Amakoraniro y’Umurimo Muri Myandagaro
Indwi Itangura ku wa 2 Myandagaro
Ururirimbo rwa 39
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nugire ico uvuze kuri raporo y’umurimo y’igihugu n’iy’ishengero ryanyu yo muri Ndamukiza. Remesha abamamaji bose kugira uruhara mu gikenurwa muri Myandagaro.
Imin. 17: “Niduhe Agaciro Kanini Izina ry’Akaroruhore rya Yehova.” Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nushimike ku vyanditswe vyasubiwemwo.—Raba igitabu Kubaho Ibihe Bidashira, urupapuro rw’184-185.
Imin. 18: “Kwiga Amashure n’Imigambi Yawe yo mu vy’Impwemu.” Sebibondo nayage n’umuhungu canke umukobwa wiwe kuri ico kiganiro. Nibihweze kandi amayagwa ajanye na co ari muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Kigarama 1995, urupapuro rw’7-11.
Ururirimbo rw’148 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 9 Myandagaro
Ururirimbo rw’138
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 12: Abatsimvyi Bafasha Abandi—Ni Iterambere Irihe Ryashitsweko? Insiguro n’ikiganiro co kubaza ibibazo birongorwa n’umucungezi w’umurimo. Nimwihweze amabwirizwa yatanzwe mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1998, urupapuro rwa 4. Nimwigane ukuntu ivyo vyatunganijwe aho iwanyu, kandi muvuge iterambere abo bafashijwe bagezeko muri iki gihe. Nubaze ibibazo umutsimvyi umwe canke babiri be n’abamamaji bamwebamwe bungukiye ku mfashanyo yabo. Nuremeshe abagiye gufashwa ntibagishe na gato iyo ndinganizo.
Imin. 25: “Ubu Woba Wugururiwe Urugi rwo Gukora Ubutsimvyi?” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu kiremeshwa n’umukurambere. Mu buryo bujijura, niwerekane ukuntu bishoboka ko abamamaji benshi kuruta bakora ubutsimvyi. Nubaze ibibazo abatsimvyi bigane, bishimikije ivyo biboneye ubwabo, ukuntu bashoboye gusimba intambamyi zikunda kubaho maze bakaroranirwa. Nimwihweze “Intonde z’Ubutsimvyi bw’Intahorereza zo Kurabirako,” mushimike ku vy’uko umuntu yiyungunganije neza ashobora gushikira amasaha asabwa. Nutangaze yuko uwipfuza kuronka ka gafomu ko gusaba ubutsimvyi ashobora kukaronka inyuma y’amakoraniro.
Ururirimbo rw’202 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 16 Myandagaro
Ururirimbo rw’131
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Hasigaye amayinga abiri gusa ngo ukwezi kwa Myandagaro kurangire. Ni uko rero remesha umwe wese kugira uruhara mu gikenurwa imbere y’uko ukwezi kurangira. Nimwihweze “Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe.”
Imin. 15: “Twari Dukwiye Kuba Abigisha, Ntitube Gusa Abakwiririji.” Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami yo muri Nzero 1998. Nucishemwo ko muri iyi misi iheruka umurimo w’ukurongora inyigisho za Bibiliya wagabanutse. Abantu bo mu karere twakebewe baracashimishwa. Dukwiye gukora uko dushoboye kugira tubafashe.
Imin. 20: Woba Uriko Ugira Uruhara mu Guhindura Abantu Abigishwa? Kuyaga n’abumviriza. Turavye igitigiri kinini c’ibisohokayandikiro bishikirizwa abantu, intumbero yacu ikwiye kuba iyo gutanguza inyigisho za Bibiliya kugira ngo dushobore kubafasha kwungukira ku bisohokayandikiro baronka. Nusabe abamamaji bagire ico bavuga ku ngorane zibabuza kurongora inyigisho nyinshi kuruta: (1) Biragoye kuronka abantu bashaka kwiga. (2) Abantu bamwebamwe berekana ko bashimishijwe bavuga yuko badashobora kwiga kubera ko bafise ibikorwa vyinshi. (3) Inyigisho imaze gutanguzwa, biragoye gutora uwo muntu i muhira kugira ngo inyigisho ibandanye idahorereza. Nugire ico uvuga no ku nyiyumvo abamamaji bamwebamwe bashobora kugira ku vyerekeye igikorwa co kurongora inyigisho ya Bibiliya: (1) ‘Numva ntashoboye kuba umwigisha.’ (2) ‘Nta mwanya mfise wo kurongora inyigisho uko umushamvu utashe.’ (3) ‘Ndatinya kwishinga uwundi muntu.’ (4) ‘Numva ata ngorane ihari ngize uruhara mu yindi mice y’igikenurwa.’ Nutange inama zijijura ku kuntu umuntu yosimba izo ntambamyi kugira ngo ubwiwe agire uruhara mu gikorwa co gihindura abantu abigishwa. Nusabe abamamaji baroranirwa bigane umunezero bakuye mu gikorwa co kurongora inyigisho za Bibiliya.—Raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 1998 ingingo ya 3-8, 15.
Ururirimbo rw’100 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 23 Myandagaro
Ururirimbo rwa 94
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 15: Fasha Abaheruka Gushimishwa Batahure Ubweranda bw’Umubano w’Abubatse. Umukurambere nayobore ikiganiro agirana n’abumviriza gishingiye ku gitabu Kutoa Sababu urupapuro rw’241-243. Turahura n’abubakanye bakiriza yompi ubutumwa bw’Ubwami mugabo ugasanga batihuta gutera imbere kubera yuko babana batabiranye mu buryo bwemewe n’amategeko. Nimuce irya n’ino ukuntu bofashwa gutahura igituma Abakirisu bakwiye gushigikira umubano uteye iteka. (Raba Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 1992, urupapuro rwa 26-27.) Nutange inama zerekeye ico dushobora kuvuga dukoresheje ubugenge kugira ngo dufashe abubakanye nk’abo kubona igituma badashobora kuba mu bagize ishengero gushika bandikishije umubano wabo mu buryo bwemewe n’amategeko.
Imin. 20: “Umubuda Uzomubwira Iki?” Hakoreshwe ibibazo n’inyishu. Mu turere ata Babuda benshi bariho, koreshe uwo mwanya mu kuyaga ibikenewe iwanyu. Kenshi turibaza ico twovuga igihe mu karere duhuye n’umuntu avuga ko ari mw’idini ritari iry’Abakirisu rifise ivyiyumviro, imigenzo n’imihamuro tutazi na gato. Iki kiganiro gitangurira urukurikirane rw’ibice bitanu vy’iki kiyago. Nimugire umwerekano w’inshikirizo wateguwe neza. Nimba mushaka kumenya ibindi ku Babuda, raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ntwarante 1998; Igitabu Kutoa Sababu, urupapuro rwa 21; n’igitabu L’Humanité à la recherche de Dieu, ikigabane ca 6.
Ururirimbo rw’133 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 30 Myandagaro
Ururirimbo rwa 99
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo yo muri Myandagaro. Abarongozi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero bakwiye kubaza umwumwe wese mu bakukira umugwi bayobora kugira ngo gushika ku wa 6 Nyakanga amaraporo yose abe yamaze guharurwa.
Imin. 17: Turakunda Abavukanyi Bacu. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere akaza kandi arahana ijambo n’abumviriza, bishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 1995, urupapuro rwa 26-27, ingingo y’7-11. Nushimike ku vyiza twese tuhakura igihe tumenyanye neza n’abavukanyi bacu tukaremeshanya tukongera tugafashanya kurinda ibigeragezo. Niwerekane ukuntu ivyo bishobora kugirwa ku rugero runini kuruta. Nusabe abumviriza bigane ivyabaye vyerekana ukuntu bejejwe umutima bakongera bagakomezwa n’indemesho ziranga urukundo bahawe n’abandi.
Imin. 18: Nutange Imvo y’Ivyizigiro Vyawe. Umukurambere abaze ibibazo umuyabaga w’intangakarorero umwe canke babiri biga mu mashure. Ntibasiba guhangana n’ibihe usanga urunganwe rwabo rwo mw’isi rushaka kumenya igituma imiyabaga yacu idashaka kwifatanya na bo mu vyo bakora. Naho urwaruka rwacu rutagisha utwo turyo kugira ngo basigure ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya, barakeneye gushikama ntibanyiganyige. Uwo mugwi uyage ingene bashobora kwishura mu gihe basabwe kunywa itabi canke gufata ibiyayura umutwe. Nimwihweze ivyiyumviro vyashikirijwe mu gitabu Vijana Huuliza, urupapuro rw’277-281. Sigura ukuntu gushigikira umwiyemezo wabo wo gukora ivyiza bibabera uburinzi kandi bigatanga icabona ciza.
Ururirimbo rw’129 n’isengesho ryo gusozera.