soma Zaburi 146:9.] Iyi nomero ya Réveillez-vous! irerekana ukuntu ingingo ngenderwako za Bibiliya zishobora gufasha abavyeyi nk’abo bakererwa mu kurera abana babo.”