Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 11 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 3 (32)
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Aho amavidewo aboneka, nimuremeshe umuntu wese gusoma canke gusubiramwo Itanguriro ikigabane ca 6:1 gushika ku ikigabane c’9:19 no kuraba ividewo Noé: il marchait avec Dieu (Nowa Yagendana n’Imana), mu kwitegurira ikiganiro co kw’Ikoraniro ry’Umurimo ryo mu ndwi yo ku wa 25 Ruhuhuma.
Imin. 20: “Niwamamaze Ijambo ry’lmana mu Buryo Bushitse.”a (Ingingo ya 1-13) Gishikirizwe n’umucungezi muhagarikizi. Hagirwe ikiganiro kiranga igishika c’ivyo twipfuza kurangura mu kwezi kwa Ntwarante no mu yandi mezi. Umwe wese akwiye gukoresha ikirangamisi twaronkejwe mu nyongera kugira ngo yishingire urutonde ngirakimazi ngo azogire uruhara ukwo ashoboye kwose mu busuku mu kwezi kwa Ntwarante. Nuremeshe ababishoboye bose gukora ubutsimvyi bw’ugufasha muri ukwo kwezi. Igihe muganira ku biri mu ngingo y’7-8, nubaze abakoze ubutsimvyi mu kiringo c’Icibutso giherutse bavuge imihezagiro binovoye. Nutangaze yuko amafomu yo gusabirako ubutsimvyi bw’ugufasha aza kuba ahari inyuma y’iri koraniro.
Imin. 13: “Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru.” Nubaze abamamaji ingene ico gihimba co mu Gikorwa Dukorera Ubwami cabafashije kurushiriza kwitegurira neza guhuza ibiganiro vyo mu binyamakuru n’ibintu bihagarika umutima abantu bishika muri ibi bihe bigoye. Ni ivyabonywe ibihe ku binyamakuru bimwebimwe vyahumurije abantu kandi bikabafasha kuronka inyishu zishingiye kuri Bibiliya z’ibibazo bitesha umutwe? Mu myerekano ibiri migufi, nimwerekane ingene umuntu yoshikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma na Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ruhuhuma.
Ururirimbo rwa 17 (187) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 18 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 21 (191)
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 12: “Abantu Bahiriwe Kuruta Abandi kw’Isi.”b Nuvuge mu ncamake “Intambwe Zishikana ku Buhirwe” ziri mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Gitugutu 1997 ku rupapuro rwa 6.
Imin. 25: “Niwamamaze Ijambo ry’Imana mu Buryo Bushitse.”c (Ingingo ya 14-23) Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. Nusubiremwo imigambi idasanzwe yagizwe aho iwanyu kugira ngo mwongereze uburyo bwo gukora mu kwezi kwa Ntwarante. Niwerekane urutonde rwose rw’amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro yatunganijwe ku bw’ukwo kwezi. Nushimike ku vy’ugusubira kuvyurira umwete abahororokewe, hamwe no gufasha abana n’abatohoji ba Bibiliya kugira ngo bakwize ibisabwa vyo kuba abamamaji batarabatizwa. Nutangaze amazina y’abasavye gukora ubutsimvyi bw’ugufasha muri Ntwarante, kandi uremeshe benshi kurushiriza kuzirikana mw’isengesho ivyo kwifatanya na bo.
Ururirimbo rwa 16 (143) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 25 Ruhuhuma
Ururirimbo rwa 12 (113)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nimugire imyerekano ibiri migufi y’ukuntu hoshikirizwa ibinyamakuru. Mu wa mbere mukoreshe Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante, mu wundi naho mukoreshe Réveillez-vous! yo ku wa 22 Ruhuhuma. Umwe muri yo ugirwe n’uwukiri muto. Niwibutse abamamaji gutanga raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ukwezi kwa Ruhuhuma.
Imin. 15: Niwerekane ko Ukunda Imana. Gishingiye ku gatabu Umukunzi w’Imana!, ku rupapuro rwa 26-27 canke aho amavidewo aboneka, gishingire ku kiganiro kivuga ngo: “Ico Amavidewo Ashikako mu Gushinga Intahe.” Ukuganira n’abumviriza. Gushika ubu, mu mavidewo dufise, tumaze kuraba amavidewo umunani ku rutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo. Mumaze kuganira mu ncamake ku turorero twatanzwe mu kiganiro, nubaze abamamaji bavuge ingene berewe mu kwereka abandi bantu ayo mavidewo.
Imin. 15: Twoba “[Tuba]ho Twisunga Ukwizera Ivyo Imana Yasezeranye” nka Nowa? Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1999 urupapuro rwa 3-6, canke aho amavidewo aboneka, nimurabe ahavuga ngo: “Umuntu Wese Arashobora Kwigira Kuri ya Videwo Ivuga ngo: Noé: il marchait avec Dieu. (Nowa Yagendana n’Imana).” Nimuce mutangura kuganira n’abumviriza ivy’iyo videwo ya Nowa, mukoresheje gusa ibibazo vyatanzwe mu ruzitiro ruri kuri uru rupapuro. Mu kwezi kwa Ndamukiza tuzokwihweza ividewo ivuga ngo: Young People Ask—How Can I Make Real Friends? (Abakiri Bato Baribaza—Noshobora Gute Kugira Abagenzi Beza?)
Ururirimbo rwa 25 (204) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 4 Ntwarante
Ururirimbo rwa 1 (13)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 12: “Nufashe Abandi Bacike Abakunzi b’Imana.”d Nushiremwo umwerekano mugufi w’ukuntu umuntu yotanguza Inyigisho ya Bibiliya muri ako gatabu.
Imin. 12: Nukoreshe Igitabu Ubumenyi mu Gutanguza Inyigisho. Mu kwezi kwa Ntwarante twipfuza kugira akigoro kadasanzwe ko gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Muri make, nuvuge ivyabonywe biri mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Myandagaro 1998 urupapuro rwa 4, ingingo y’8. Nimba hari uwuherutse gutanguza inyigisho ya Bibiliya mu gitabu Ubumenyi, niyigane ukuntu ivyo yabishitseko. Niwibutse umuntu wese “Inama Tugirirwa mu Gushikiriza Igitabu Ubumenyi,” dusanga mu nyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 2002. Ukoresheje ico gitabu, nimugire umwerekano ukoresheje imwe muri izo nama twagiriwe ziri ku rupapuro rwa 6 rw’iyo nyongera musi y’ahavuga ngo: “Kuganiriza mu Buryo Burashe.”
Imin. 16: “Ni Kuki Woguma Wamamaza?”e Nusozere mu kubaza ibibazo umwamamaji umwe canke babiri bagumye bamamaza mu kiringo c’imyaka myinshi. Nubasabe bavuge inyiyumvo bafise zatumye bakomera ku muheto muri ico gikorwa n’ukuntu bavyungukiyeko.
Ururirimbo rwa 26 (212) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.