Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Ntwar.
“Woba urigera wibaza ingene worushiriza kuyobora neza ubuzima bwawe no gufata ingingo zihambaye? [Nurindire inyishu.] Bumwebumwe mu buyobozi burushirije kuba bwiza, ni nka rya Tegeko ry’Agakura dusanga muri Bibiliya. [Soma Matayo 7:12.] Ni izindi ngingo ngenderwako z’Imana izihe zishobora kutugirira akamaro mu buryo buboneka? Inyishu uzoyisanga muri iki kinyamakuru.”
Réveillez-vous! 22 Ruh.
“Ushobora kuba warabonye yuko ibibanza vyinshi bikorerwamwo akazi birushiriza kubamwo ingeramizi. Iki kinyamakuru kiratanga ivyiyumviro vyiza bishobora gutuma ivyo bibanza birushiriza kubamwo umutekano. Kirerekana kandi yuko ukumererwa neza kwacu bifitaniye isano n’ukugira uburimbane ku bijanye n’ukuntu umuntu abona akazi. Ndakwinginze uzogisome.”
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 1 Ntwar.
“Turavye ibintu vyose biriko biraba muri iki gihe, benshi muri twebwe baribaza ico kazoza katubikiye. Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu Kirisitu yarahishuye impamvu twoshobora kubona kazoza mu buryo burimwo ukwizigira. [Soma Matayo 6:9, 10.] Abantu baguma basubiramwo amakosa yakozwe kuva kera. Ariko muri iyo misi, abasukurira Imana baragize kazoza gahimbaye. Iki kinyamakuru kirerekana ingene no kuri twebwe bishoboka.”
Réveillez-vous! 8 Ntwar.
“Bibiliya irashimika ku kamaro ko kurondera ubumenyi. [Soma Imigani 2:10, 11.] Benshi muri twebwe baratahura ingene bihambaye ko abana bigishwa n’abigisha babishoboye. Iyi Réveillez-vous! irerekana uruhara ruhambaye rw’abigisha, ukuntu dukwiye gukenguruka ukwitanga kwabo, be n’ico abavyeyi bashobora gukora kugira ngo babafashe mu rugamba rwabo rutoroshe.”