Isubiramwo ry’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Isubiramwo rigirwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku wa 7 Nzero gushika ku wa 22 Ndamukiza 2002. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.
[Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, ushobora gukoresha Bibiliya yonyene kugira ngo wishure ikibazo ico ari co cose. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ibibazo agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’ingingo bishobora kuterekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]
Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:
1. Mu Musiguzi 2:2, Salomo aserura iciyumviro c’uko ibitwenza n’ibinezereza ari ivyo kwirinda. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w87-F 15/9 rup. 24 ing. 5.]
2. Intumwa Paulo yagumye abona ko ajejwe imbere ya Yehova ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza ku bantu bose bokwumvirije. (1 Kor. 9:16) [om-RU rup. 9 ing. 2]
3. Muri Yesaya 1:7, uwo muhanuzi yerekeza ku gucika umusaka kw’Ubuyuda mu gihe c’ingoma ya Ahazi. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 17 ing. 16.]
4. Kubera ko Yezu, we Mutwe w’Ishengero rya gikirisu, ari mw’ijuru, yari akeneye abasubirizi bagenda bakurakuranwa mu gihe atobaye ahibereye mu buryo bw’umubiri kugira arangure ivyo yasezeranye muri Mat. 20:28. [om-RU rup. 18 ing. 2]
5. Yezu n’ubu aracatanga ubuyobozi biciye ku mpwemu yera, ku muco wo mu Vyanditswe Vyeranda, kandi arakoresha abungere babishoboye bari n’ico bazobazwa na we be na Se wiwe wo mw’ijuru uko bitwararika ubusho bw’Imana. (1 Pet. 5:2, 3; Heb. 13:17) [om-RU rup. 20 ing. 1]
6. ‘Igikorwa kidasanzwe n’igikorwa c’akumiza’ co mu gihe cacu nk’uko vyabuwe muri Yesaya 28:21 vyerekeza kw’isangangurwa ry’amahanga kuri Harumagedoni. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 295 ing. 16; rup. 301 ing. 28.]
7. Kubera yuko abakurambere bafise vyinshi bacurumbamwo haba mw’ishengero canke mu miryango yabo, si vyiza kubitura kugira twirinde kubongerereza umutwaro. [om-RU rup. 46 ing. 2]
8. Ingoro y’Ubwami ikwiye gukoreshwa ku makoraniro y’ishengero yama aba ubudasiba, ikanakoreshwa bwa kibanza kiberamwo amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro gusa. [om-RU rup. 63 ing. 2]
9. “Amahanga” yerekezwako muri Yesaya 60:3 ni amahanga yo mu vya politike yakwegerewe ku muco watanzwe n’Imana. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w00-RU 1/1 rup. 24 ing. 4.]
10. Yehova “yarobanuye” Yeremiya ataravuka mu buryo bw’uko yamushingiye imbere y’igihe ibizomushikira ibihe bidahera. (Yer. 1:5) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 1/4 rup. 10 ing. 2.]
Ishura ibibazo bikurikira:
11. Mu Musiguzi 11:1, imvugo ngo ‘terera ivyo kurya’ isobanura iki? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w87-F 15/9 rup. 25 ing. 11.]
12. Muri Yesaya 6:8, ni nde Yehova ashiramwo igihe akoresha indobeko “-tu-” mw’ijambo “yotugīra”? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 93-94 ing. 13.]
13. Mw’iranguka rya Yesaya 9:2, ni gute “umuco mwinshi” wakiye i Galilaya? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu, raba ip-1-F rup. 126 ing. 17.]
14. Ni igiki gishobora kugereranywa muri iki gihe cacu n’itemba rya Babiloni ryo mu 539 B.G.C. hamwe n’uguherengetezwa kwayo? (Yes. 13:19, 20; 14:22, 23) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 188 ing. 30-31.]
15. Ni gute “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yagumye akora bwa “mushibamyi” adondorwa muri Yesaya 21:6? (Mat. 24:45) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 221-222 ing. 11.]
16. “Abagabo b’inararibonye b’ishengero” (NW) bahuye na Paulo mw’ishengero ry’i Efeso bari bande? [om-RU rup. 23 ing. 3]
17. Muri Yesaya 43:9, ni gute Yehova ahiga n’imana z’amahanga? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 1/2 rup. 16 ing. 3.]
18. Ni mu buryo ubuhe ibirenge vy’abavuga inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ari “vyiza”? (Yes. 52:7) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w97-F 15/4 rup. 27 ing. 6.]
19. Ni amabanga ayahe yega umurongozi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero? [om-RU rup. 44 ing. 2, 3]
20. Ni igiki ‘abagendera mu nzira ya Yehova’ bategerezwa gukora? (Yer. 7:23) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w99-F 15/8 rup. 29 ing. 6.]
Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:
21. “Umutima w’umunyabgenge umuroresha i buryo” mu buryo bw’uko “i buryo” kenshi herekana ․․․․․․․․; gutyo, ivyo vyerekana ko ․․․․․․․․ wiwe umutuma gukurikirana ingendo nziza kandi ibereye. (Umus. 10:2; Mat. 25:33) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w87-F 15/9 rup. 25 ing. 9.]
22. Mu mwaka w’ ․․․․․․․․ ku Musozi Sinayi, Abayuda barinjiye ․․․․․․․․ na Yehova Imana. [uw-RU rup. 96 ing. 4]
23. Uwigaruriye ibisagara vy’Ubuyuda, adondorwa muri Yesaya 33:1 ni ․․․․․․․․, iyahavuye na yo inanirwa mu 632 B.G.C., igasigira iminyago myinshi ababa mu ․․․․․․․․, bakaba ‘bayegeranije nk’inzige.’ (Yes. 33:4) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 343 ing. 4; rup. 345 ing. 6.]
24. Igereranya rya Yesaya 54:1 n’Ab’i Galatiya 4:26, 27 rihishura ko uwo “mugore w’ingumba” ari ishusho ya “․․․․․․․․”; na yo “umugore afise umugabo nawe,” akaba agereranya ․․․․․․․․. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-RU 1/8 rup. 22 ing. 8.]
25. Mu makoraniro abera ku Ngoro y’Ubwami, abavukanyi bafise kamere zisabwa bashinzwe kwakira abantu, bakwiye kuba maso, kuba bafise ․․․․․․․․ kandi ․․․․․․․․. Amabanga bajejwe arimwo ․․․․․․․․ baje n’ugutuma bumva ko bisanze. [om-RU rup. 64 ing. 2]
Robanura inyishu y’ukuri muri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:
26. Niba ata bakozi b’ishengero bakwiye bahari, amabanga amwamwe ashobora gushingwa (abavukanyi bakangiriwe; abavukanyikazi bakomeye mu vy’impwemu; abandi bavukanyi biyeguye kandi b’akarorero). [om-RU rup. 58 ing. 2]
27. Izina “Data wa twese ahoraho” ryerekeza ku bubasha bw’Ubwami bwa kimesiya n’ubukuru bwo guha abantu (ibibabeshaho mu vy’impwemu; ubuzima budapfa mw’ijuru; icizigiro c’ubuzima budahera kw’isi). (Yes. 9:6; Yoh. 11:25, 26) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 131 ing. 26.]
28. Mw’iranguka rya Yesaya 66:7 ryo muri iki gihe, “umwana w’umuhungu” yavyawe agereranya (Yezu Kirisitu; Ubwami bwa Kimesiya; ihanga rishasha ryo mu vy’impwemu ryo mu 1919). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-RU 1/1 rup. 22 ing. 3.]
29. Umucungezi w’igisagara agenwa mu bisagara birimwo (amashengero arenga rimwe; imizunguruko irenga umwe; amashami arenga rimwe). Ibiro vy’ishami rya Sosiyete hari aho bishima guhanahana amakuru na we ku bintu bitandukanye, aho ni nko mu (kugena abakurambere; kwigisha mw’ishure ry’abatsimvyi; indinganizo zigirwa ku bw’amateraniro n’amashure bishobora kugirirwa mu gisagara iwe). [om-RU rup. 47 ing. 1]
30. Mw’iranguka rya none, “ubgoko butumviye Uhoraho” buvugwa muri Yeremiya 7:28 bwerekeza (kuri Babiloni Hahambaye; ku Biyita Abakirisu; ku ntwaro ngazasi igira indwi). [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w88-F 1/4 rup. 18 ing. 10.]
Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:
Imig. 27:23; Umus. 3:11; Yes. 40:8; 1 Kor. 16:15-18; Tito 1:5.
31. Igikorwa cose c’Imana kijanye n’umugambi wayo kizoshirwa ahabona mu gihe caco no mu kibanza kibereye. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w87-F 15/9 rup. 24 ing. 8.]
32. Mu gihe c’urugendo rwiwe, umucungezi w’umuzunguruko arahurira hamwe n’abakurambere be n’abakozi b’ishengero, akabaha impanuro zibereye zo mu Vyanditswe, inama n’indemesho bizobafasha kurangura amabanga yabo mu gusukurira no mu kuragira ubusho bashinzwe kubungabunga. [om-RU rup. 48-49 ing. 3.]
33. Tuzokwunguka mbere kuruta nitwabandanya kuyobokera abakurambere b’ishengero be n’abandi bacungezi bagenywe, bashinzwe kuragira ubusho no gucungera igikorwa. [om-RU rup. 55 ing. 1]
34. Ijambo ry’Imana canke umugambi wavuzwe ntibishobora kuvaho canke ngo hagire ikibitangira kuranguka. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba ip-1-F rup. 401 ing. 10.]
35. Rimwerimwe, Inama Nyobozi irashobora guha ubukuru abayiserukira bamwebamwe nk’abagize Komite y’Ishami bwo kugena abacungezi. [om-RU rup. 41 ing. 2]