ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/02 rup. 8
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 1/02 rup. 8

Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Nzero

“Woba wibaza igituma abantu bamwebamwe basa n’abifitiye ubuzima bworoshe mu gihe abandi bagwa bavyuka kugira bashobore kubaho? Bibiliya irafise ico ibivugako. [Soma Yobu 34:19.] Muri iki kinyamakuru harasigurwa ukuntu Imana igabiye gukuraho ugutandukanya abantu hishimikijwe inzego barimwo mu kibano.”

Réveillez-vous! 8 Nzero

“Twese turazi ivya ya makuba yabaye kw’isi akayihindisha agashitsi. Kuva aba, abantu barakeneye guhumurizwa no gufashwa bimwe bishika kure. Kimwe mu bintu iki kiganiro gisigura harimwo ibintu Ivyabona vya Yehova bakoze kugira bafashe abarokotse, abakozi bajejwe ivyo gutabara be n’ababuze ababo.”

Umunara w’Inderetsi 15 Nzero

(mu Gifaransa)

“Abantu benshi barakoresha ibishusho mu gusenga kwabo. Wibaza yuko mwene ivyo bintu vyoba bifise ubushobozi bwo kubakiza? [Numureke yishure.] Ndakwinginze urabe ico Imana y’ukuri izokora ku bwacu. [Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.] Imana yonyene y’ukuri ni yo yoshobora gushitsa ivyo. Iki kinyamakuru kirerekana iyo Mana iyo ari yo be n’ukuntu dushobora kwungukira ku kuyizigira.”

Réveillez-vous! 22 Nzero

“Turashobora gufata minenegwe kubona dufise uburaro. Ariko impunzi amamiliyoni kw’isi yose zirangara zitagira gitabara, ntizigere zironka umutekano zirondera. Iyi Réveillez-vous! irasuzuma igituma iyo ngorane iriho hamwe n’umuhango uvugwa muri Bibiliya w’uko umusi uri izina umuntu wese azoba afise i muhira iwe yiganzira.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika