Hoba Hari Ibitabu vy’Umwaka Bibuze mu Bubiko Bwawe?
Igitabu cose c’Umwaka c’Ivyabona vya Yehova (Annuaire des Témoins de Jéhovah) ni icegeranyo c’agaciro ntangere c’inkuru ziryoshe gusoma. Amaraporo aremesha yerekeye igikorwa c’ukwamamaza ivy’Ubwami avuye hirya no hino kw’isi, aratuma turushiriza kwizigira ubuyobozi bwa Yehova, uburinzi bwiwe hamwe n’imihezagiro atanga. Turafise ibitabu vy’umwaka mu Congereza, vyo mu myaka y’1991, 1992, 1993, 1995, n’2000. Ivy’Igiswahili bihari ni ivy’imyaka y’1990, 1992, n’1994. Ivyo bitabu vy’umwaka birimwo kahise k’igikorwa c’ivy’Ubwami mu turere tw’ibihugu vy’Amazinga ya Salomo, Barbade, Chypre, Danemarike, Equateur, Gwadelupe, Hawayi, Honduras, Madagasikari, Maleziya, Megizike, Otirishe, Repubulika ya Tchèque, Tayilande, Ubusuwedi, hamwe n’Ubwongereza. Igitabu c’umwaka co mu 1992 c’Icongereza hamwe n’ico mu 1994 c’Igiswahili birimwo kahise gakabura k’igikorwa c’ivy’Ubwami mu Burundi, muri Djibouti, Eritreya, Etiyopiya, Kenya, mu Mazinga ya Seychelles, mu Rwanda, muri Somaliya, Sudani, Tanzaniya, Uganda, na Yemeni. Ni kuki utosuzuma kugira ngo urabe ko hoba hari ibitabu vy’umwaka bibuze mu bubiko bwawe bw’ibitabu? Umucungezi w’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi arakwiye na we nyene gusuzuma ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami. Abamamaji abo ari bo bose canke amashengero yipfuza ivyo bitabu vy’umwaka, ubu yoshobora kubisaba biciye ku wujejwe ibisohokayandikiro mw’ishengero.