Twiyugunganye mu Buryo ‘Butunganye Kandi Buroranye’
1 Kugira ngo ihwaniro ry’intara rigende neza, hategerezwa kuba ugusenyera ku mugozi umwe. Urwego ruhagarikiye ihwaniro ruraringaniza ahagirirwa ikoraniro hameze neza rukongera rugatunganya ivy’uburaro. Abantu umwumwe ku giti cabo hamwe n’imigwi y’imiryango barategekanya ivy’ingendo hamwe n’ivy’uburaro. Kandi amashengero araja hamwe mu gukora avyishakiye, agatanga abokora mu nzego nyinshi zikenewe kugira ngo ihwaniro rigende neza. Intumbero ni iyo kugira ngo “vyose bitungane neza, birorane.”—1 Kor. 14:40.
2 Uko mukorera hamwe mufadikanije n’abajejwe gutunganya ivy’ihwaniro, muragumiza mu muzirikanyi yuko ukwitegura kumara amezi canke rimwe na rimwe imyaka, gukenewe. Abavukanyi amajana n’amajana baramara umwanya mwinshi kugira ngo ibintu bizoje mu buryo. Ivyo birimwo ugukotesha inyubakwa, gukorakoranya ibikoresho, hamwe no gutororokanya abakozi. Ukwo gutegura ibintu imbere y’igihe kuvamwo imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu kuri bose. Ni igiki dushobora gukora kugira ngo dusahirize?
3 Nitwemere Ivyaringanijwe mu Bijanye n’Uburaro: Birahambaye cane ko twese twemera ivyaringanijwe bijanye n’ihwaniro. Ivyo birakenewe canecane igihe turinganiza ivy’uburaro. Mu vy’ukuri ivyumba amajana n’amajana birakenerwa ku bw’ihwaniro rimwerimwe ryose. Abenshi mu bavukanyi bacu bafise uburyo buke kandi bakaba bategerezwa kuba mu vyumba canke mu ndaro z’amashure bitazimvye. Utwigoro duhambaye twaragizwe kugira ngo bashobore kuronka ibiciro vyiza bishoboka. Dutegerezwa kurimbura mu buryo buranga urukundo ivyo abandi bakeneye, kandi ‘ntitwiyumvire ivyacu gusa, ariko twiyumvire n’ivy’abandi.’—Flp. 2:4.
4 Twisunze inyobozo zijanye n’ivy’ihwaniro mu vy’ukuronka uburaro, bituma abo vyega bose bahungukira. Kwiyobagiza izo nyobozo biratera ingorane bidakenewe. Mu buryo ki? Igihe dukurikije izo nama, abo biraba baramenya imbere y’igihe igitigiri c’ivyumba bazigama, maze gutyo bakamenya abashitsi bazoronka. Ivyo birafasha mu vy’uguteganya ibintu, kandi bigashobora gutuma haba imigenderanire myiza izobandanya no mu myaka iri imbere.
5 Rimbura Ibi Bintu Vyiza Vyavuyemwo: Inyuma y’ihwaniro rimwe, hari umuyobozi w’ishure yavuze ati: “Narabonye yuko Ivyabona vya Yehova ari inzirabugunge vy’ukuri mu bintu vyose bakora. Igihe bacumbika mw’ishure ntwara, nta ngorane n’imwe bateye. Ahubwo, bigenjeje neza cane ku buryo ata nyubakwa bononye. Abana babo ntibirukanga mu kibuga. No hanyuma nzobakirana umunezero kuri iri shure.” Ese ukuntu vyoba ari akaroruhore mu gihe abo dukoteshako inyubakwa bose bobona ibintu vyiza nk’ivyo! Ese ukuntu ivyo vyoshinga intahe!
6 Umukuru w’amahoteri mu karere kamwe, igihe kimwe yavuze ati: “Sinibaza ko nigeze kubona umugwi munini gutyo ugaragaza ivyo wemera mu buryo bwiza igitangaza nk’Ivyabona vya Yehova. Turizigiye ko muzogaruka.” Ayo majambo agaragaza yuko kwigenza neza biteza umutima twebwe gusa, ariko kandi ko vyeza umutima benshi mw’isi batwitegereza.
7 Uburyo Nyamukuru Dushobora Gufashanya: Hariho ibintu bisanzwe dushobora gukora kugira ngo dukurikize indinganizo zerekeye ihwaniro zijanye n’ukubikisha uburaro, niba utegekanya kuzoba kw’ihoteri. (1) Ntubikishe ivyumba vy’ihoteri birenze ivyo utegekanya gukoresha. (2) Nurungike igitigiri c’amahera kibereye co kubikisha icumba cawe biciye ku Rwego Rujejwe Uburaro rwo kw’ihwaniro ushaka kwitaba. (3) Ntihagire igikoresho na kimwe co kw’ihoteri ukoresha nabi. (4) Ibuka yuko bene amahoteri bitega mu buryo bukwiriye yuko dukurikiza amabwirizwa bashinga.
8 Kubera turi abasavyi ba Yehova, turafise akaryo ko kugaragaza kamere ziwe mu vyo dukora vyose. Ivyo birimwo kugira indinganizo zerekeye amahwaniro be no kuyitaba, aho izina ry’Imana riserurwa. Niwibuke yuko “Imana atar’iy’umuvurungano.” (1 Kor. 14:33) Nimuze rero twiyemeze yuko abatwitegereza bose botahura iyo kamere ya Yehova biciye ku vyo babona muri twebwe, ni ukuvuga uko twigenza mu gihe dutegekanya ibijanye n’Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana,” twongere turyitabe. Ese abatwitegereza bafise umutima nzirabugunge boshika ku gutahura yuko amasinzi akoraniye hamwe ya Yehova bungunganijwe ‘mu buryo butunganye kandi buroranye.’—Zab. 68:26.