Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 15 Muny.
“Turakunda kwumva imvugo ngo ‘Yesu yaradupfiriye.’ [Nusubiremwo ibiri muri Yohana 3:16.] Woba umaze kwibaza ingene urupfu rw’umuntu umwe rushobora kudukiza twese? [Nureke yishure.] Bibiliya iratanga inyishu yoroshe. Iki kiganiro kivuga giti: ‘Ni Gute Yezu Akiza?’ kiragisigura neza.”
Réveillez-vous! 22 Muny.
“Abantu boba bariko barakora ibishoboka vyose kugira bakingire ibidukikije? [Nureke yishure.] Benshi baribaza nimba ubuzima buzoguma bushoboka kw’isi ibihe bidahera. Duhiriwe duhishije, Imana iravyitwararitse rwose. [Soma Nehemiya 9:6.] Iki kinyamakuru Réveillez-vous! kivuga ivya kazoza k’ubuzima kw’isi.”
Umunara w’Inderetsi 1 Kig.
“Muri iki gihe c’umwaka, abantu benshi usanga bahanahana amaturo kandi bagakora n’ibindi bikorwa biranga ubugwaneza. Ivyo bituma umuntu azirikana kuri rya Tegeko ry’Agakura. [Soma Matayo 7:12.] Wibaza none yuko bishoboka ko umuntu abaho yisunga iryo tegeko mu kiringo c’umwaka wose? [Nureke yishure.] Iki kinyamakuru kiratanga ivyiyumviro vyinshi bituma tuzirikana muri iki kiganiro kivuga giti: ‘Itegeko ry’Agakura—Ryoba Rikiri Ngirakimazi?’ ”
Réveillez-vous! 8 Kig.
“Bibiliya idusezeranira yuko umusi umwe ata muntu azovuga ati: ‘Ndarwaye.’ [Soma Yesaya 33:24.] Ku bijanye n’uwo muhango, iyi nomero ya Réveillez-vous! ishimika ku ndwara zisinzikaje abantu amamiliyoni, abato n’abakuze. Gifise umutwe uvuga ngo ‘Icizigiro ku Basinzikajwe n’Indwara ya Arthrite.’ Ndazi neza ko uzosanga ibi biganiro bikumenyesheje ibintu vyinshi.”