ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/02 rup. 4
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 12/02 rup. 4

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Ni kuki dukwiye kwiyubara igihe dushinga intahe biciye ku makete?

Gushinga intahe biciye ku makete “vyaragaragaye kuva kera ko ari uburyo bwiza bwo “gusangira n’abandi inkuru nziza. Ariko rero, ibigenda biraba kw’isi vyaratumye abantu biyubara ku vyerekeye kwugurura amakete batamenyereye kubona Amabahasha avuye ahantu hatazwi canke ntabe ariko aderese y’abayanditse, abantu barakunda kuyicura, na canecane igihe yanditswe n’iminwe kandi akaba aremereye. Abanyamuhana barashobora guta ikete bene iryo batarinze no kuryugurura. Ni gute twokinga ikintu nk’ico ngo ntigishike?

Hamwe vyoba bishoboka, vyoba vyiza twandikishije iryo kete imashini, no kw’ibahasha tukagira gutyo nyene. Ibahasha ikwiye kuba yanditseko izina ry’umunyamuhana rishikirizwa. Kw’ibahasha ntitukigere twandikako ngo “Uwuba ngaha.” Vyongeye, twame dushirako aderese yacu. Mu gihe gushirako aderese yawe bitoba ari vyiza, niwandikeko izina ryawe na aderese y’Ingoro y’Ubwami. Ntukigere urungika amakete atagirako izina rya nyene kuyarungika. Ntukigere ukoresha aderese y’ibiro vy’ishami.—Raba ikiganiro: Inyishu ku Bibazo Vyanyu kiboneka mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Kigarama 1996.

Ayandi magirenama be n’ikete tworabirako tubisanga muri ca gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, ku rupapuro rwa 71-73. Izo nyobozo zizodufasha gukoresha neza amakete kugira dushikire abandi tubashiriye inkuru nziza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika