Garagaza Yuko Ukenguruka Amatungo Akoreshwa mu vya Gitewokarasi
1 Igihe Umwami Yosiya yariko aringaniza ivyo gusanura urusengero, yarashimagije abari bashinzwe ico gikorwa ati: “Ayo mahera bahawe, ntimuzorinda kuyabasuzumira, kukw ar’abizigirwa.” (2 Abm. 22:3-7) Ukuba abo bagabo bari abantu bakenguruka ibintu vyeranda, vyagaragarira mu kuntu bakoresha amatungo bajejwe. Muri iki gihe, uko tugira uruhara mu gikorwa ceranda cerekeye inkuru nziza y’Imana, natwe nyene turakenera kugaragaza ko turi abizigirwa mu buryo dukoresha amatungo duhabwa.
2 Mu Busuku bwo mu Ndimiro: Ugukenguruka ubutumwa buhambaye buri mu bisohokayandikiro vyacu be n’ukuba tuzi amahera akoreshwa mu kubihingura, biratuma tubiha agaciro kanini. Ntidukwiye kuza turapfa guha ibisohokayandikiro vyacu abantu batagaragaza ko bashimishwa vy’ukuri n’ubutumwa bwa Bibiliya. Mu gihe umuntu agaragaje ko adashimishwa cane n’inkuru nziza, twoshobora kumuha agapapuro k’inkuru nziza aho kumuha ikindi gisohokayandikiro.
3 Nugabanganye ibisohokayandikiro mu buryo bwerekana yuko uvyubaha kubera agaciro kavyo. Niwirinde kubisiga mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, aho uzosanga bica vyandagazwa. Kugira ngo wirinde kubisesagura, nutondanuze ibisohokayandikiro ufise i muhira imbere y’uko wironsa ibindi. Nimba wama ufise ibinyamakuru bisaguka ku nomero yose, nurimbure ivyo kugabanya komande yawe.
4 Ibisohokayandikiro Twikoreshereza: Dukwiye kugira gusa komande y’ibisohokayandikiro dukeneye koko. Dukwiye canecane kwirinda gusesagura igihe turiko turasaba za Bibiliya zicapuwe mu buryo buryohoye (Bibles deluxes), Bibiliya zifise amarabiro (Bibles de références), be n’ibindi bisohokayandikiro bininibinini, nka Concordance, index, imbumbe za Étude perspicace, be n’igitabu Prédicateurs, ivyo vyose bikaba bihingurwa hakoreshejwe amahera menshi.
5 Woba wibuka kwandika izina ryawe na aderese yawe mu vyandikano ubwawe uzokoresha? Ivyo birafasha mu kugabanya ivyo gukenera ibindi bisohokayandikiro bisubirira ivyatakaye. Niwatakaza igitabu c’indirimbo, Bibiliya, canke igisohokayandikiro co kwiga, kumbure uzogisanga mu bintu vyari vyatakaye bigatorwa, maze bigakorakoranywa ku Ngoro y’Ubwami canke ahabera iteraniro.—Luka 15:8, 9.
6 Nimuze twihatire gukoresha n’ubukerebutsi ibisohokayandikiro vyacu. Ubwo ni bwo buryo twerekana ko turi abizigirwa mu gukoresha amatungo Yehova yatujeje yerekeye ivy’Ubwami.—Luka 16:10.