Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
Indwi Itangura ku wa 11 Ruheshi
Ururirimbo rwa 11 (85)
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be n’amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Aho bishoboka, nuremeshe umwe wese kuraba ya videwo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova Bahanganye n’Uruhamo rw’Abanazi) mu kwitegurira ikiganiro co kw’ikoraniro ry’umurimo ryo ku ndwi itangura ku wa 25 Ruheshi. Mu mashengero aho iyo videwo itaboneka, kuri iyo ndwi bazosuzuma ikiganiro kivuga ngo: “Ingene Woronka Icizigiro Uri mu Mwiheburo” kivuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 1997 mu Gifaransa, urupapuro rwa 22-25.
Imin. 15: “Nitugume ‘Dukora Ivyiza.’ ” Insiguro iremesha ishingiye ku Vyanditswe ishikirizwa n’umukurambere.
Imin. 20: “Nushikire Umutima w’Uwo Mwigana Bibiliya.”a Nushiremwo inama ngirakimazi z’ukuntu wofasha abantu bashasha gutsimbataza ukwizera n’urukundo bafitiye Yehova na Yezu mu mitima yabo. Nukoreshe ivyiyumviro nyamukuru biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 1999, urupapuro rwa 14, ingingo ya 18-20.
Ururirimbo rwa 22 (130) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 18 Ruheshi
Ururirimbo rwa 20 (93)
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu be na raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 10: Ukuntu Wokwishura Amajambo Yohava Ahagarika Ikiyago. Uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze “Insasanuro” ziri mu gitabu Comment raisonner, urupapuro rwa15-16. Ku rupapuro rwa 16-20, nurobanure amajambo amwamwe yohava ahagarika ikiyago mwahuye na yo mu cibare canyu. Nusabe abumviriza bigane ivyo bokwishura bakaroranirwa kuri abo bantu, n’igituma.
Imin. 30: “Woba Ushobora Kwitanga?” Insiguro iremesha irimwo n’insasanuro z’abumviriza mu nyishu ziteguwe ku bibazo vyo mu ngingo ya 13 no mu ya 18-24. Nuremeshe abavyeyi gufasha abana babo kubona umurimo wo kuri Beteli nk’igikorwa bokora mu buzima bwabo. Nubasabe yuko boza barabishiramwo mu nyigisho bagira mu muryango.
Ururirimbo rwa 12 (113) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 25 Ruheshi
Ururirimbo rwa 7 (51)
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nimwihweze ibisohokayandikiro bizoshikirizwa mu kwezi kwa Mukakaro na Myandagaro. Nushimike ku dutabu tubiri mufise mu bubiko. Nimugire umwerekano wateguwe neza w’ukuntu mwoshikiriza utwo dutabu mu busuku. Ku vy’inshikirizo twagiriwe inama, raba urupapuro rwa nyuma rw’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nzero 1996, Ruhuhuma 1996, Myandagaro 1996, Nyakanga 1996, Mukakaro na Myandagaro 1997 (mu Gifaransa), be na Mukakaro na Myandagaro 1998. Nimwihweze kandi Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 10: “Ikete Rivuye ku Nama Nyobozi.” Risomwe n’Umucungezi Muhagarikizi.
Imin. 20: “Mpagarara Nshikamye! Mpagarara Nshikamye! Mpagarara Nshikamye!” Guhana ijambo n’abumviriza kuri ya videwo La fermeté des Témoins de Jéhovah face à la persécution nazie (Ugushikama kw’Ivyabona vya Yehova Bahanganye n’Uruhamo rw’Abanazi), mu gukoresha ibibazo biri ku ngingo ya 2. Maze nimwihweze ingingo ya 3-4. Aho bishobora kugirwa, nushiremwo itangazo riri ku rupapuro rw’7 ku vyerekeye iyo videwo ku barezi. Nusozere n’ivyabonywe biri muri Réveillez-vous!, yo ku wa 22 Munyonyo 1999, urupapuro rwa 31 mu Gifaransa. Mu kwezi kwa Myandagaro tuzosuzuma ivya ya videwo La Société du Monde Nouveau en action. Aho iyo videwo itaboneka, nimutegure insiguro ivuga ngo “Ingene Woronka Icizigiro Uri mu Mwiheburo” ivuye mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 1997 mu Gifaransa, urupapuro rwa 22-25.
Ururirimbo rwa 4 (43) n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 2 Mukakaro
Ururirimbo rwa 27 (221)
Imin. 13: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro z’ukwezi kwa Ruheshi. Nimwihweze ibiri mu kumba ahavuga ngo: “Hoba Hari Ibitabu vy’Umwaka Bibuze mu Bubiko Bwawe?” Nushikirize uduceduce tw’ivyabonywe two mu bitabu vy’umwaka (Annuaires) vy’imyaka ya 1992 na 1994 kugira ngo werekane agaciro k’ibirimwo. Nuremeshe abo bose badafise ivyo bitabu vy’umwaka mu bubiko bwabo kubisaba mu gihe bikiriho.
Imin. 15: Yemwe Rwaruka—Nimube Inkerebutsi mu Guhitamwo Akazi. Iki ni ica mbere mu bice bitatu vy’Ikoraniro y’Umurimo bizokwihweza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zijanye n’ukwiyongeza amashure. Abakirisu bamwebamwe bakiri bato bariko bakurikirana ivy’ubuzi bwo mw’isi biciye ku kwiga amashure ya kaminuza, na vyo bikagira ingaruka mbi kuri bo mu vy’impwemu. Iki gice ni ikiganiro kigirwa hagati y’abavyeyi n’umwana wabo akiri muto w’umuhungu canke w’umukobwa. Uwo murerwa ashitse aho ingingo ihambaye ikeneye gufatwa ku vyerekeye imigambi ya kazoza.
Naho bamwe boshaka gukurikirana ubuzi bubaha amahera, icubahiro canke amaraha mu buzima, uwo muryango usuzume muri Bibiliya kugira ngo barabe ico ihanura. (Raba Les jeunes s’interrogent, urupapuro 174-175 mu Gifaransa, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1997, urupapuro rwa 11-12, uwo ku wa 1 Nyakanga 1999, urupapuro 26-28, ingingo ya 1-3, n’iya 5-6.) Uwo murerwa aremera yuko ibiranga ubukerebutsi ari ugukurikirana ubuzima buzomufasha gushikira imigambi ya gitewokarasi kugira ngo ateze imbere inyungu z’Ubwami.
Imin. 17: “Nukerebukire Kurondera Abantu b’Ibitumva mu Cibare Cawe.”b Nubaze abumviriza nimba barahuye n’umuntu w’Ikitumva mu cibare c’ishengero ryanyu. Niwigane icabonywe kiri mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ntwarante 1998, urupapuro rwa 3, ingingo y’7.
Ururirimbo rwa 3 (32) n’isengesho ryo gusozera.
[Utujambo tw’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.
b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.