Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Rusama: Nimushikirize Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abantu bashimishijwe bashobora kuba barimwo abitavye Icibutso canke izindi ntunganyo za gitewokarasi, mugabo bakaba badakunda kwifatanya n’ishengero, murihatira gutanga ca gitabu gishasha Senga Imana. Hakwiye kugirwa akigoro kose gashoboka kugira ngo umuntu atanguze inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana canecane nimba hari abamaze kwiga igitabu Ubumenyi be n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Ruheshi: Nimushikirize igitabu Ubumenyi canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Nimba abo musanze ku muhana basanzwe bafise ivyo bisohokayandikiro, nimukoreshe akandi gatabu kabereye ishengero ryoba rifise mu bubiko. Mukakaro na Myandagaro: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité?, Intwaro Izozana Iparadizo, Inzira Ijana mu Buzima Budahera—Woba Warayitoye?, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie? Comment le découvrir?, “Voici, je fais toutes choses nouvelles”. Mu mihingo imwimwe, udutabu dukurikira turashobora kuba tubereye gushikirizwa: Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes — Qui nous aidera à les résoudre?, Une vie pleinement satisfaisante: Comment? hamwe na Un livre pour tous.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke umuntu yagenywe na we akwiye gukenguza ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Ruheshi canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo bimaze gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte izokurikira imaze gusomwa.
◼ Muri Kenya, umugwi ugira 13 wa rya Shure Rimenyereza Abasuku wasohotse ku wa 19 Nzero 2003. Vyari biremesheje kwumva ukuntu abanyeshure bamwebamwe bakurikiye ivyo vyigwa bavuye mu bihugu vya Etiyopiya, Kenya, Sudani, Tanzaniya n’Ubuganda, baserura ugukenguruka ivyo vyigwa. Abavukanyi b’abirebange bafise imyaka iri hagati ya 23 na 50 bipfuza kwitaba iryo shure, barashobora kuronka ayandi makuru yerekeye iryo shure mu nama irongorwa n’umucungezi w’intara kw’iteraniro ry’umuzunguruko. Bakwiye kuba bamaze n’imiburiburi imyaka ibiri ari abakozi b’ishengero, canke bakaba ari abakurambere.