ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/02 rup. 8
  • Niwongereze Umunezero Wawe mu Kwamamaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwongereze Umunezero Wawe mu Kwamamaza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • ‘Nusukurire Yehova unezerewe’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Akanyamuneza​—Kamere dukura ku Mana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Kuba ufise vyinshi ukora kandi unezerewe mu murimo w’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Munezeranwe na ya Mana Ihimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 3/02 rup. 8

Niwongereze Umunezero Wawe mu Kwamamaza

1 Woba uri n’umunezero wo gushikiriza inkuru nziza mu busuku bwawe? Mu gihe tutokwiyubara, iyi si yononekaye idukikije yoshobora gutuma dutinya kwamamaza, bigatuma dutakaza umunezero wacu. Ugukorera mu karere aho abantu batakira inkuru nziza na vyo nyene birashobora kuduca intege. Ni intambwe ngirakimazi izihe dushobora gutera kugira ngo twongereze umunezero wacu mu kwamamaza?

2 Nubone Ibintu mu Buryo Bwiza: Kugira agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza mu vy’ukuri birafasha. Uburyo bumwe bw’ukubigira ni mu kuzirikana ku gateka gahambaye dufise ko kuba “abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9, NW) Na Yezu ari kumwe na twe mu kurangura ico gikorwa. (Mat. 28:20) Kandi aradushigikira akoresheje inteko z’abamarayika. (Mat. 13:41, 49) Gutyo, turashobora kwemera tudakeka, yuko utwigoro twacu turongorwa n’Imana. (Ivyah. 14:6, 7) Naho ari abantu bake bashobora kwakira neza igikorwa cacu, ese ingene mw’ijuru ari ikintu gitera umunezero mwinshi!

3 Niwitegure Neza: Ukwitegura neza na vyo nyene birafise ico biterera ku munezero wacu. Kwitegurira ubusuku ntibisaba gukora ibintu vyinshi. Bifata iminuta mikeyi gusa kugira ngo umuntu yihweze ikintu aganirako kivuye mu binyamakuru bisohotse vuba canke mu bisohokayandikiro vyo gushikiriza muri uko kwezi. Nuhitemwo uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza buri mu Gikorwa Dukorera Ubwami ahavuga ngo “Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru.” Raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002, ahavuga ngo: “Inama Tugiriwe yo Gushikiriza Inkuru Nziza mu Murimo wo mu Ndimiro,” canke urabe mu gitabu Comment raisonner uburyo kirumara bwo gutanguza ikiyago. Mu gihe wotangirwa n’amajambo yohava ahagarika ikiyago akunda kuvyurwa n’abanyamuhana, nutegure inyishu yerekana ko utahura ivyo bavuze maze werekeze ivyiyumviro vyabo ku kiganiro kivyura ugushimishwa. Igitabu Comment raisonner kirafasha cane muri ivyo. Kwikora kuri ivyo bikoresho bizoduha ukwizigira dukeneye kugira ngo twamamaze dufise umunezero.

4 Nusengane Ubwira: Isengesho ni ikintu ntahara kugira ugire umunezero uramba. Kubera ko dukora igikorwa ca Yehova, turakenera kumusaba impwemu yiwe, kimwe mu vyamwa vyayo akaba ari umunezero. (Gal. 5:22) Yehova azoduha inkomezi kugira ngo tubandanye kwamamaza. (Flp. 4:13) Ugusenga ku vyerekeye ubusuku birashobora kudufasha kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza igihe dushikiwe n’ibintu bibi. (Ivyak. 13:52; 1 Pet. 4:13, 14) Mu gihe twumvise dutekewe n’ubwoba, isengesho rirashobora kudufasha gushishikara igikorwa dushize amanga kandi tunezerewe.—Ivyak. 4:31.

5 Rondera Uturyo: Mu bisanzwe, ubusuku bwacu burarushiriza kuzana umunezero igihe dushoboye kuronka abantu kandi tugashinga intahe. Uguhindura urutonde rwawe kugira ugendere abantu inzu ku nzu kw’isaha itandukanye, kumbure ku kagoroba canke buhwibiriye, vyotuma urushiriza kwererwa. Urahura n’abantu umwanya wose ugenda mw’ibarabara, igihe uja kw’isoko, ufashe urugendo mw’ibisi, canke igihe usama akayaga. Ni kuki utotegura amajambo makeya yo gutanguza ikiyago maze ukibwiriza kwegera abo baboneka ko bovyakira neza? Canke woshobora kuba ukorera ahantu canke uja kw’ishure, aho uganira n’abandi ku musi ku musi. Urashobora kuronka akaryo ko gushinga intahe biciye gusa ku kuvyura ikiyago gishingiye ku Vyanditswe kivyura ugushimishwa kunaka. Turasanga inama nziza ku rupapuro rwa mbere rw’inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002. Ako ari ko kose muri utwo twigoro koshobora gukora vyinshi mu kwongereza umunezero w’umuntu wese mu kwamamaza.

6 Kubera ko umunezero udufasha kwihangana, ese ingene bihambaye ko tuwugumana! Nitwabigira gutyo, tuzoronka impera nini iki gikorwa kitazigera gisubirwamwo ni cashika kw’iherezo ryaco. Ico cizigiro ubwaco kirashobora kwongereza umunezero wacu mu kwamamaza.—Mat. 25:21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika