ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/01 rup. 2
  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Udutwe
  • Indwi Itangura ku wa 14 Rusama
  • Indwi Itangura ku wa 21 Rusama
  • Indwi Itangura ku wa 28 Rusama
  • Indwi Itangura ku wa 4 Ruheshi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 5/01 rup. 2

Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo

Indwi Itangura ku wa 14 Rusama

Ururirimbo rwa 20 (93)

Imin. 6: Amatangazo y’iwanyu be n’amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nimwihweze umutwe uvuga ngo “ ‘Ubu Ni bwo Buzima Budahera.’ ”

Imin. 9: Ni Ibiki Utegekanya Kugira mu Mezi Azoberamwo Ihwaniro? Umukurambere canke umukozi w’ishengero ari kumwe n’umuryango wiwe baganire ku vyo bategekanya kugira mu mezi azoberamwo ihwaniro. Bavugane ivyerekeye kwitaba ibiringo vyose vy’ihwaniro ry’intara, gukora ubutsimvyi bwo gufasha, kumbure no gufata imisi y’akaruhuko ku kazi maze babone kwisamaza. Bose bemeranye yuko badashaka gufata minenerwe ibikorwa vya gitewokarasi nko kwitaba amakoraniro y’ishengero, kugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, no kugira inyigisho yabo ya Bibiliya y’umuryango, naho boba bafashe urugendo bakaja ahandi hantu. Bazoraba neza yuko batanze raporo yabo y’igikorwa co mu ndimiro ku munyamabanga badatevye, baba bari i muhira canke atariho bari.

Imin. 14: “Amahwaniro Ni Igihe c’Umunezero!” Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Nusigure igituma imitororokano mininIminini y’abasavyi ba Yehova yagirwa mu bihe vya Bibiliya be n’igituma ikiri nzanakunguko no muri iki gihe nyene. Ivyo bihe biratuma twifatanya n’abandi bimwe bikomeza kandi bikaturonsa imfungurwa ngirakamaro z’ivy’impwemu. Nushimike ku kamaro k’uko umwe wese yokwitaba ihwaniro ry’intara imisi itatu yose.

Imin. 16: “Twiyungunganye mu Buryo ‘Butunganye Kandi Buroranye.’ ”a Dondora bimwebimwe mu vyatunganijwe bitegerezwa kugirwa kugira ngo ihwaniro rize rigirwe. Nushimike ku kamaro k’ugukurikiza mu buryo bwuzuye uburyo bwashinzwe bwo gukora ibintu kugira ngo tuhungukire. Nimwihweze uburyo twese dushobora kwerekana ukwubaha kubereye maze tukirinda ingorane bidakenewe.

Ururirimbo rwa 4 (43) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 21 Rusama

Ururirimbo rwa 12 (113)

Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.

Imin. 17: “Nutege Yompi Wongere Wakire Izindi Nyigisho.” Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriji. Nusigure igituma inyigisho itangwa ku mahwaniro ari imfungurwa z’ivy’impwemu ngirakimazi dukeneye. Nuvuge ku vy’umwanya munini n’utwigoro twinshi bisabwa kugira ngo mwene iyo porogarama igirwe. Nusabe abumviriza bagire ico bavuga ku co umwe wese ashobora kugira ngo arabe neza yuko we be n’abandi bayungukirako bimwe vyuzuye. Nushimike ku mvo zituma twese dukwiye kuba turi mu bibanza vyacu igihe ikiringo kimwekimwe cose gitanguye.

Imin. 18: “Nidukore Ivyiza Duheze Dushimwe!”b Nusigure igituma dukwegera ivyiyumviro vy’abantu ukuraho igihe twitaba ihwaniro rinini. Amajambo atuvuga neza y’abatwitegereza arongereza ugushinga intahe y’ivy’Ubwami, mu gihe ayatuvuga nabi ashobora gutuma abantu badutera ibitugu. Nushire ahabona ibintu bitomoye dukwiye gukora kugira ngo tugaragaze yuko dufise kamere za gikirisu harimwo n’ukwitwararika abandi vy’ukuri.

Ururirimbo rwa 28 (224) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 28 Rusama

Ururirimbo rwa 11 (85)

Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse abamamaji gutanga raporo z’umurimo wo mu ndimiro z’ukwezi kwa Rusama. Nimwihweze ikiganiro kigira ngo “Urama Wibuka Ibinyamakuru!” Nuvuge igitigiri cose hamwe c’ibinyamakuru vyatanzwe n’ishengero mu kwezi guheze. Ico gitigiri kimeze gute mukigereranije n’igitigiri c’ibinyamakuru mwahawe na Sosiyete? Nimba hariho itandukaniro rinini, ni igiki gikwiye gukorwa? Nuremeshe abagirishije bose abonema ntibareke ngo abonema zabo z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous zirangire.

Imin. 13: Inyishu ku Bibazo Vyanyu n’Udukuru twa Gitewokarasi.

Imin. 17: “Ijambo ry’Imana . . . Rifise Ubukuba.”c Nushiremwo imyerekano ibiri yateguwe neza, yerekana ingene inshikirizo ngufi zishobora gukwegera ivyiyumviro kw’Ijambo ry’Imana.

Ururirimbo rwa 5 (46) n’isengesho ryo gusozera.

Indwi Itangura ku wa 4 Ruheshi

Ururirimbo rw’8 (53)

Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu n’ivyabonywe mu murimo wo mu ndimiro.

Imin. 15: “Nugire Uruhara mw’Iyimbura Bimwe Vyuzuye.”d Igihe uvuga ibiri mu ngingo ya 4, nushiremwo akarorero kari mu Munara w’Inderetsi wo ku 1 Gitugutu 1996 urupapuro rwa 16-17 ingingo ya 10 kerekana ico bamwe bariko barakora kugira ngo bagure ubusuku bwabo.

Imin. 18: “Twarahetuye Icibare Cacu Incuro Nyinshi!”e Gishikirizwe n’umucungezi w’umurimo. (Amashengero afise icibare gikorwamwo gake arashobora gusubiramwo ikiganiro kivuga ngo “Ibinyamakuru Biratangaza Ubwami” co mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 1998.) Nuvuge icoshobora gukorwa iwanyu mu kurushiriza guhetura icibare mu buryo bwimbitse. Niwigane ivyabonywe biri mu gitabu c’umwaka (Annuaire) co mu 1997 ku rupapuro rw’204, no mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1996 ku rupapuro rwa 26. Nushimike ku kamaro ko kwama tugira utwo twanditse neza igihe dukora inzu ku nzu, tugakurikirana abo tutasanze ku muhana, kandi tugasubira kubagendera tudatevye.

Ururirimbo rwa 29 (222) n’isengesho ryo gusozera.

[Utujambo tw’epfo]

a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

b Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

c Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

d Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

e Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika