ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/02 rup. 4
  • Umunezero Uva ku Gukora Umurimo w’Igihe Cose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umunezero Uva ku Gukora Umurimo w’Igihe Cose
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • “Urazi ko woshobora kuba umutsimvyi!”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • ‘Nashitse imigambi yawe yose’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Gukora ubutsimvyi birakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 4/02 rup. 4

Umunezero Uva ku Gukora Umurimo w’Igihe Cose

1 Kuba uri uwukiri muto, nta nkeka uhora wiyumvira ivyerekeye kazoza kawe. Mu migani 21:5 hatubwira hati: “Imigambi y’umuntu w’inshirukabute nta nkeka izana inyungu.” (NW) Bizokwungura niwiyumvira witonze imigambi yawe yo mu buzima. Igihe utegekanya ivyo muri kazoza, nurimbure ivy’ugukora umurimo w’igihe cose. Kubera iki?

2 Nubaze abakuze bamwebamwe bakoze ubutsimvyi mu myaka y’ubuto bwabo ivyabakwegereye ivyo ari vyo kandi nka bose bazokubwira cokimwe bati: “Iyo ni yo yari imyaka myiza kurusha iyindi yo mu buzima bwanje!” Umuvukanyi umwe yinovoye umunezero uva mu murimo w’igihe cose kuva akiri muto, mu nyuma yavuze ati: “Ni isoko ry’umunezero mwinshi iyo utereje amaso inyuma igihe umuntu yari akiritera akarisama maze agashobora kuvuga yuko yitondeye iyi mpanuro iranga ubukerebutsi ivuga ngo: ‘Wibuk[e] Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bwawe.’ ” (Umus. 12:1) Bisaba kubitegekanya neza ubu, wewe hamwe n’abavyeyi bawe, kugira ngo uronke uburyo bw’ukwironkera uwo munezero mu busore bwawe canke mu bukumi bwawe.

3 Bavyeyi, Nimuremeshe Umurimo w’Igihe Cose: Yehova, we Muvyeyi yitwararika, arakwereka vy’ukuri inzira ujana. (Yes. 30:21) Mu gutanga mwene ubwo buyobozi buranga urukundo, araha akarorero keza mwebwe abavyeyi b’Abakirisu. Aho kureka abana banyu ngo bihitiremwo inzira irushirije kuba nziza kuri bo, nimubamenyereze mu buryo buranga ubukerebutsi mu nzira bakwiye gukurikira maze baze baronke umuhezagiro wa Yehova. Gutyo, nibashika mu bigero, ukumenyerezwa baronse kuzobafasha “gutandukanya ikibi n’iciza.” (Heb. 5:14) Kubera ko biboneye utuntu n’utundi, abakuze barazi yuko badashobora kwizigira uburyo ubwabo babona ibintu; bategerezwa kwiheka kuri Yehova kugira ngo agorore inzira zabo. (Imig. 3:5, 6) Birarushiriza mbere kuba nkenerwa ko abakiri bato biheka kuri Yehova, kuko bo ata vyinshi baba baramenya mu buzima.

4 Bavyeyi, uko abana banyu begereza imyaka y’ubuyabaga, canke mbere imbere y’aho, nimuganire na bo mu buryo bwumvikana ku vyerekeye intumbero bafise mu vy’akazi bazokora. Abahanuzi mu mashure, abigisha be n’abo bigana bazogerageza kubosha guhitamwo guhahamira ivyo isi ikunda be n’uguhahamira amaronko. Nimufashe abana banyu guhitamwo amashure atanga inyigisho ngirakamaro, abashoboza kwironsa ivyo bakeneye mu vy’umubiri batarinze kubikaba n’inyungu z’ivy’Ubwami. (1 Tim. 6:6-11) Kenshi, amashure yisumbuye yigisha canke ashiramwo ivy’ukumenyerezwa ibikorwa, canke umwuga mu vyo yigisha yoshobora kuba ari yo akenewe kugira ngo umuntu yironse mu buryo bukwiye ivya nkenerwa mu gihe aba atanguye ubusuku bw’ubutsimvyi busanzwe.

5 Nimuremeshe abakiri bato gukurikirana ingabirano y’ubwirebange. Mu gihe bofata ingingo yo kwubaka haciye igihe, bazoba biteguriye neza kuzezwa amabanga aremereye yo mu mubano w’ababiranye. (Raba ingingo ya 19 mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ruheshi 2001 ahavuga ngo: “Woba Ushobora Kwitanga?”) Igihe muvuga neza ivyerekeye ubutsimvyi, gukorera aho bikenewe kurusha ahandi, umurimo wo kuri Beteli, be n’igikorwa c’ubumisiyonari, nimushire mu mizirikanyi y’abakiri bato mbere hakiri kare icipfuzo co gukoresha ubuzima bwabo mu buryo buhimbara Yehova, bwungura abandi, kandi bugatuma na bo ubwabo bagira umunezero.

6 Yemwe Bakiri Bato, Nimushire Imbere Umurimo w’Igihe Cose: Bakiri bato, ntimukeneye kwirirwa muribaza ingene igikorwa c’ubutsimvyi kimeze. Murashobora kugerageza mu gihe gito mu gukora ubutsimvyi bw’ugufasha igihe cose bibashobokeye mu kiringo c’umwaka w’ishure no mu biringo vy’akaruhuko. Gutyo muzokwumva ingene umurimo w’ubutsimvyi uheza akanyota vy’ukuri! Mwoba none mushobora gutegekanya gukora ubutsimvyi bw’ugufasha guhera ubu gushika mu mpera z’uyu mwaka w’umurimo?

7 Nimba uri umuvukanyi akiri muto mw’ishirahamwe ry’Imana, niwongere wiyumvire witonze ivyerekeye ugushitsa ibisabwa kugira ngo ube umukozi w’ishengero. (1 Tim. 3:8-10, 12) Vyongeye, umaze gushikana imyaka isabwa, nufate ingingo yo gusaba gukora kuri Beteli canke kuja muri rya Shure Rimenyereza Abasuku. Kumara igihe mu busuku uri umutsimvyi bizokwigisha ibintu vy’ingirakamaro; nk’ukuntu wobaho ufise urutonde, ukuntu woryohora uburyo utunganya ibintu, uburyo bw’ukubana neza n’abandi, hamwe n’ugutsimbataza agatima ko gushingwa amabanga. Ivyo vyose bizogutegura ku bw’uduteka duhambaye tw’umurimo mu gihe kiri imbere.

8 Ikintu gihambaye kugira ngo umuntu aroranirwe mu murimo w’igihe cose ni ukugira agatima karanga umwete mu vya gitewokarasi. Intumwa Paulo yararemesheje mwene ako gatima yongera arerekana imihezagiro yovuyemwo mu kuvuga ati: “Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera [Yehova], . . . muzi yuko muzohabga impēra na [Yehova].” (Kol. 3:23, 24) Ese yemwe Yehova yobahezagira mukagira umunezero mwinshi mu murimo w’igihe cose!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika