Niwerekane ko uha agaciro ibisohokayandikiro
1 “Kwandika ibitabo vyinshi ntikugira iherezo” (Umus. 12:12). Ibitabu vyinshi usanga birimwo amakuru atabereye gusomwa. Ariko rero, ku bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova si ukwo biri. Ivyo bisohorwa na bo ni ivy’agaciro kubera ko birimwo imfungurwa z’ivy’impwemu zirokora ubuzima. Birafasha abashimishijwe bagashika ku kumenya Yehova kandi bigakomeza ukwizera kw’abamaze kuba abasavyi ba Yehova biyeguye.
2 Ibisohokayandikiro vyacu turipfuza kubishikiriza abandi kubera tuzi yuko bashobora kuvyungukirako. Naho tubironswa ata kiguzi, hakoreshwa amahera menshi mu kubicapura no mu kubirungika. Ivyo bituma tudatanga ibisohokayandikiro mu buryo butarimwo ukwitwararika. Mu gihe dukekeranya ko uwo twasanze ku muhana yashimishijwe, mu bisanzwe tuzomushikiriza ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! canke tumushikirize agapapuro k’inkuru nziza gusa. Dukwiye gusubira kugendera umuntu wese yakiriye igisohokayandikiro, kandi ico gihe aramutse yerekanye ugushimishwa, tugashobora kumuha ikindi.
3 Bamwebamwe baragonanwa kubwira abo basanze ku muhana yuko igikorwa gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye, mugabo kenshi vyoba vyiza tubivuze. Ivyo bituma abo dusanga ku muhana basobanukirwa neza yuko igikorwa cacu atari urudandazwa. Bituma babona imbere y’igihe ko intumbero yacu ari iyo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Biradufasha kumenya uwashimishijwe vy’ukuri. Abantu kenshi baba bafise amahera yo kugura nk’itabi n’ibitabu vyo mw’isi. Nimba bashimishijwe vy’ukuri n’ivyo wababwiye, bazobona yuko hari imvo yotuma baterera kugira ngo bashigikire ubukirisu nyakuri. Tubasiguriye ingene igikorwa gishigikirwa, tuba twerekanye ko duha agaciro ibisohokayandikiro vyacu be n’uko dutahura yuko kubicapura bitwara amahera.
4 Igihe ivy’ugutanga intererano bishikirijwe mu buryo bubereye, abo dusanga ku muhana benshi barahimbarwa no gutanga imfashanyo ishigikira igikorwa cacu gihambaye. Vyoshoboka ko wumva yuko bitabereye kuvuga ivy’indinganizo yo gutanga intererano, mugabo muri rusangi ni vyiza ko tubivuga igihe ari bwo bwa mbere tugendeye umuntu, akaba ashimishijwe no gusoma igisohokayandikiro tumuhaye.