ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/02 rup. 2
  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Udutwe
  • Indwi Itangura ku wa 8 Ndamukiza
  • Indwi Itangura ku wa 15 Ndamukiza
  • Indwi Itangura ku wa 22 Ndamukiza
  • Indwi Itangura ku wa 29 Ndamukiza
  • Indwi Itangura ku wa 6 Rusama
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 4/02 rup. 2

Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Indwi Itangura ku wa 8 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 4 (43)

Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Aho amavidewo aboneka, nuremeshe umwe wese kuraba ya videwo Young People Ask—How Can I Make Real Friends? (Abakiri Bato Baribaza—Noshobora Gute Kugira Abagenzi Nyakuri?) yitegurira ikiganiro co kw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo ku ndwi yo ku wa 22 Ndamukiza. Aho amavidewo ataboneka, nimutegure ibiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1999 urupapuro rwa 26-31, ku kiganiro kivuga ngo: “Nimutume Ubuzima Bwanyu Butunganirwa!” Mukoresheje inama ziri ku rupapuro rw’8, nimugire imyerekano ibiri itandukanye y’ukuntu umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku 15 Ntwarante (mu Gifaransa) be na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ntwarante. Muri umwe wose, nimwerekane uburyo butandukanye bw’ukuntu twovyifatamwo umuntu yishuye amajambo ahagarika ikiyago ngo: ‘Ndifitiye idini ryanje.’—Raba agatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya, urupapuro rwa 10-11.

Imin. 12: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 20: “Nitugirire Neza Bose”a Inyuma y’ikiganiro c’ibibazo n’inyishu, nusabe umwamamaji umwe canke babiri bigane ingene bariko baragura ubusuku bwabo.

Ururirimbo rwa 27 (221) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 15 Ndamukiza

Ururirimbo rw’7 (51)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.

Imin. 15: Abatsimvyi Baguma Bafasha Abandi. Umucungezi w’Umurimo agiranire ikiganiro c’uguhana ijambo n’umugwi ugizwe n’umucungezi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero, umutsimvyi be n’umwamamaji. Umucungezi w’umurimo arihweza ya porogarama y’Abatsimvyi Bafasha Abandi iri mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1998, ku rupapuro rw’8. Maze aganire n’umwe wese ari muri uwo mugwi uruhara afise muri iyo porogarama be n’ukuntu iyo porogarama iriko irashitsa intumbero yayo. Ni igiki cakozwe kugira ngo bererwe? Umucungezi w’umurimo arahimiriza abamamaji bose ngo bamumenyeshe nimba bakeneye gusahirizwa mu busuku. Aboba barigeze gusahirizwa barashobora kwongera gushirwamwo kugira ngo baronke iyindi mfashanyo mu wundi muce w’ubusuku.

Imin. 20: “Umunezero Uva ku Gukora Umurimo w’Igihe Cose.”b Nuremeshe abakiri bato gusaba ubutsimvyi bw’ugufasha mu mezi y’uburuhuko.

Ururirimbo rwa 29 (222) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 22 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 16 (143)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Mukoresheje inama tugirwa ziri ku rupapuro rw’8, nihagirwe umwerekano ugirwa n’umukozi w’ishengero yerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza (mu Gifaransa) hanyuma umuvukanyikazi yerekane ingene umuntu yoshikiriza Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ndamukiza. Uko umwerekano wose uheze, nusubiremwo ijambo ntanguzakiyago rimwe canke abiri yakoresheje kugira ngo avyurire ugushimishwa umunyamuhana.

