ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/01 rup. 1
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2002

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2002
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ingene twungukira kw’Ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 12/01 rup. 1

Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2002

1 Ububasha bwo kuvuga abenshi babufata nk’aho ari ikintu gisanzwe. Ariko rero, ukuvuga ni ingabirano iva kuri Yehova. Gutuma duseruranira akari ku mutima n’abandi kandi tugaserura ivyiyumviro vyacu n’inyiyumvo zacu. Ikiruta vyose, biciye ku kuvuga turashobora gushemeza Imana yacu.—Zab. 22:22; 1 Kor. 1:4-7.

2 Abagabo, abagore n’abana baramenyerezwa uburyo bwo kumenyekanisha izina rya Yehova mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. (Zab. 148:12, 13) Porogarama y’iryo shure yo mu 2002 ihetura urutonde runini rw’ibiganiro vyo muri Bibiliya bishobora kutwungura ubwacu kandi tukanabikoresha mu busuku. Turashobora kwongereza ubumenyi bwacu n’ubuhanga bwacu bwa bigisha b’Ijambo ry’Imana biciye ku kwitegurira iryo shure be no mu kurigiramwo uruhara.—Zab. 45:1.

3 Soma Bibiliya ku Musi ku Musi: Igihe twokwama twibangikanije Bibiliya, turashobora kutagisha akaryo na kamwe turonse ko kuyisoma. Benshi muri twebwe usanga dufise iminuta mikeyi isaguka ku kiringo c’umusi dushobora gukoresha muri ubwo buryo. Ese ukuntu ari ngirakimazi gusoma n’imiburiburi urupapuro rumwe ku musi, ivyo bikaba bikwiye kugira umuntu agume ajana na porogarama yo gusoma Bibiliya iri ku rutonde rw’ishure!—Zab. 1:1-3.

4 Ububasha bwo gusoma Bibiliya neza burashobora kudufasha gukora ku mutima w’abatwumviriza kandi bukabakaburira gushemeza Yehova. Abavukanyi bashikiriza Ikigabu No. 2 mw’ishure bakwiye kwimenyereza, bakimenyereza, bakimenyereza gusoma ikigabu bahawe n’ijwi ryumvikana. Umucungezi w’ishure akwiye kubakeza kandi akabaha inama z’ukuntu boryohora ugusoma kwabo.

5 Dukoreshe Ibindi Bitabu: Ikigabu No. 3 na No. 4 bishingiye ku gitabu Inkuru zanje za Bibiliya, Umuntu Ahambaye hamwe na Abahurikiye Hamwe. Abavukanyikazi bakwiye guhitamwo ikiringo bafatirako kijanye n’icibare. Umucungezi w’ishure akwiye gutega yompi canecane ukuntu bigisha be n’ukuntu bakoresha Ivyanditswe.

6 Ese Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ryodufasha twese kubandanya gukoresha ingabirano twahawe n’Imana y’ukuvuga, kugira tumenyekanishe inkuru nziza twongere dushemeze Imana yacu ihambaye, Yehova!—Zab. 34:1; Ef. 6:19.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika