Urutonde rw’amakoraniro y’umurimo
IBIMENYESHEJWE: Igikorwa dukorera Ubwami kizoshinga urutonde rw’Ikoraniro ry’Umurimo ry’indwi yose yo mu kiringo c’amezi aberamwo ihwaniro. Amashengero yoshobora kugira ivyo ahinduye uko bizoba bikenewe kugira ngo bifashe kuzokwitaba Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo: “Ninahaza Imana”. Aho bibereye, nimufate iminuta 15 kw’Ikoraniro ry’Umurimo rya nyuma imbere y’uko mwitaba ihwaniro, kugira musubiremwo impanuro zijanye n’iryo hwaniro zishobora gukora aho iwanyu, zatanzwe mu nyongera y’uku kwezi. Mu kwezi kwa Gitugutu, Ikoraniro ry’Umurimo ryose uko ringana rizotunganywa kugira hasubirwemwo ivyiyumviro bikurubikuru vya porogarama y’iryo hwaniro. Mu kwitegurira ico kiganiro, twese turashobora kwandika ivyiyumviro bihambaye kuri iryo hwaniro, harimwo n’urutonde rw’ivyiyumviro bitomoye twipfuza gushira mu ngiro mu buzima bwacu bwite no mu busuku bwo mu ndimiro. Maze tuzoshobora kuremesha abandi mu gusigura ingene kuva igihe twitaba iryo hwaniro twashize mu ngiro izo nama twagiriwe.
Indwi itangura ku wa 9 Ruheshi
Ururirimbo rwa 6 (45)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Rusama. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe, naho kimwe conyene ari co umwamamaji yerekana. Igihe cose ushikiriza ibinyamakuru, nushiremwo icanditswe.
Imin. 15: “Ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa nyamukuru tujejwe”.a Nuremeshe abakiri bato bazirikane ku mihezagiro bashobora kwinovora baramutse binjiye mu murimo w’igihe cose. Nushiremwo insasanuro ku mayagwa ari munsi y’agatwe kavuga ngo “ Quand tradition locale et conscience divergent ” (Igihe imico kama y’ahantu idahuza n’ijwi ryo mu mutima), mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Munyonyo 2000, urupapuro rwa 19-20.
Imin. 18: “Dukoranire hamwe ngo dushemeze Yehova”.b Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nuhimirize bose kuba ari ho bari ku biringo vyose, guhera ku wa gatanu mu gitondo gushika ku w’iyinga ku muhingamo. Nushimike ku vy’uko bikenewe ko dushira mu ngiro ivyo twize aho kuvyumva gusa. Nimurimbure ibimenyeshejwe biri aho haruguru vyerekeye ivyategekanijwe ku bw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo muri Gitugutu, igihe hazogirwa isubiramwo ry’ibintu bikurubikuru vyashikirijwe kw’ihwaniro ry’intara. Nuremeshe bose kuzogira utwo bandika.
Ururirimbo rwa 20 (93) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 16 Ruheshi
Ururirimbo rw’9 (37)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte. Udukuru twa gitewokarasi.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 18: “Tube icitegererezo c’ibikorwa vyiza”.c Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nushimike ku vy’uko bikenewe gukurikiza indinganizo zashizweho zerekeye uburaro ku bw’ineza yacu. Nusigure igituma bihambaye ko umwe wese muri twebwe yigenza neza.
Ururirimbo rw’10 (82) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 23 Ruheshi
Ururirimbo rwa 13 (124)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruheshi. Muri umwumwe wose, ivyo binyamakuru bikwiye gutangirwa icarimwe naho kimwe conyene ari co cerekanwa. Muri umwe muri iyo myerekano, niherekanwe umwamamaji ariko arashinga intahe mw’ibarabara.
Imin. 20: Twokora iki igihe ducitse intege? Insiguro n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza, bishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1999, ku rupapuro rwa 28-29 gushika ku gatwe kavuga ngo “ L’importance de garder un bon état d’esprit ” (Akamaro ko kuguma umuntu afise agatima keza), ako gatwe kakaba karimwo. Nimwihweze inama ngirakamaro zatanzwe be n’impanuro zishingiye ku Vyanditswe. Nimutegekanye imbere y’igihe ivy’uko umwamamaji umwe canke babiri bererwa basigura icabafashije kuguma bafise umunezero mu busuku barangura.
Imin. 15: “Kwamamaza mw’isi iguma ihindagurika”.d Igihe muganira ku ngingo ya 2-3, nusabe abumviriza bavuge ibintu biriko biraba bashobora gukoresha kugira batanguze ikiyago mu cibare mwakebewe. Igihe muyaga ku ngingo ya 4, nimugire umwerekano mugufi mukoresheje bumwe mu buryo bwo gushikiriza inkuru nziza bwatanzwe.
Ururirimbo rwa 2 (15) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 30 Ruheshi
Ururirimbo rwa 4 (43)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro yo muri Ruheshi. Nimwihweze ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Mukakaro na Myandagaro. Nimushimike ku dutabu tubiri mufise mu bubiko bwanyu. Nimutunganye ko hagirwa imyerekano yateguwe neza y’ukuntu umuntu yodushikiriza mu busuku. Kugira ngo mubone uburyo bwo kudushikiriza twagiriwe inama, nimurabe Igikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998 ku rupapuro rw’8. Ubundi buryo bwo gushikiriza inkuru nziza turashobora kubusanga muri Index des publications de la Société Watch Tower munsi y’umutwe uvuga ngo “ Présentations ” (Uburyo bwo gushikiriza), ku gatwe kari hagati y’inkingi kavuga ngo “ Liste par publication ”.
Imin. 15: “Bafise ubumuga yamara barererwa”.e Nugire ivyo uvuga bijanye n’ukuntu abandi bashobora gufasha, bishingiye kuri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Myandagaro 1990, ku rupapuro rwa 22-23, munsi y’agatwe kavuga ngo “ Quelle aide apporter ? ” (Ni imfashanyo iyihe dushobora gutanga?).
Imin. 20: Nukoreshe neza Ijambo ry’Imana mu kwamamaza Ubwami. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Igihe duhuye n’umuntu uwo ari we wese mu busuku, turihatira kumushikiriza iciyumviro kiremesha gishingiye ku Vyanditswe cerekeye Ubwami. Ariko rero, ntidukwiye gusa gusoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya. Turakenera kubisigura, kubitangira akarorero no kwerekana ingene vyoshirwa mu ngiro. Niwerekane ingene ivyo bishobora kugirwa ukoresheje uburorero bumwebumwe bw’ivyanditswe bitangwa mu gitabu Comment raisonner, ku rupapuro rw’175, munsi y’agatwe kari mu ndome zihiritse kavuga ngo “ Les gouvernements humains ne subviennent pas aux besoins urgents de l’humanité ” (Intwaro z’abantu ntizironsa umuryango w’abantu ivyo ukeneye mu buryo bwihutirwa). Ico kiganiro giheze, nusabe umwamamaji yiteguye neza agire umwerekano w’ukuntu yokoresha mu buryo bushika ku mutima icanditswe kimwe igihe asubira kugendera umuntu, agisobanure mu buryo butomoye, agitangire akarorero yongere ashikirize muri make uburyo gishirwa mu ngiro bwerekana ukuntu ubutegetsi bw’Ubwami buzogirira akamaro uwo yasanze ku muhana ku giti ciwe. Uwo mwerekano utangure werekana uwo mwamamaji ariko arasoma icanditswe. Inyuma y’uwo mwerekano, nimwihweze ingene ico canditswe casiguwe, catangiwe akarorero n’ukuntu herekanywe ingene coshirwa mu ngiro. Nuremeshe bose gutsimbataza ubushobozi bwo gukoresha Ijambo ry’Imana mu buryo bushika ku nyota.
Ururirimbo rwa 17 (187) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi itangura ku wa 7 Mukakaro
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 17: “Kwambara ukikwiza birerekana ukwubaha Imana”.f Gishikirizwe n’umukurambere. Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Nusabe umuvukanyi asoma neza asome ingingo zose n’ijwi ryumvikana.
Imin. 23: “Tumenyekanishe izina ry’Imana”.g Nimukoreshe ibibazo vyatanzwe. Igihe muzoba muriko murarimbura ingingo ya 4, nushiremwo insasanuro ziri mu ruzitiro rufise umutwe uvuga ngo “ Ils font connaître le nom de Dieu ” (Baramenyekanisha izina ry’Imana) dusanga mu gitabu Prédicateurs, ku rupapuro rw’124. Nusabe umwamamaji abishoboye agire umwerekano w’ingene yosubira kugendera umuntu. Ukoresheje ivyanditswe bibiri canke bitatu bivuye mu gitabu Comment raisonner, ku rupapuro rw’200-201, niwerekane igituma bihambaye kumenya no gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana.
Ururirimbo rw’7 (51) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
f Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
g Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta umwe, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.