Imin. 10: Nushike ku Gihe! Insiguro. Ibikorwa bijanye n’ugusenga kwacu be n’umurimo dukora ni ibintu bihambaye cane, bisaba gushingirwa “igihe ca[vy]o.” (Umus. 3:1) Dushaka kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo z’ivya gitewokarasi. Amakoraniro y’ishengero be n’amakoraniro agenewe umurimo akwiye guca atangura buno nyene ku myanya yagenewe. Yehova ntiyigera acererwa mu kurangura ibikorwa vyiwe. (Hab. 2:3) Twoba dukeneye kuryohora mu bijanye n’ivyo? Rimwe na rimwe umuntu arashobora gusanga yacerewe bitamuvuyeko. Ariko igihe turinganije ibintu neza, ntiduheza ngo twame twacerewe, mu gushika inyuma y’Ururirimbo n’isengesho bitangura ikoraniro canke inyuma indinganizo z’ukuja mu murimo wo mu ndimiro zimaze kugirwa. Nimuganire uburyo ngirakamaro bwodufasha gutsimbataza utumenyero twiza tuzotuma twama turi ku gihe ku bikorwa vyose vyo mu vy’impwemu.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1990, urupapuro rwa 29.

Imin. 25: Aho amavidewo ataboneka, nimuganire ibiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1999 urupapuro rwa 26-31, ku kiganiro kivuga ngo: “Nimutume Ubuzima Bwanyu Butunganirwa!” Aho amavidewo aboneka, nimuganire igice kivuga ngo: “Bayakiranye Igishika!”c Mu ngingo ya 1, nureke ishengero rigire ico rivuze mu ncamake ku vyerekeye ya videwo Young People Ask—How Can I Make Real Friends? (Abakiri Bato Baribaza—Noshobora Gute Kugira Abagenzi Nyakuri?) Maze nuce utangura ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza ku kibazo cose kiri mu ngingo ya 2-7. Muri Ruheshi tuzoraba ya videwo ivuga ngo: Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi).

Ururirimbo rwa 21 (191) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 29 Ndamukiza

Ururirimbo rwa 18 (162)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Udukuru twa Gitewokarasi. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Ndamukiza.

Imin. 15: “Kwamamaza Ubwami Birafasha Kurokora Ubuzima!”d Nutume abumviriza batanga insasanuro ku kuntu ivyanditswe vyoshirwa mu ngiro.

Imin. 20: Nimuganire n’abumviriza ku majambo ashobora guhagarika ikiyago ari mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya. Ukoresheje amayagwa ari muri ako gatabu ku rupapuro rw’9 n’urw’10 munsi y’agatwe kavuga ngo: ‘Ivyerekeye Idini Ntavyo Ngomba’ na ‘Ivy’Ivyabona vya Yehova Ntavyo Ngomba.’ Mu kubandanya ikiganiro nimugire imyerekano ibiri iteguwe neza yerekana ukuntu umuntu yorengera ayo majambo ashobora guhagarika ikiyago.

Ururirimbo rwa 20 (93) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 6 Rusama

Ururirimbo rwa 17 (187)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu.

Nimuganire ku kiganiro kivuga ngo: “Nubandanye Kwungukira ku Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous!”

Imin. 10: Nutegekanye Imbere y’Igihe ico wokora mu buruhuko. Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Niwerekane ibikorwa bikunda gutegekanywa mu buruhuko: kwitaba ihwaniro ryose ry’intara, gukora ubutsimvyi bw’ugufasha ukwezi kumwe canke kurenga, gusukura impande y’inzu, kumbure no gusama akayaga canke kwiruhura. Nusabe nka bangahe bavuge ico bategekanya gukora mu kiruhuko be n’ukuntu bazoraba neza ko badafata minenerwe inyigisho yabo y’umuryango, amakoraniro y’ishengero, be n’umurimo wo mu ndimiro, mbere n’igihe bazoba bafashe urugendo bari ahandi hantu. Nimba ishengero rifise icibare gikorwamwo gake, nimutangaze indinganizo ziriko ziratunganywa kugira giheturwe neza mu gihe c’isekeza ry’ivyibare biri ukwa vyonyene. Niwibutse bose kuraba neza ko umucungezi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero aronka raporo zabo z’umurimo wo mu ndimiro, baba bari i muhira canke ahandi.

Imin. 25: “Imiryango Ikomeye mu vy’Impwemu—Ivyo Vyoshoboka Gute?”e Muhejeje ico kiganiro, niwigane ivyabonywe bimwebimwe vy’ingirakamaro bivuye mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1999, urupapuro rwa 10-12.

Ururirimbo rwa 25 (204) n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika