ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/02 rup. 5
  • Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 8/02 rup. 5

Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi

Isubiramwo rigirwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku wa 6 Rusama gushika ku wa 19 Myandagaro 2002. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.

[Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, ushobora gukoresha Bibiliya yonyene kugira ngo wishure ikibazo ico ari co cose. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ibibazo agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’ingingo bishobora kuterekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]

Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:

1. Yeremiya 18:1-6 herekana ko Yehova atuma abantu bakora ivyo badashaka. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-RU 1/4 rup. 32 ing. 4-5.]

2. Abahanuzi b’ibinyoma bivye ububasha be n’akosho vy’amajambo y’Imana mu kuremesha abantu kwumviriza ibinyoma aho kwumviriza imburi y’ukuri iva ku Mana. (Yer. 23:30) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-F 1/2 rup. 4 ing. 3.]

3. Muri Yeremiya 25:15, 16, imvugo ngo “iki gikombe ca vino y’uburake” gituma “amahanga . . . [a]zimir[a] ubgenge” yerekeza ku ngaruka ziyovya ubwenge z’idini y’ikinyoma. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w94-RU 1/3 rup. 20 ing. 13.]

4. Hishimikijwe uburyo Matayo yakoresheje ubuhanuzi bwa Yeremiya, “igihugu c’abansi” ni igihugu c’urupfu abana bato bishwe na Herode Mukuru bokuwemwo biciye kw’izuka. (Yer. 31:15, 16; Mat. 2:17, 18) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w79-F 1/10 rup. 19 ing. 13.]

5. Yeremiya 37:21 hakura amazinda yuko Yehova ashobora gushigikira abasuku biwe b’abizerwa mu bihe ivy’ubutunzi bigoye gushika kw’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu, eka mbere n’igihe uko ibintu vyifashe vyoshobora kuboneka ko bituma umuntu yihebura. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-F 15/9 rup. 3 ing. 4–rup. 4 ing. 2.]

6. Mu kugaruka bavuye muri Egiputa, Yozefu na Mariya ntibasubiye i Betelehemu mu Buyuda kubera ko batari bagikunda aho hantu. [gt-RU ikig. 8] [14, gt-RU ikigabane c’8]

7. Gucura Intimba 5:7 harerekana mu buryo butomoye yuko Yehova aca ahana abana kubera ivyaha vy’abavyeyi babo. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 1/9 rup. 27 agasandugu.]

8. Ikimenyetso co mu ruhanga kivugwa muri Ezekiyeli 9:4 gisigura yuko ubumenyi bwonyene buzotuma umuntu arokoka. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 15/9 rup. 14 ing. 18.]

9. Kubera ko intumwa Yohani yavuze mu Vyahishuriwe 7:9 yuko ishengero ryinshi bari “bahagaze imbere y’iyo ntebe” y’Imana, vyumvikana ko ishengero ryinshi rizoja mw’ijuru. [uw-RU rup. 104 ing. 3]

10. Mw’iranguka ryo muri kino gihe rya Ezekiyeli ikigabane ca 23, Abaporotisanti boshobora gusanishwa na Oholiba hanyuma Gatolika y’i Roma na yo na mukuru wiwe Ohola. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 15/9 rup. 21 ing. 22.]

Ishura ibibazo bikurikira:

11. Dukwiye gukora iki niba dushaka kwungukira bimwe vyuzuye ku ndinganizo y’Ikoraniro ry’Icese? [om-RU rup. 69 ing. 3]

12. Vyoshobotse gute ko Yozefu yahukana na Mariya kandi batarabirana? (Mat. 1:19) [gt-RU ikig. 4]

13. Ni mu buhe buryo Yehova ‘yoheje’ Yeremiya? (Yer. 20:7) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w89-F 1/5 rup. 31 ing. 6.]

14. Ni ibintu ibihe ubwavyo bidatuma umuntu aba Umukirisu yasizwe? [uw-RU rup. 114 ing. 10]

15. Twisunze Yeremiya 35:18, 19, ni ikihe cizigiro abagize umugwi wa Rekabu wo muri kino gihe bafise? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba su-F rup. 131 ing. 7.]

16. Ni nde akwiye kwiyandikisha mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi? [om-RU rup. 74 ing. 1]

17. Baruki yatakaje gute uburimbane bwo mu vy’impwemu, kandi ni ikihe cigwa dushobora gukura ku vyamushikiye? (Yer. 45:1-5) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-RU 1/9 rup. 12 ing. 14-16.]

18. Ubuhanuzi buri muri Yeremiya 50:38 bwarangutse ryari kandi gute? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba dp-F rup. 150 ing. 2-3.]

19. Ivyari biraririye gushikira Yeruzalemu, “umukobwa w’inkumi w’i Buyuda” bibura iki ku Biyita Abakirisu, twisunze Gucura Intimba 1:15? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 1/9 rup. 27 agasandugu.]

20. Iyi mvugo ngo: “Kūra umugāra, wiyambure igitsibo” nk’uko vyanditswe muri Ezekiyeli 21:26 isobanura iki? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 15/9 rup. 19 ing. 16.]

Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:

21. Intumbero nyamukuru y’imyerekano mu kiringo c’amakoraniro yacu si ukugira _________________________. Ni vyiza gufatira ku nyifato y’ibintu isanzwe, nk’iyerekana _________________________. [om-RU rup. 71 ing. 3]

22. Mu gihe ishengero rigizwe n’abavukanyikazi gusa, umuvukanyikazi asenga canke ayobora amakoraniro abigira _________________________, kenshi na kenshi baguma _________________________. (1 Kor. 11:3-16) [om-RU rup. 79 ing. 1]

23. Imbere yo gutumira umuntu _________________________ ari bwo bwa mbere, abakurambere bazobanza kubonana na we kuko hariho _________________________. [om-RU rup. 99 ing. 2]

24. Mw’ishengero hashobora kuba hariho abari n’ivyo bakeneye. Ariko Umukirisu wese ni we ubwa mbere na mbere ajejwe ibanga ry’_________________________. Abageze mu za bukuru canke ibimuga bakwiye gusahirizwa n’_________________________, rimwe na rimwe hari aho haboneka imfashanyo ivuye kuri Leta canke ku nzego z’abagiraneza. [om-RU rup. 124 ing. 3]

25. Yozefu ntiyashatse ko Mariya, uwo yari areheje _________________________ ari co catumye afata ingingo yo kwahukana na we mu mpisho. (Mat. 1:18, 19) [gt-RU ikig. 4]

Robanura inyishu y’ukuri muri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:

26. Igihe umuvyeyi arongora inyigisho ya Bibiliya ubudahorereza, ashobora guharura gushika (kw’isaha imwe; ku masaha abiri; ku masaha ane) buri mushamvu igihe yigana n’(abatohoji ba Bibiliya; abana biwe babatijwe; abana biwe batariyegura). [om-RU rup. 106 ing. 1]

27. Muri Yeremiya 16:2-4, uwo muhanuzi yategetswe kuguma ari umwirebange kugira (agaragaze agatima kiwe k’ukwitanga; abe ikigereranyo c’uko Mesiya yobayeho ari umwirebange; yemeze ko ijambo rya Yehova rijanye n’isangangurwa rya Yeruzalemu ari iry’ukuri). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w78-F 15/7 rup. 31 ing. 2.]

28. Iyo umwe wese yihase ngo agume ari maso ku vyo ishengero rikenera, ntivyirirwa birakenerwa ko hagirwa amatangazo yamizako ku biraba (ugusukura Ingoro y’Ubwami; intererano; abari n’ivyo bakeneye). [om-RU rup. 123 ing. 2]

29. Ibatisimu igira ikimazi iyo umuntu yihebeye Yehova vy’ukuri biciye kuri Yezu Kirisitu, hanyuma (akaba umutsimvyi asanzwe; akagamburuka bimwe mu vyo Yehova ategeka; akarangūra ivyo Imana igomba, akaguma kw ibanga gushika kw iherezo). [uw-RU rup. 100 ing. 12]

30. Umukogote wa Yehova udondorwa muri Ezekiyeli ikigabane ca 1 ugereranya (Ubwami bw’Imana bwa Kimesiya; Ishirahamwe rya Yehova ry’ibiremwa vy’impwemu rigizwe n’abamarayika; uguhana amakuru Yehova agirana n’amasigarira). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 15/9 rup. 11 ing. 5.]

Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:

Yer. 46:28; Luka 14:12-14; Gal. 5:19, 26; 1 Pet. 5:5; Ivyah. 7:9-17

31. Bisaba ugukoresha ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, no guhagarara ushikamye ku mwiyemezo wo kutaja mu vyo isi igira vyo kurushanywa canke kwiratira igihugu birenga ku ngingo za Bibiliya. [om-RU rup. 134 ing. 3]

32. Dukwiye kwicisha bugufi no mu migenderanire dufitaniye n’abizeye bagenzi bacu. Niba ari uko turi, ntitwogira ubujuju ngo tubabare nk’igihe baduhanuye. Twokwigira ku bandi n’umutima ukunze. [uw-RU rup. 129 ing. 8]

33. Ugutoza indero kw’abavyeyi ntigukwiye kurenga urugero rwumvikana canke ngo kurenze intumbero yo guhana no kwigisha. Bibiliya kw’umushamvu; raba kl-RU rup. 148 ing. 20.]

34. Igihe dutumira abandi i muhira iwacu ngo dusangire udufungurwa, twizimye akanyota, twigire hamwe canke twimarane ubute canke tumarane irungu, turakwiye kwibuka abo mw’ishengero boba ari bakene canke batishoboye. [om-RU rup. 136 ing. 3]

35. Bisa n’ivyibonekeza ko ihamagarwa ry’abo mw’ijuru nka bose ryasozerewe nko mu mwaka wa 1935 G.C., aho ivyerekeye icizigiro co kuba kw isi c’ishengero rinini vyamenyekana neza. [uw-RU rup. 112 ing. 6]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika