ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/01 rup. 5
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 11/01 rup. 5

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro bizoshikirizwa muri Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera. Niba abantu baramaze kubironka, igitabu L’humanité à la recherche de Dieu canke ikindi gitabu ca kera birashobora gushikirizwa. Kigarama na Nzero: Ako ari ko kose mu dutabu tw’impapuro 32 dukurikira koshobora gukoreshwa: Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?, Dieu se soucie-t-il vraiment de nous?, Doit-on croire à la Trinité, Intwaro Izozana Iparadizo, Iyo Uwo Wakunda Apfuye, Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare!, Le nom divin qui demeure à jamais, Quel est le but de la vie?—Comment le découvrir? hamwe na “Voici, je fais toutes choses nouvelles.” Udutabu Connaîtrons-nous un jour un monde sans guerre?, Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kudufasha Canke kudutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?, Nos problèmes—qui nous aidera à les résoudre? hamwe na Un livre pour tous, twoshobora gutangwa aho bibereye. Ruhuhuma: La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création, Révélation—le grand dénouement est proche! canke ikindi gitabu cose ca kera c’impapuro 192 coba kiri mu bubiko bw’ishengero.

◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi muntu yagenywe na we akwiye gukenguza amakonte y’ishengero ku wa 1 Kigarama canke vuba bishoboka inyuma y’aho. Ivyo bimaze kugirwa, mubitangarize ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira imaze gusomwa.

◼ Amashengero akwiye gutangura kugira komande y’igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 2002, akagisabira hamwe n’ibisohokayandikiro asaba muri Munyonyo. Ico gitabu Annuaire kizoboneka mu Carabu, mu Congereza, mu Gishinwa no mu Gifaransa. Mu kurindira ko ico gitabu Annuaire kiboneka hanyuma kikarungikwa, kuri komande y’ishengero hazokwandikwako ngo “Ibikirindiriye.” Ibitabu Annuaire ni ibitabu bisabwa mu buryo budasanzwe.

◼ Abifatanya n’ishengero bakwiye gusaba abonema zose nshasha z’Umunara w’Inderetsi be na Réveillez-vous! canke bakazivugurura, harimwo n’abonema bagirisha kw’izina ryabo bwite, biciye kw’ishengero.

◼ Ibiro vy’ishami si vyo vyuzuza ifomu y’ugusaba ibisohokayandikiro bisabwa n’umwamamaji umwumwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko itangazo ryogirwa ku kwezi ku kwezi imbere yuko ifomu y’ugusaba ibisohokayandikiro vy’ishengero ku kwezi ku kwezi irungikwa ku biro, kugira abo bose bipfuza kuronka ibisohokayandikiro ku gatwe kabo bashobore kwitura ku muvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabinginze mugume mwibuka ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.

◼ Umunara w’Inderetsi ubu uraboneka mu ndome nininini mu Gishinwa Coroshe (Pinyin) no mu Giswahili.

◼ Kuva mu ntango y’indwi itangura ku wa 3 Kigarama 2001, ca gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose kizokwigwa mu Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Iyi nomero y’Igikorwa Dukorera Ubwami irimwo urutonde rw’iyo nyigisho. Urashobora kugira fotokopi yarwo maze ukayishira mu gitabu cawe kugira ngo uzoze arayibona bitakugoye. Ubuyobozi bw’ukuntu intangamarara y’ico gitabu izokwigwa birasobanuwe mu ngingo ya 5 ku mutwe uvuga ngo “Kwiga Igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose” uri ku rupapuro rwa 1 rw’iyi nomero y’Igikorwa Dukorera Ubwami.

◼ Ibisohokayandikiro bishasha biboneka muri Dépôt y’i Bujumbura:

Comment raisonner à partir des Écritures—mu Gifaransa

Iyi Si Yoba Izorokoka? (T-19)—mu Kirundi

Kuba kw’isi ibihe bidashira mu gahimbare—mu Kirundi

Les jeunes s’interrogent: Réponses pratiques—mu Gifaransa

Ni Nde vy’Ukuri Atwara Isi? (T-22)—mu Kirundi

Nuhimbarwe mu Mubano wo mu Rugo (T-21)—mu Kirundi

Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya—mu Kirundi

Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose—mu Kirundi

Yehova Ni Nde? (T-23)—mu Kirundi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika