Nube Umwumviriji Mwiza
1 Bisaba ukwigumya kugira ngo umuntu yumvirize neza. Bisaba kandi ko umwumviriji agira icipfuzo co kwiga no kwungukira ku vyo yumvise. Ni co gituma Yezu yashimangiye ivy’uko bikenewe “[k]wiyuba[ra] uburyo mwumva.”—Luka 8:18, ni twe tubihiritse.
2 Ivyo bikora canecane igihe twitaba amakoraniro y’ishengero, amateraniro be n’amahwaniro. Ivyo ni ibihe dutegerezwa kwumviriza twitonze. (Heb. 2:1) Ngibi ivyiyumviro bimwebimwe bizogufasha kugira ngo ube umwumviriji mwiza kuri iyo mitororokano ya gikirisu.
◼ Nukenguruke agaciro k’amakoraniro. Ni uburyo bukomeye ‘twigishirizwamwo na Yehova’ biciye kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa.”—Yes. 54:13; Luka 12:42.
◼ Niwitegure imbere y’igihe. Nusubiremwo amayagwa aja kwihwezwa, kandi urabe neza yuko wazanye Bibiliya yawe be n’ibisohokayandikiro vyawe biza kwigwamwo.
◼ Mu gihe c’amakoraniro, nugire akigoro kadasanzwe ko kuyitunirako. Ukwiye kwirinda kuvugisha abo mwicaranye hamwe no kuraba ivyo abandi bo mu bumviriza bakora. Nugerageze kudasamazwa n’ukwiyumvira ivyo uza gukora ikoraniro riheze canke ivyerekeye ibindi bibazo vyawe bwite.
◼ Niwihweze ibishikirizwa. Niwibaze uti: ‘Ni gute ibi bindaba? Ni ryari nzobishira mu ngiro?’
◼ Niwandike muri make ivyiyumviro nyamukuru be n’imirongo y’ivyanditswe. Ivyo biragufasha gushira ivyiyumviro vyawe ku biriko birayagwa kandi bigaterera ku kwibuka ivyiyumviro nyamukuru uzokoresha hanyuma.
3 Niwigishe Abana Bawe Kwumviriza: Abana barakeneye amacishabwenge yo mu vy’impwemu. (Gus. 31:12) Mu bihe vya kera “[a]bafise ubwenge bgo kwumva [bose]” mu basavyi b’Imana babwirizwa gutega yompi igihe basomerwa Ivyagezwe. (Neh. 8:1-3) Igihe abavyeyi bitunira ku makoraniro kandi bagatega yompi cane, biboneka yuko abana babo bazogira nk’ukwo nyene. Ntibiranga ubukerebutsi kuzana ibikinisho canke ibitabu vyo gusigamwo amabara kugira ngo abana bagume bikinira. Ingendo zidakenewe bagira baja ku tuzu twa surwumwe na zo nyene zirababuza kwumviriza. Kubera yuko “ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana,” abavyeyi bakwiye kugira akigoro bashirutse ubute kugira ngo barabe yuko abana babo baguma bicaye kandi bakumviriza ku makoraniro.—Imig. 22:15.
4 Mu kuba abumviriji beza, turagaragaza yuko vy’ukuri turi inkerebutsi kandi yuko dushaka “[kw]unguk[a] ubgenge.”—Imig. 1:5.