“Mpagarara Nshikamye! Mpagarara Nshikamye! Mpagarara Nshikamye!
1 Ayo ni amajambo y’Umukirisu umwe w’umwizerwa, yarokotse bwa bwicanyi bw’ikivunga bwo ku Ntwaro y’Abanazi. Arumvikanisha umwiyemezo wa vya Vyabona ibihumbi n’ibihumbi bari biyemeje kwumira ku vyo bemera, bamwe muri bo bakaba bakiri bazima abandi bakaba barapfuye. (Ef. 6:11, 13) Inkuru yabo y’inkoramutima yerekeye uburindutsi n’intsinzi ikomeye bagize, iravugwa muri ya videwo ikora ku mutima yitwa La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova Bahanganye n’Uruhamo rw’Abanazi). Abo mw’ishengero bose barahimirijwe kuyirorera maze babwirane uko bayibonye be n’inyiyumvo bagize.
2 Zirikana ibi bibazo: (1) Ni imvo izihe zatumye Ivyabona vya Yehova bafata impagararo rugabo ku Banazi? (2a) Ni ivyiyumviro ibihe vyari bihari mu bijanye no kuramukanya, kandi kubera iki? (2b) Ivyo vyagize ico bikora gute ku miryango y’Ivyabona? (3) Ni Ivyabona bangahe batwawe mu makambi y’itunatuniro, kandi bamenyekanishwa n’iki, vyongeye igipolisi ca Gestapo cabafashe gute? (4) Ni ibiki abavukanyi bacu batemeye gukora kugira ngo babohorwe? (5a) Ni mu buryo ki Ivyabona vya Yehova biyamirije bashize amanga amabi y’ubuyobe yakorwa n’intwaro ya Hitler, kandi babigize ryari? (5b) Hitler yavyakiriye gute? (6) Ni mu buryo ki ubumwe bw’abasavyi ba Yehova bwagaragaye ko bubarokorera ubuzima bukongera bukaburokorera n’abandi, mu buryo bw’umubiri no mu bw’impwemu? (7) Ni ururirimbo rw’Ubwami uruhe rwandikiwe mw’ikambi rimwe ry’itunatuniro? (8) Ni uburorero ubuhe bw’abizerwa b’abagabo, abagore, n’abakiri bato butuma wumva woguma uri intadohoka kuri Yehova, naho woshikirwa n’ibiki? (Raba kandi Annuaire 1999, urupapuro 144-147.) (9) Bwa Cabona ca Yehova, wewe iyo videwo ituma wiyumva gute ku vyerekeye ukutaba uw’isi?
3 Akarorero keza k’lvyabona vya Yehova kerekanywe muri iyo videwo karashobora gufasha abakiri bato, mbere n’abatari Ivyabona, guhangana n’ibibazo bihambaye nk’ugukumirwa, akosho k’urunganwe, hamwe n’ibisaba gukoresha ijwi ryo mu mutima. Nimba ukiri muto ukaba uri mu mashure yisumbuye canke muri kaminuza, woba ushobora guha abigisha bawe akaryo ko gukoresha iyo videwo mw’ishure? Kumbure urashobora kubaha ikopi yayo nimba iboneka, ukayibabwira bwa nkuru ya kahise itazwi cane, canke bwa kiganiro kirimwo icigwa.
4 Iyo videwo ni igikoresho ntangere co kwerekana ingene inyigisho iva ku Mana iduha inkomezi zo mu vy’impwemu kugira ngo dushimishe Imana, mu kuguma dushikamye ku bigororotse. (1 Kor. 16:13) Nituyereke n’abo bose bashimishwa n’ukuri.